Gukiza inzara n’Ubuhinga bwa none.

                                                                                                                                                                     

Umutekano mu gufungurwa ni umwitwarariko ukomeye cane mu bihugu vyose vyo muri Afirika.Umwimbu wama  wahungabanye, ibica bitera inzara n’izindi nkurikizi zitari nke. Ihindagurika ry’ibihe niyo nkomoko y’igabanuka rikabije ry’umwimbu. Hari ibihe imvura iba nyamwondo canke ikabura hakaka uruzuba imirima ikaba ipfuye. N’ingwara zitera ibitegwa ntawozishira inyuma, tutavuze ibura rya politike irashe muvyerekeye uburimyi. Abafata ingingo muri Afirika nibafate ikibazo c’uburimyi mu minwe.

Umushakashatsi Erik Orsenna ntiyoba afise ukuri iyo avuga ati « igihugu gitaye  uburimyi  kiba gitaye umutima ? » Ukuntu abarongozi bo muri Afirika bafata minenegwe uburimyi vyemeza ko ibihugu bitari bike vya Afirika vyataye uwo mutima kuko vyarahevye uburimyi. Ariko iyi si ni yo rufatiro rw’imico yacu hanyuma imirima nayo ikaduha  ibitubeshaho. Na bibiliya iravuga ko twavuye mw’ivu tuzosubira mw’ivu ? Isi  igaburira umuntu n’ibihumeka vyose ifise  intango n’iherezo ku binyabuzima.

Mu Burundi, igihugu nturukamwo, abarenga 90% batunzwe n’ukurima. Uyu mugwi uzana 70% vy’ubutunzi kandi Reta ishiramwo munsi y’ibice cumi kw’ijana (10%) ku mahera ikoresha ku mwaka ku mwaka. Mu bukene kandi barahebwe na Reta, aba barimyi bahura n’ingorane zitewe n’ikirere kibi, ingwara z’ibiterwa hamwe n’isi itameze neza. Uru rwandiko ruje kubereka ingene ubuhinga ngurukanabumenyi bwotanga inyishu ku bibazo bitari bike vyabo. Abarimyi b’abarundi bamye bitwaza  umuhoro ariko ubu bamwe muri bo barafise terefone ngendanwa. Iyo terefone irabafasha kubika ibikorwa n’ibindi vya nkenegwa, ikibazo ni uko ushobora kuba imbohe yayo.

Ubushobozi izo terefone zifise ni uko zishobora guhindura uburimyi mu Burundi mu gutanga inyishu zirashe ku birere kugira hakingirwe umwimbu igihe hatse uruzuba canke habaye imyuzure. Zirashobora kandi gufasha kumenya ingwara z’ibiterwa, umuti uzivura canke ryari hageze ko gushiramwo umwavu. Uburyo bwukwama hari inkuru zivuga ingene uburimyi buguma bumenya ibigezweho mu Burundi ni uko Reta yokwitaho cane umwimbu. Ubwo burimyi bukoresheje ubuhinga bwa none buzotuma umwimbu wiyongera bimwe biboneka.

Imbuga ngurukanabumenyi ni ngirakamaro kuko nizo zituma bahanahana amakuru.  Mu bihugu bimaze gutera imbere, ubuhinga ngurukanabumenyi ni karahara mu rugamba ntibacure. Umuhinga Sysk arerekana ko ikinyamakuru kiri mu rurimi rw’igifaransa candika kuvy’uburimyi catanze inyishu ku bibazo vyinshi. Haba mw’itegurwa ry’indimo, itunganwa ry’ubworozi, igurwa ry’ibikoresho vya nkenegwa canke igurishwa ry’umwimbu, ubuhinga ngurukana bumenyi ni nkenegwa murivyo vyose cane cane ku murimyi.

Ahantu hagurishirizwa ivyimburwa henshi haruguruwe. Akarorero ni Amazone, urubuga rufasha kugura ibivuye mu burimyi n’ibikoresho bifasha muri bwo. Mu bufaransa hari AGRICONOMIE ifise abanywanyi barenga 45000 kandi iteye imbere kubera ishira ku mugaragaro ibiciro, ikintu cari kigoye imbere yuko itangura. Ivyo birasigurika kuko amakoperative yagurisha ivyo bidandazwa wasanga yashizemwo n’igiciro c’uko yafashije umudandaza. Ubu hari imbuga nyinshi z’ibidandazwa bivuye mu burimyi nka InVivo, ari yo ikomeye mu makoperative yo mu bufaransa. Ni naco gituma izindi mbuga zagiye ziravuka muri ino myaka kugira zorohereze ibikorwa mu burimyi.

Hari imbuga zibiri zirushanywa mu kugurisga amamashini yo mu burimyi. Nazo ni WeFarmUp na VotreMachine.com  na LinkinFarm. Abarimyi kugira boroherwe bashobora no kuraba Farmr. Uru ni urubuga rukomeye muvy’uburimyi. Ariko ingorane nyamukuru ni uburyo bw’amafaranga.

Amashirahamwe Startup Former na Comparateur Agricole nizo mbuga zikomeye mw’igurishwa ry’umwimbu. Startup Perfomer irakomeye mugukurikirana ibiciro no kugurisha umwimbu mu mwanya mwiza. ComparateurAgricole nayo iraba ibiciro ku mbuga ngurukana bumenyi igatanga n’amakuru ku mwimbu. Ubuhinga ngurukana bumenyi bwaratanze inyishu ku bibazo vy’umurimyi bwongera bumufasha kwegera abaguzi bakomeye.

Tugarutse kuvyo ubwo buhinga bwakorera uburimyi mu Burundi, turabona ko ibintu vyinshi vyokoreka. Uburyo bw’amafaranga buguma ari inzitizi ariko buno buhinga bwotanga inyishu mukugurura amasoko yotanga ideni mu burimyi. Kumenya ingorane z’ibirere, uruzuba canke imyuzurire navyo ni ingorane zikomeye ku burimyi mu Burundi. Amakoperative make y’abanyagihugu ari mu Burundi arafise ingorane mw’itunganwa ryayo, mu kugurisha umwimbu mu gihe haboneka inyungu nini. Ubuhinga ngurukana bumenyi bwotanga inyishu. Mu biganiro bizokurikira tuzokora ubushakashatsi bwimbitse tubabwire ingene ubuhinga ngurukana bumenyi bwofasha mu bice bikomeye nko mu butunzi, ibirere n’ubudandaji.