Ubuhinga bushasha bwo guhanahana amakuru ku rwaruka rw’abagwizatunga mu burimyi muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Abakozi bakiri bato kandi bavyigiye barakenye mu gisata c’uburimyi muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Umugwi w’abakiri bato bahurumbira kwimba ubutare aho kuja mu bikorwa vy’uburimyi. Reta ntiratunganya neza imirimo mu gice c’uburimyi n’ubworozi.

Naho gifise imiyoni mirongo irindwi na zitanu z’isi ndimwa, ico gihugu gikoresha amamiliyaridi y’amahera y’agaciro mu gusumira hanze ibifungurwa. Umwimbu mu gihugu cose ntukwiye kugira ugaburire abantu bababa imiliyoni mirongo umunani.

Urwaruka rufise ikibazo gikomeye co kuronka akazi muri Kongo. Ikigega c’amareta yo kw’isi gishinzwe abana (UNICEF) cerekanye ko 78% yababajijwe ata kazi bafise, 25% nabo ntibaronka akazi kajanye n’ivyo bize. Kugira babeho naho bize baca baja mu burimyi.

Placide NTOLE ni umushingwamanza i Bukavu kandi akaba n’umurongozi w’ishirahamwe rifasha urwaruka mu bisata nk’ukworora ifi, kurima, kworora no guhingura umwavu ryitwa  « KAZI ACTION ». Akiri kuri kaminuza yaguma yiyumvira ingene yohunga ubushomeri. Ubu KAZI ACTION ifise ibirombwe cumi biri mu turere dutatu mu bumanuko bwa Kivu.

Uburimyi mu bimenyesha makuru

Amaterefone ngendanwa ari mu bikoresho bikomeye mw’ihanahana ry’inkuru. Mu nama yahuje urwaruka ruri mu bihugu bigize ACP (Afrique, Caraibe, Pacifique) umuhinga w’umukenya mu buhinga bwo guhanahana amakuru yarashimagije ubushobozi bw’umusore yaba mu misozi yashoboye gukora utuzi twinshi kubera amakuru yaronka akoresheje terefone yiwe.

Uburyo bushasha burakenewe kugira ivy’uburimyi bishoboke cane cane mu vyo guhana no gukoresha ubuhinga bugezweho mu guhana amakuru. Ubwo buryo burashobora gukoreshwa muri ico cose kiraba imibano n’ubutunzi no mu ntara za kure. Muri Kongo, ico gice kizotwara imiliyoni mirongo icenda n’azibiri y’amadolari kubera umuhora uzofatanya KINSHASA na AFIRIKA Y’UBUSERUKO bita fibre optique.

Placide NTOLE aremeza akarusho kari mu buhinga bushasha bwo guhanahana amakuru mu burimyi n’ubworozi : « Ubuhinga bushasha turabukoresha muvyo dukora vyose. Ubwa mbere budufasha kumenya imirimo yacu, kandi abadushorera baratumenya. Abantu dusanzwe tutazi bo baratumenya bakamenya n’ivyo dukora hakoze ubwo buhinga. Imbere yo kuja kuroba canke kubaga ingurube zingana uku tubanza gusaba ko abatugurira biyandikisha hanyuma tukabibasanza muhira. Ubwo buryo butuma amahera adushikira n’ingoga kandi uwadushoreye arafise ijambo ku buryo twabimukoreye.»

Ubuhinga bushasha bwarafashije mw’ihanahana ry’ibintu mu gihe ca Covid-19. Imbibe zimaze kugagwa ibidandazwa bikagabanuka hagati y’ibihugu bihana imbibe nk’Urwanda, urwaruka ruhurikiye muri « KAZI ACTION » rwarakwiye imitumba rurima imboga, rworora amafi rwongera rubitanga inzu ku nzu kuko atawasohoka. Abantu bagumye bayaga bakoresheje WhatsApp na Facebook naho Coronavirus itavyorosha.

Ubuhinga bwanone bwo guhanahana amakuru, ubufasha muvy’uburimyi muri Kongo.

Naho butaragera ku rugero rukomeye, imigambi yo kubukoresha ni iyo guhimiriza canecane mu kuraba ibibanza bobishiramwo, ibikoresho canke amahuriro muvyo uburimyi. Ni intango nziza ku bushikiranganji bw’uburimyi muri Kongo.

N.E.