Ubuhinga bugezweho no gusubiza hamwe imiryango muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo.

Intambara yo muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Kongo (DRC ) yatanguye muri Myandagaro 1988 kandi niyo yabaye iyambere  mu ntambara zikomeye muri kahise k’isi. Abana bagera ku bihumbi 30.000, uyumunsi abashika ibihumbi 16.000, nibo bahatiwe kurwana nkabasirikare. Ibihumbi n’ibihumbi vy’abakobwa n’abagore barafashwe ku nguvu n’abarwanyi. Amasezerano y’amahoro yarashizweko umukono mu 2003, ariko intambara zarabandanije mu buseruko bwa Kongo.

Igihuza umuryango

Umuryango wagutse ugizwe n‘intango yo gufatanamunda vyumwihariko bidasanzwe mubuhungiro. Naho bategerezwa gutandukana n’imiryango yabo canke bamwe bakaburana burundu, impunzi nyinshi zibandanya kubaho zifashijwe n’imiryango yabo ikiri mu gihugu bavuyemwo, hamwe n’ababa mu bihugu vyo hanze y’igihugu. Impunzi nyinshi z’Abanyekongo ziva i Nyarugusu zemeza ko zibayeho z’ifashijwe na bene wabo baba ku mugabane w’ibihugu vya Buraya na Australia babarungikira amafaranga igihe biba bikenewe. I Bujumbura, bamwe bafise benewabo canke incuti mu mahanga babapangiye amazu bakabarungikira ibikoresho vyo kugura ivyo kurya.

Abantu bageze mu zabukuru, baravuga ko bavuye mu ma kambi kugira ngo baronke ubuzima bwiza mu bisagara, babikesheje imfashanyo y’amafaranga bahawe n’abana babo baba mubindi bihugu. Mu bihe ubutunzi bwifashe nabi, imibano y’imiryango no gufashanya niyo iba inyishu mu gihe gito : nko gufasha abana bato kudaheba amashure. Umuryango wo hafi n’umuryango wakure, barahura n’ingorane mugihe co guhunga.

Abana canke abavyeyi barashobora  kuhasiga ubuzima mugihe bariko barahunga canke niyo bamaze gushika mu buhungiro nahone bakitaba Imana, abandi ugasanga baratandukanye n’imiryango yabo ntihaboneke n’ikimenyetso canke amakuru yabo. Iyo habaye ibintu bibabaje navyo birashobora gufasha mugushobora guhura kwiyo miryango: Iyo abagize umuryango bazimanganye, abantu bashasha cane cane abana bakiri bato baraba impfuvyi bakongera bakaronka n’imiryango ibatunga. Imiryango irafasha gushira hamwe no gushigikira abantu babangamiwe bashasha batishoboye ivyo bigaheza bikubaka gufashanya hagati muribo.

Ukwitanga mu kibano birafasha abana bagizwe abasirikare n’abandi bana babangamiwe gusumba abandi.

Ibiro bijejwe mu gufasha abana n’ubuzima (BVES), ishirahamwe rikorera i Bukavu, rijejwe gukurikirana imiryango y’abana no gufasha abana gusubira mu miryango yabo. “Turateguza imbere iminsi yose umuryango, ababanyi,  abajejwe intwaro mu m’imitumba imbere yuko umwana agaruka mu muryango, kugira ngo yakirwe neza. Iyo ugusubiza hamwe kw’imiryango bidashoboka, duca dushira uwo mwana mu miryango ijejwe kwakira abana” nk’uko bisigurwa na Vincent, umwunganizi ajejwe imibano muri BVES.

Iminsi bamara mu bibanza vyagateganyo vyagenewe kwakira no kurungika iragabanuka kubera ubuhinga bugezweho.

Ukuza kw’imbuga ngurukanabumenyi na cane cane imbuga hwaniro za Facebook na Whatsap zirorohereza abarondera imiryango. Uhereye kuri nimero ya terefone y’umubanyi w’umwana, abajejwe gufasha mu gisata c’imibano, barashobora kumenya amakuru y’umwana yatandukanye n’abavyeyi. Nko kurondera vyoshobora gufata amezi 3, iminsi 14 irakwiye kugirango baheze igikorwa co guhuza imiryango. Terefone ngendanwa yaje kugira uruhara runini mu mibano no vy’iyumviro vy’abantu (psychosocial). Mu vy’ukuri, kubera terefone ngendanwa, umwana yatandukanye n’umuryango arashobora kuvugana n’abavyeyi biwe atawundi muhuza.

Uko kuvugana n’umuvyeyi  kurashobora gukura uruhagarara mu mwana kandi ku gafasha umwana kuba mubandi mu kigo abana batandukanye n’imiryango barindiriramwo. Uko iminsi iba mike niko uwurongoye ikigo ashobora gukoresha uburyo buke bigaheza bikabanya ivyankenerwa vyaho baba.

N.E