Bukavu: Ubuhinga bugezweho, Urwaruka n’Inzego zirongoye ibikorwa vya reta.

Mu gisagara ca Bukavu hafatwa nk’umurwa mukuru wa Kivu nini “Grand Kivu”, uko umusi uhera niko hatakaza ubwiza n’igikundiro bivuye kubantu baje kuhaba bavuye ahahoze hitwa (Constermansville). Uko biri kose, Bukavu iguma ari ihuriro ry’ubumenyi kuko ariho hari inyubakwo zikomeye z’inyigisho, n’ukuvuga amashure mato mato, ayisumbuye na kaminuza.

Kukaba nkako, gushika mu mwaka w’1990, Bukavu yarakwega ba mukerarugendo (Ingenzi) n’abashitsi baturutse mu zindi ntara z’igize Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo hamwe  n’ibihugu bimwe bimwe bibanyi vyo mu karere k’ibiyaga binini. Inyuma y’imyaka mirongo itatu, ubwiza muri Bukavu bwarahindutse nabi bibabaje cane. Ku vyerekeye Ubuhinga bwa none mu kumenyekanisha no mu gutumatumanako amakuru (TIC), hari umunyeshure avyemezwa abivuga gutya : « Amashure yacu ntafise ibikoresho vy’ubuhinga bwa none bikwiye, n’abashoboye kuronka ivyo bikoresho baca bagira ikibazo co kubura umuyagankuba, ntamahitamwo yo gutora inyishu dufise murico gisata. Kw’ishuri ryisumbuye rya Cirezi, haciye imyaka itatu  turi muri izo ngorane». Ivyo bikaba vyavuzwe n’umunyeshure Jennifer Maliyetu, yiga mu mwaka wa gatatu mugisata ca  Sekeretariya (secretariat).

Muri ico gihe, urunganwe rw’abakiri bato bahurumbira cane ibijanye n’ubuhinga bwa none mu kumenyekanisha amakuru hamwe n’ubuhinga bugezweho. Alva-Ntyo Mihigo n’umuhinga yanonosoye ibijanye no gutumatumanako amakuru. N’umuyobozi w’ishirahamwe ritoya rimenyereye kwimura ibijanye n’ubuhinga bugezweho. Herton Pro n’izina ryiryo  shirahamwe rirongowe na Alva-Ntyo,  abicishije kuriryo shirahamwe ryiwe, arafise intumbero yo gushira ibikoresho vy’ubuhinga bwanone mu bibanza bikorerwamwo akazi kiwe.

Uwo musore akiri muto arongoye ishirahamwe ryiwe (entrepreneur), yifuza gufasha mu kwimura ivya kera mu buhinga bugezweho murico gisagara gifise abantu ugereranije bashobora kuba barenga k’umuriyoni harimwo n’urwaruka rugera ku bice 40 kwijana (40%) vy’urwaruka. Inyuma yo guheza  amashure yiwe mu gihugu c’Uburundi, Alva yifuza ko ubuhinga bugezweho aribwo bwohindura Kongo mu gushikira intwaro ibereye, iterambere ry’ubutunzi n’imibano.

Ariko intambamyi ziracari nyinshi  mu guteza imbere ubuhinga bwa none muri Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo (RDC.) Kuburinganire  burenga Imiriyoni zibiri n’ibice bine  (2,4) za kirometero kwadrato (Km2), uyu munsi imbuga ngurukanabumenyi ntizirenza ibice 40 kw’ijana (40 %)  kubutaka bwa Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo. Iyindi ntambamyi yo kuzana ubuhunga bugezweho, ni ukudashaka kw’abarongoye ama ONG hamwe n’abarongoye ama shirahamwe, bataritegura kwinjira mu gukoresha ubuhinga bugezweho, bakagira amakenga ko ubuhinga bwa none vyose bikorerwa mu muco.

Ikibazo co kubura amasoko ntanganguvu, nticorohereza iterambere ry’ubuhinga bugezweho muri Bukavu. Mu vyukuri, ibisagara vyinshi vyo mu gihugu ca Kongo bihura n’ingorane zo kubura umuyagankuba (amatara) hamwe no kubura umuhora ngurukanabumenyi (Connexion interineti). Ikindi kintu kidindiza guterimbere kubuhinga bugezweho i Bukavu, n’ukutavyumva kwabajejwe intwaro. Igiciro gisabwa kubazana umuhora ngurukanabumenyi (Connexion interineti)  uyu musi kigeze ku bihumbi mirongo itanu vy’ama dorari y’abanyamerika (50.000$), abazana imbuga ngurukanabumenyi nabonyene baca baduza ibiciro kandi umuguzi niwe ayariha kuko acagura ku biciro bizimvye.

Ibintu vyose dufise nk’iterambere mu buhinga bugezweho muri Bukavu biva hanze y’igihugu. N’umuhora ngurukanabumenyi (Connexion interineti) dukoresha uzanwa n’amashirahamwe mvamakungu.

Iri suzumwa ryerekana ingene igihugu ca Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo (RDC), n’abajejwe intwaro mu ntara badafise poritike nziza y’umvikana yorohereza abashira imitahe yabo mu buhinga bugezweho. Ariko ku rundi ruhande, ibihugu nk’u Rwanda, u Burundi, Kenya na Uganda biramaze kugira amasoko y’ubuhinga bugezweho hamwe nahakorerwa ubushakatsi bahurirako, ariko ubu muri Kongo, ntasoko ry’ubuhinga ry’ibanda ku buhinga bugezweho.

Mu nteguro yaheruka y’amafaranga Reta ya Kongo yakoresha y’iminsi 100 ntibategekanije amafaranga yokora muvy’ubuhinga bugezweho. Uko biri kose, icizere cari gisigaye kw’ishirwaho ry’umushikiranganji ajejwe ivy’ubuhinga b’ugezweho muri Ndamukiza  uyu mwaka wa 2021.

Ubuhinga bugezweho ni ntasubirwamwo muri kino gihe c’umugera wa Corona (covid-19).

Muri iki gihe caranzwe n’ibihe vy’ikiza ca Covid-19, Ishirahamwe ryitwa (OECD) riremeza ko gusaba kuronka ubumenyi mubuhinga bugezweho vyihutishijwe. Nivyo vyabaye i Bukavu aho kaminuza Gatorika ya Bukavu (UCB), ari co kigo ca mbere catanguje ubuhinga bwo kwigisha ku muhora ngurukanabumenyi (connexion interineti) igihe amashuri yose n’ama kaminuza vyari vyugawe mu gisagara ca Bukavu.

Ariko naho ikibazo c’ikiza ca corona catumye Umukuru w’igihugu afata ingingo zitandukanye zirimwo guhagarika giturumburuka ibijanye n’inyigisho mu gihugu cose, kaminuza Gatorika ya Bukavu yari yashizeho integuro yemerera abanyeshuri n’abarimu kugumana gukorana kure na kure.

Mu kiganiro na bigisha Wenceslas Busane na Lucien Zihindula, icegera c’uwurongoye ivy’inyigisho muri Kaminuza, hamwe  n’umukuru w’umurwi ujejwe ivyinyigisho za kure na kure  (enseignement à distance), bose bavugana ivyatumye n’uburyo bakoresheje kugira ngo Kaminuza Gatorika ya Bukavu ishobore gushika kurico cipfuzo cabo.

Icatumye bashika kurico cipfuzo, Mwigisha Wenceslas yavuze ati: « Twafashe ingingo yo gutanguza inyigisho ku murongo kubera ko inyuma yaho twavyiyumviriyeko cane twategerezwa gutora ubundi buryo bwo kubandanya tubaho nkuko bisanzwe mu nyigisho  no mu bushakashatsi no mu gihe kidasanzwe turimwo. Nico gituma twashizeho uburyo buhuza abarimu n’abanyeshure ».

Kubijanye nuburyo twakoresheje, Kaminuza Gatorika ya Bukavu (UCB), ifise abakozi bigisha bafise ibikoresho n’inyigisho zikwiye kubijanye n’ubuhinga bwa none mu kumenyakanisha no gutumatumanako amakuru (TIC), n’abanyeshure bose bafise ibikoresho bikwiye bibemerera gukoresha umuhora ngurukanabumenyi (connexion interineti) nkuko bivurwa n’uwo mw’igisha Wenceslas.

Uburambe murico gisata bwa Kaminuza ya Gatorika ya Bukavu (UCB) nibwo bwonyene mu gisagara  ca Bukavu. Muvyukuri, n’ibigo bike vya mashure ya Kaminuza bifise umuhora ngurukanabumenyi (connexion interinet). Abigisha benshi barashobora kureka gukora bitumwe nuko babuze umuhora ngurukanabumenyi (connexion internet) amashure menshi ya Kaminuza ahura n’ikibazo kibabaza co kubura ibikoresho vy’ubuhinga bugezweho (équipements informatique). Abanyeshuri benshi ntibafise imashine nyabwonko kandi ntibashobora kuronka terefone zigezweho kugirango baje ku muhorongo ngurukunabumenyi. Leta ya Kongo ntamfashanyo iha abanyeshure biga muri Kaminuza, amafaranga yose yishure arihwa n’abavyeyi.