Gushira umutahe mu burimyi mu Burundi: Mbega ubuhinga ngurukanabumenyi bwoba ari inyishu ?

Ibiraba imfungurwa mu Burundi ni ikibazo c’ingorabahizi ku bashakashatsi.        

Uburundi ni igihugu gito, ubwaguke bwaco butuma itunganwa ry’isi ndimwa rigora. Igabanganwa ry’amatongo ku bana rituma isi ndimwa yaga kubera itongo ricibwamwo udupande dutoduto hagati ya se n’uruvyaro.Mu Burundi abantu bagwira ku muvuduko uteye ubwoba. Mu mwaka wa 2008 bari imiliyoni munani(8.000.000) ariko bazoba barenga imiliyoni cumi na zitatu (13.000.000) muri 2030.Uwo muvuduko ungana na 66,08% uzotuma abarundi bagwizwa na kabiri muri 2050 aho bazoba bangana imiliyoni mirongo ibiri na zitandatu n’ibice bibiri (26.200.000). Mu mpera z’iki kinjana, abantu bazoba bangana imiliyoni mirongo itandatu na zibiri (32.000.000) ku gihugu gifise ubwaguke bwa kilometero kwadarato ibihumbi mirongo itatu.

Ivyo biharuro bitangwa na ISTEEBU ntagahengwe biyiha ku buryo iguma ibwira Reta ko hageze ko yova mu gacerere kuko umurindi w’igwirirana ry’abantu rizokwononera urunganwe rwo muri kazoza.

Harageze ko yiyumvira uburyo bwo kugabanya imvyaro. Ariko ikibazo gisigaye ari nyamukuru ni ingene izoshobora kugaburira abanyagihugu bagwira kuri uwo murindi. Kugira ibishikeko, hategerezwa kuba politike y’igihugu yiga neza atakwihenda birimwo, uko imfungurwa zo kubagaburira  zoba zingana, kandi bagashiramwo n’uburyo bw’amafaranga vyotwara. Ingorane imwe muri nyinshi igihugu gifise ni ikibazo caho uburyo bw’amafaranga buva.

None ubwo buryo bwogufasha umurimyi mu gikorwa ciwe bworonderwa gute? Reta y’Uburundi yamye yirengagiza ikibazo co guhanahana ivyiyumviro mw’itegurwa ry’amahera Reta ikoresha ku mwaka ku mwaka yigiza inyuma igisata c’uburimyi, igihebera abantu ata kindi bitaho atari gushaka kwunguka inyungu z’umurengera. None ubuhinga ngurukanabumenyi hari ico bwofasha umunyagihugu ? Uruhara rwa Reta rurakenewe ? Duce hirya no hino ivyo bibazo kugira turabe ko twotora inyishu.

Ikibazo nyamukuru Uburundi buzogira mu kugaburira abantu babwo ni kuronka uburyo bw’amafaranga bwoshira mu burimyi kugira bugwize umwimbu bwongere buwuhingure. Aho ayo mafaranga ava haguma hagoye kuko amashirahamwe atanga ingurane ntazi neza ibikorwa mu gice c’uburimyi. Naho abarima ibitegwa njabukamazi nk’ikawa, icayi, ipampa batanguye kumvirizwa kubera ubuhinga ngurukanabumenyi, ibiterwa mbumbarugo vyo ntivyizewe n’amabanki.

Akarorero ka hafi ni ihinguriro IgaraGrowers Tea Factoryriri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Uganda ryaragwije ivyo ryinjiza n’uburyo bwo kuriha abakozi baryo kandi akarusho karabonetse mu kugurisha. Ibi vyafashijwe n’ubuhinga ngurukanabumenyi bwakoreshejwe mu gukora n’ukugwiza umwimbu w’icayi. Ubwo buhinga bwarakoreshejwe mu vyo bariha vyorosha n’akazi. Nko mu kuguranana icayi caragize uruhara runini  muri Uganda.

Akandi karorero ni vy’ikawa aho nyene muri Uganda. Ihinguriro ry’abarimyi b’ikawa ryo muri Uganda rigizwe n’ingo 200.000 naryo ryarakoresheje ubwo buhinga kandi rirushirizaho kumenyekana.

Akarorero gasumbirije kava  muri Kenya. Karaba isoko y’ibitungwa yari kure y’ibisagara. Kubera ata mirimo mu bijanye n ‘amabanki yariho, abaguzi n’abashoye bahanahana inoti. Ibi vyatuma badatera imbere kuko urudandaza rwabo ntirwamenyekana. Ibijanye  no gusaba ingurane no guhanahana amahera ntivyamenyekana. Birakwiye rero ko ubwo buhinga buhashika. Ubu burorero dutanze  burerekana ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none ko ari umutahe ukomeye mu burimyi n’ubworozi.

Ku vyerekeye Uburundi, kurondera uburyo bwo gukoresha mu burimyi bisaba ko abarimyi bamenya ivy’ubuhinga bwa none. Abanyamitahe bakorera mu Burundi barashobora kuronka 10% z’inyungu zabonetse mu mwaka bashize imitahe mu burimyi.Ubwo buryo bwose bugiye hamwe bwogira ikigega giha ingurane  abarimyi kandi n’amabanki yohungukira.

Ico Reta yokora ni guha ubushobozi iryo shirahamwe mu kuriha 5% y’amafaranga ikoresha ku mwaka akaja mu barimyi bonyene. Nivyo ko abanyemari bagitinya gushira uburyo bwabo mu vy’uburimyi. Kuriha bakoresheje ubuhinga bwa none vyabo hakoreshejwe amakoperative canke amabanki, bikongereza ubwizigirwa hagati yabo, amabanki akamenya ibikorwa mu burimyi nayo agashiraho imirimo ijanye na vyo.

Kugira umwimbu wongerekane hotunganwa neza imigwi y’abakozi ; Abarimyi, Abadandaza b’ibikoresho, Abahingura ivyarimwe, Abavyunguruza, n’abandi bose bafise ico bahakora.

Nico gituma uruhara rwa Reta ari ntangere kugira vyose bigende neza umwe wese mubimuraba. Kuvyerekeye Uburundi, Reta niyo yoja imbere mu gutunganya ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none kandi ikaraba ko umurimyi nawe atakumiriwe. Ni muri iyo ntumbero Reta y’Uburundi izoba itanguye gutsinda urugamba rwo kugaburira abanyagihugu bayo.

Mu bizokurikira tuzobabwira integuro yo kugwiza umwimbu hakoreshejwe ubuhinga bwa none.

N.E