Intango

Turabahaye ikaze ku rubuga rw’Ishirahamwe SEQConsulting

Ishirahamwe SEQConsulting  ryavutse mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2020 igihe isi yari yugarijwe n’ikiza c’umugera wa CORONA. Ikiza ca CORONA-VIRUS catumye hahinduka uko abantu bari  bamenyereye gukora. Ubushobozi bw’ibikoresho nyabwonko bwararengewe n’ibikorwa bitewe n’uko abantu babwirizwa gukorera mu ngo zabo. Kurundi ruhande, amakenga yabaye menshi ku guhuza ubuhinga bwa none n’intambamyi zuko ivyo bikoresho nyabwonko bishobora guterwa n’ubundi buhinga (Virus) bugamije kubihungabanya.

Ivyo vyerekana ukuntu ubwo buhinga bubi bushobora no kugira nabi igihe budacunzwe mbere bugashobora no kubangamira ubuzima bw’ibikorwa  n’inyubako y’ubuhinga  bwa none mu mashirahamwe. Ariko kandi ivyo vyerekana ukuntu amashirahamwe afise amayeri y’ikoreshwa ry’ubuhinga ashobora gutezwimbere nabwo mugushigikira no muguhindura ubushobozi bwabwo bwo kw’irinda mu nyungu y’ihiganwa.

Ubwo buhinga rero bufise igikorwa gikomeye cane mu buzima bw’umuntu n’ivyiza vy’iryo terambere ridasanzwe, kugira ngo umuntu ashobore kunezererwa (kwishimira) n’ivyo vyiza bizanwa n’iryo terambere.

Ishirahamwe SEQConsulting rifasha ahanini mw’isuzuma ry’ibikoresho nyabwonko, bikoreshwa mw’itumatumanako ry’amakuru, na canecane hashobore gukosorwa amakosa yoba ari muri ubu buhinga.

Ibindi bintu ushobora kubariza mw’ishirahamwe SEQConsultingn nibi bikurikira:

  • Kuronka impanuro mu kugura no kugurisha ibikoresho bikurikira: Ama mashini nyabwonko, Imashini zisohora impapuro (Imprimante), ibiyo vya ma machine (ecrans), udukoresho dufasha mu kubika hamwe no gusohora inyandiko n’ibindi. (processeurs, puces)
  • Turatanga impanuro no kungura ubumenyi mu gukoresha imashine nyabwonko
  • Turungura ubumenyi mu bijanye no gukingira inyubako n’ibikoresho vyitumatumanako. (Réseaux, bases de données, blockchain, cloud)
  • Ibindi dukora: Turafasha dushingiye ku budandaji buganisha ku gushira uburyo bufasha ibikoresho canke igikoresho hamwe no gushigikira ikoreshwa ryavyo.
  • Turanga impanuro kandi mu bijanye n’ubutunzi z’ibungabungwa ry’impuza nzira (Conseil dans le domaine de l’économie des jetons de réseau)
  • Kwubaka inkino zikinigwa ku mbuga ngurukana bumenyi hamwe no kuwbaka izi imbuga (Développement des jeux et des sites Web)
  • Gufasha mu gisata co kw’igisha, kungura ubumenyi hamwe n’inama. (Services dans le domaine du coaching, formation, conférence … )
  • Turatanga amakuru y’akanovera kandi meza.

Ivyo bikorwa dukora birashobora kuzokwaguka muri kazoza.

Biciye ku rubuga rw’Ishirahamwe SEQConsulting, tuzoshiraho ikibanza co  ku menyekanisha ibintu bitandukanye dukora, aho abantu bari mu mihingo yose bashobora kurondera no gukura ubuhinga bushasha bwa none n’ingaruka zabwo ku buzima bw’abantu bo kw’isi yose.

Ivy’umwihariko tuzobikora mu buhinga bwa none, kugira ngo bishobore guteza imbere ubuzima bw’amamiriyoni y’abantu batagira uko bangana  baba muri Afirika yo munsi y’ubugararwa bwa Sahara.