Gufatwa ku nguvu kubera terefone yibwe

Vyabereye mu gasagara ka Kavumu, Kubirometero 20 y’uburaruko bw’igisagara  ca Bukavu. Agasagara gashushe kandi kumvikanamwo uruja n’uruza rwo ku kibuga c’indege n’ikambi y’ingabo zabasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ziri mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri Kongo, Kavumu ni agasagara kamwe mu bisagara biberamwo ubwicanyi bw’inshi.

Ntibazokwibagira ifatwa ku nguvu ry’ikivunga  ryakorewe abana bo muri ako gasagara ka Kavumu bashigikiwe n’umushingamateka wo muriyo ntara ari nawe arongoye umurwi w’inkorabara wo muri ako karere.

Kavumu n’igisagara co kubutaka bwa Kabare, aho hagati y’umwaka w’2012 kugeza 2015, handitswe abana bakiri bato bagera kuri 40 bafashwe ku nguvu. Kubw’ishirahamwe BCNIDH, ivyegeranyo vyinshi n’amashirahamwe y’igenga hamwe n’inzego z’ubutungane baregeranije abana bagera kuri mirongo ibiri bari munsi y’imyaka 12 bafashwe ku nguvu, hamwe n’abandi bana bashika kuri mirongo itatu bari hagati y’imyaka 12 na 17 bafashwe ku nguvu muri ubwo buryo nyene. Umwaka wabaye mubi gusumba iyindi n’umwaka w’2014 aho hafashwe ku nguvu abana bagera kuri mirongo itatu (30).

N’aho uwo munyapolitike yaciriwe urubanza, gufata ku nguvu birabandanya murako karere ku rwego rw’intwaro. Muri  Ruheshi umwaka w’2018, abapolisi babiri barafashe abana ba bakobwa bakiri bato bakekwa ko bivye terefone, babajana ubwambere ku biro vya Komisariya ya Polisi ico gihe barabafunga.

Abajejwe gushira mu ngiro imanza zo gupfa, bahisemwo gukura abo bana munzu y’umwe murabo bajejwe gushira mu ngiro izo manza zo gupfa baca barabafata ku nguvu. Mu vy’ukuri, terefone ngendanwa nigikoresho gikunzwe kandi gikoreshwa cane cipfuzwa cane. Umurongo w’abasuma ba terefone warashinze imizi mu banyagihugu.

Murico gihe, abigeme babiri bakiri bato nibo bagirijwe kwiba telephone, kandi bababeshera. Ishirahamwe ry’abakenyezi bize ivy’amategeko mu gihugu ca Congo AFEJUKO, baraherekeje abagize ingorane zo gufatwa ku nguvu, mu gisagara ca bukavu ku butaka bwa Kabare. Kubera gushigikirwa n’ubutungane bwa AFEJUCO, abo ba polisi bafashe kunguvu abo bigeme baraciriwe urubanza na sentare y’igisirikare y’ibukavu mu mwaka w’2018.

Bashavujwe n’urubanza rwaciwe na sentare y’intango, abo bapfungwa barunguruje urubanza. Urubanza rwashashe mu mwiherero ku vyerekeye ivyo gufata ku nguvu rwatunganijwe na sentare y’igisirikare co mu bumanuko bwa Kivu rwabereye Iwarungu mu ntumbero yo kwiga iyunguruza ryabo bari baciriwe urubanza.

Itegeko ryo mu mwaka w’2006 ku vyerekeye ivyaha vyo gufata ku nguvu, bifise ingaruka zifise aho zigarukira.

Mu mwaka w’2006, Reta ya Kongo yaremeje amategeko abiri agenewe gutorera inyishu ikibazo c’ihohoterwa rishingiye ku gitsina. Ayo mategeko, hamwe n’igitugu cabatware, vyaragize ingaruka naho yabaye ntoya. Igitigiri kiguma kiduga c’imanza ziburanishwa mu ma sentare ya gisirikare n’ayandi ma sentare.  Abarongoye ubutungane bwa gisirikare muri Congo barabimenyeshejwe neza kandi bariteguriye guhana abakora ivyoha vy’ihohoterwa rishingiye ku gitsina, kandi barafata izindi ngingo zo kugira ngo bakingire abahohotewe babana.

Vyongeye kandi, sentare za gisirikare zarisunze amasezerano y’i Roma (ya Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha) ku manza z’ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha ndengerabutungane.

Naho hari vyinshi vyateye imbere, haracasigaye ivyaha bikebike vy’ubwicanyi kuko hariho bimwe murivyo vyaha vyahindutse muri ako karere karangwamwo igikenye. Umuzo w’abahohoterwa bashasha, bageze ku bitaro bikuru vy’i Panzi babandanya kwiyongera ariko ntibagabanuka, abagore n’abakobwa baraza ari benshi uko mu karere habaye intamba bivuye ku murwi w’inkorabara.

A.S