Imigwi yitwaje ibirwanisho nukwibonwa mu bantu : Ubuhinga bugezweho mu guhanahana amakuru.

Umusi w’Imana wo mukwezi kwa Kigarama  umwaka wa 2020, igihe yari ahitwa  Lulimba, mu gace kari hafi ya Fizi, Bernardin Sebahire tumaze kuvuga hejuru yarafise ubwoba bwinshi yahahamuwe cane n’ivyo yari ahejeje kubona igihe twavugana kuri telefone Ati: “Nabonye umugore ahejeje kubura abana biwe batatu icarimwe. Umukobwa w’imyaka 12 hamwe n’abahungu babiri umwe w’imyaka 8 n’uwundi w’imyaka 5. Nabonye ibiziga vyabo n’uwo mugore arengewe n’umubabaro kubera uko kubura abana. Vyarandenze ubwanje. Abo bana bishwe kubera intambara mu gitero cakozwe n’abitwaje ibirwanisho bo mu murwi witwa Ababembe bari bateye uwundi murwi wabitwa Ababuyu “.

Bernardin yarahemagiritse kuri terefone. Hnyuma haca hakurikira agacerere. Yariko aragerageza kwigumya kugira ngo ntaturikishe ngo arire hanyuma acarabandanya agira ati:

“Uwo mukenyezi w’intwari ntiyashobora guheza ijambo ryose ariko aravuga, ijambo ryose yavuga yaricamwo ibice vy’inshi kubera amarira. Yarangije avuga ko yipfuza ko yoba umuvyeyi wa nyuma abuze abana biwe, ko na bavyeyi baba Bembe basanzwe badacana uwaka n’umuryango wacu badakwiriye kubura abana babo. “

Amagume nkayo, amaze kuba akamenyero muri Kivu y‘ubumanuko. Ntibigishavuza canke ngo bigumure umuntu numwe, vyaramaze kuba  nkakamenyero. Umubabaro bawugendana mu mpisho canke mukinyegero kuko ataco bashoboye guhindura. Intambara zizwi zarushirijeho kwiyongera kuburyo vyashitse kurugero rutovurwa. Imiryango nka yose iri mu ntambara bamwe ku bandi barwana.

Abanyamulenge barwanywa n’imiryango yose yo muri Kivu y’ubumanuko, kubera bafatwa nkabanyamahanga. Ikindi gituma izo ntambara ziba n’ingorane z‘ubwenegihugu. Abanyamulenge baburondeye kuva kera, imyaka irenga cumi baratevye baraburonka ariko naho nyene vyagumye bishavuza iyindi miryango kuburyo iyo ngingo yama igumura abandi bo miyindi miryango. Ubwo bwenegihugu bwahawe abanyamulenge abanyagihugu bo miyindi miryango baracabuhakana mbere bagasaba ko bobwakwa. Hakabaho n’iyindi ntambara y’amatongo ihuza aborozi babanya Mulenge hamwe n’ubundi bwoko bwabarimyi. Abakorera mu mirima barondera imirima itotahaye abarimyi nabo mu kurondera gukingira imirima yabo, baricana bisubiriza barondera ku marana burundu. Hagati y’abakunda inka kubera amata hamwe n‘abakunda inka kubera inyama, ibiganiro ntibishoboka bija mu kurwana.

Abanyamulenge nabo basaba ubutaka bwabo, n‘ukuvuga ubutware hamwe n‘umukuru w‘umuryango nkabandi banyagihugu bose.

Intambara z’amoko zihuza Ababuyu n’ababembe mu karere ka Fisi. Iyo miryango ibiri iricana kubera ubutaka. Ababuyu bakomoka mu ntara ya Maniyema ariko bamaze imyaka myinshi baba mu karere ka Lulimba kari muri Fizi muri Kivu y’ubumanuko. Ababuyu n’ubwoko burimwo abantu bake, kandi haheze igihe baraswe n’ababembe basanzwe aribo benshi murako karere. Biragoye gufatanya gukunda ubutaka n’umuco n’ubwenegihugu kubanyamacakubiri bagendera ku mategeko yi Burayi. Uko gutunya abanyamahanga bo hafi canke bakure basa canke batandukanye, birashobora kuba atarivyo bemera gusa ariko bibaho.

Ariko muri Repubirika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo (RDC), igihugu kinini kuruta Uburayi bwuburengerazuba, bararwana bapfuye isi ntoya kandi ibibanza binibini bikiriho atabantu babirimwo. Ivyo bica bituma kugira ubushakashatsi muvyerekeye imibano.

Imiryango ya Barundi na Bafulero mu kiyaya ca Rusizi bararwanira ubutaka. Abafulero ntibemera kurongorwa n‘abarundi. Bariyamiriza bivuye inyuma umutware w’umurundi bita umwami (“umwami” mu rurimi rw’i Kirundi). Abafulero bategeka Abarundi kwemera umutware wabo. Ngo bitabaye ivyo bace basubira iwabo ku ruhande rw’uburundi. Ntitwogaruka kukuntu baciye umupaka ugabura ivyo bihugu ariko ico kiyaya cegukira umuryango w’abarundi, ico kiyaya  cigaruriwe n’imiryango myinshi  n’abandi banyagihugu benshi kuburyo  Umuryango wa Barundi basigaranye agace gatoya. Umusi umwe Bernardin Sebahire yigeze kugereranya hamwe n’imisambi ibiri yarwanira igisokozo.

Hagati y’umuryango wa Bafulero na Bavira, intambara bazigize cane politike. Bararwanira ibibanza mu nzego z’ibanze. Nivyo Abakongomani batemewe bita intambara ya (“geopolitiki”). Birashika ko Abafulero batwara ibibanza vya politike vy’abavira kubera ko abafurero ari benshi barengeye Abavira. Bifata nkabantu bahambaye gusumba Abavira. Intambara yo kwikunda  kandi iyo igiye muvyerekeye imibano irababaza.

Umuryango wa Banyindu, utomborera muriyo ntambara ibera ngaho muri Kivu y’ubumanuko kenshi, irashobora no kugira uruhara mu guhuza abashamiranye, n’ukwiyumvira neza ingene yobahuza, tuzobivuga ko vyinshi hanyuma mu nyishu tuzobabwira.

Abanyindu rero n’abanyagihugu bake bigijweyo kubutaka bwa Mwenga, Fizi, Uvira na Walungu. Uyo muryango uraronderwa kenshi n’yndi miryango itandukanye kugirango ishobore gukomera.

Ntitwavuze intambara zose zibera ngaho muri Kivu y’Ubumanuko. Nk’akarorero, ntitwavuze kubutaka bwa Shabunda aho umurwi witwaje ibirwanisho ukomeye, witwa Raïs Mutomboki ariwo utwara iyindi. Ariko nkuko dushobora kubibona izo ntambara n’inyishi kandi akenshi ubiravye neza usanga zisa . Ni ukuvuga, ko zitagoye gutorera umuti iyo ziri ku rutonde rw’ingorane zitorerwa inyishu. Ni no kurizo ntambara imigwi ya bitwaje ibirwanisho iva hanze ya Congo yifatanya nayo kugira ngo iwushigikire. N’ibihugu navyonyene mukuza guhiga abo barwanyi nivyo bihagarikira iyo miryango iri mu ntambara hagati y’umuryango uyu n’uyundi.

Ntagihe kinini giheze telephone ngendanwa ntizari bwaze, ibintu nkivyo vyafata umwanya munini kugira ngo bishike ku banditsi b’ibimenyeshamakuru, ibiro bijejwe kwihutisha kujana amakuru, vyayajana ahakorera amaradiyo na matereviziyo. Uno munsi inkuru zikwiragira inyuma y’umunota ibintu bibaye. Amaradiyo canke ibiro vy’iyandikiro vyamakuru y’ibimenyeshamakuru, birashobora kwirengagiza amakuru kandi ibikunze gushika kenshi ariko inkuru zigashika kubiro ubwo nyene. Ivy’abagenda urugendo runini batwaye amakete yahora afata amezi n’amezi vyaraheze. Ariko ikibazo twibaza ni iki: Iterambere ry’ubuhinga bugezweho none ryoba rifise amahoro kwisi? Kubakene ntirirashoboka.

S.A