Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo: Ubwenge nkorana buhanga bwarashitse mu gisata c’ubutunzi.

Ubwenge nkorana buhanga burashobora gufasha, nk’uko bimaze kuba mu bihugu bitunze, mu kunyarutsa no mu gutanga ibipimo bimeze neza vy’ingwara, mukoresha ubuvuzi, mu gufasha ubushakashatsi mu gisata c’amagara y’abantu be no mugukora imiti, gushigikira ubuvuzi mu bijanye no gukurikirana ingwara, gutora umuti w’igwirirana ry’ibiza no mu gukurikirana ibijanye n’ubuvuzi.

Ubwenge nkorana buhanga  burashobora gufasha abarwaye kumenya neza ubuvuzi bariko barahabwa no gutahura ingene ivyo bari bakeneye biriko biratera Imbere. Ubwo bwenge burashobora gufasha gushikira ubuvuzi mu bihugu bifise ubuvuzi butaratera imbere hamwe no mu gihugu hagati, aho usanga abarwayi bagira ingendo ndende kugira bashikire abavuzi.

N’ubwo biri uko, icegeranyo gishasha c’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu gisaba ko batokwishimira cane birenze ikoreshwa ry’ubwo bwenge nkorana buhanga mu gisata  c’amagara y’abantu kubera ubwo buhinga bwasubiriye imitahe n’imikenyuro nshingiro kugira ubuvuzi bushike hose.

Ico cegeranyo kiramenyesha kandi ko muri ubwo buhinga ingorane n’impuhwe (amakenga), bifatiye kwegeranya no gukoresha neza akarangamutima k’umwuga, uburyo bukoreshwa muri ubwo buhinga, impuhwe (amakenga) k’umutekano w’abarwayi, umutekano wo ku buhinga ngurukana bumenyi be n’ibihe barimwo .Nk’akarorero, mu gihe uburyo bw’abigenga canke bwa Reta mw’iterambere be no mugukwiragiza ubwo bwenge nkorana buhanga bukwiye, ugukoresha ubwo buhinga budasuzumwe burashobora guhungabanya agateka n’uburenganzira bw’abarwayi n’imiryango ku nyungu z’ubudandaji zidasanzwe z’amashirahamwe adandaza ubwo buhinga canke inyungu z’ama Reta ku bijanye no kugenzura ivy’ikibano.

Ico cegeranyo kiravuga kandi ko ico gisata gikoresheje cane cane ibiharuro canke amakuru yatohojwe k’umuntu aba mu bihugu bifise umutungo  munini birahakwa kudakora neza  bikoreshejwe ku bantu baba mu bihugu bifise imitungo mitomito canke igereranye.

Ico gisata c’ubwenge nkorana buhanga gitegerezwa gutunganywa neza kugira gifatire ku butandukane bwose bufatiye ku kibano n’ubutunzi hamwe no kuvyubuvuzi. Ikoreshwa ry’ico gisata ritegerezwa gukurikirwa n’inyigisho zo kunonosora ubuhinga ngurukana bumenyi, hakajamwo imirwi y’abantu, bikamenyeshwa cane cane imiriyoni y’abavuzi ukuntu ubwo buhinga bukora, ubunyarutsi bw’ibikorwa ivyo vyose kugira ubimenye bisaba ko uba uzi ibitari bike k’ubuhinga ngurukana bumenyi canke warabunonosoye kugira ushobore gukoresha imashini igufasha gufata ingingo, kwigenga mu kazi be n’ukwabarwayi.

Muganga Mugangu Emmanuel ni umuganga wa Reta aba i Bukavu: «Turakoresha igisata ngurukana bumenyi kugira duharire». Ndibuka inyigisho zi Katana (Kivu y’amaja EPFO) aho imirwi y’ababiligi n’abatariyano twari kumwe twaharira ku kijanye no gukwirikirana abarwaye ku buhinga bw’ireresi nkoranya nama ku bitaro bita SKY BARN, narabonye ko kugira tworoshe ivyo gukwirikirana abarwaye, twakoresheje agakoresho nkoranabuhanga kugira twegeranye inkuru zose zijanye n’abarwaye, ku ngwara zikomakomeye twifashije ubuhinga ngurukana bumenyi kugira ngo tuzivure neza.

Ku kijanye n’igisata c’ubuhinga, igihugu kibanyi kirafise umuhora ngurukana bumenyi uteye imbere (fibre optique) naco si ikindi n’igihugu c’urwanda. Ico gihugu gifise umuhora unyaruka cane ugereranije na Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo aho tugisanga imihora y’umuvuduko was G3, G4 zifata bukebuke cane.

Ku kijanye n’uko kuvura uri kure y’umurwayi: «Umurwi w’abaganga n’abatariyano bategerezwa gufashanya natwe kuvura abo turonka hifashishijwe ya reresi nkoranya nama, turabereka uwo badufasha kuvura twese turorera.»

Mu nyuma dufashijwe, n’amategeko n’amabwirizwa y’agateka ka zina muntu, n’amategeko mashasha na politike bishira ahabona akarangamutima, ama Reta, abakozi n’abashinzwe ubwo buhinga bategerezwa gukorera hamwe kugira birinde ingorane zijanye n’akarangamutima k’umwuga be n’agateka ka zina muntu ku rugero rwose rw’ubwo buhinga, iterambere ryabwo be n’irwirirana ryabwo irya n’ino hisunzwe bwa bwenge nkorana buhanga.

E.N