Urubuga Blockchain mu Burundi mu gisata c’uburimyi

Nk’abarimyi bose, mu Burundi umwitwarariko wo guhomba umwimbu bitumwe n’ibirere bibi biri mubiboheye amaboko i mugongo abarimyi mu gihe c’irima. Uwo mwitwarariko urongerekana kuko hambavu y’ibirere vyagenze nabi, abarimyi basanzwe bahabwa ingurane ku nyungu nini. Ayo baronka bayahabwa n’akarwi k’abantu bakeya si ama banki, nta masandugu y’ukuziganya mu turere twinshi turi kure mu gihugu. Amahera yose ari mu minwe y’abakozi ba Reta be n’abadandaza muri ubwo burere bwo hagati mu gihugu. Kugira tubitahure, ni mwibaze nk’umukuru w’igisagara, umushikirizamanza, umucamanza canke intwazangabo mu gipolisi tuba tuzi ko muvyo ajejwe vya mbere ari ugukingira umunyagihugu icoza kumuhungabanya mu buryo butandukanye, ugaca usanga ari muri wa murwi ubaha za ngurane zivuna muri ako karere aba aherereyemwo.

Ni ba bakozi ba Reta baba bari muri ako karere bakongera bakaba n’abo batanga ingurane ziriha inyungu ivuna. Abarimyi baba bakeneye vyinshi mu gihe c’irima, baba bakeneye kurungika abana ku mashure, barakenera kwivuza iyo barwaye canke barwaje ivyo vyose bikabasaba amahera hagati aho muri uwo mwanya baba bakeneye kugura akabuto, ifumbire ivyo vyose bikamusaba amahera, nta murimyi n’umwe bidashikira agahava yisanga yagiye kwitura abamuha za ngurane zivuna.

Abarimyi ba barundi babayeho mu ngurane z’imice ibiri. Ubwa mbere, ingurane zibazimba, kenshi barihera ku nyungu irenza ibice 100%. Bigaca vyanka ko babivamwo, bakabibamwo ubuzima bwabo bwose, birashika n’agace k’itongo ryabo kakagurishwa mu gihe ideni ryabaye umurengera bikanka ko arisubiza. Ubwa kabiri ni ihindagurika ry’ibirere : Imvura y’umurengera, uruzuba rw’igihe kinini. Ivyo rero birashobora gutuma umurimyi ahomba umwimbu wiwe wose. Ikibabaje, Reta ntirafata mu minwe ngo ifashe umurimyi kuduza umwimbu canke kuronka ingurane zitavuna. Intererano ya rwa rubuga Blockchain ku bijanye no gukurikirana inyungu zitangwa ku ngurane n’ihindagurika ry’ibirere. Ubwo buhinga bwa Blockchain  bwoshobora gufasha kuri ico kibazo kidasanzwe c’inyungu hamwe nivyononwa n’ihindagurika ryibihe.

Mu kibanza c’amashirahamwe Aon, Oxfam na Estherisc mu gihugu ca Sri Lanka, urubuga Blockchain rwarafashije muguha abarimyi ubushobozi bwo gushikira amashirahamwe y’ubwishingizi kugira abarimyi bakingirwe uguhomba imvumure umwimbu wabo bitumwe n’ihindagurika ribi ry’ibirere ku mirima yabo. Ubwo buhinga bwa Blockchain buzanye bishasha, burafasha mu gukora mubwihusi ibikorwa, bigaha uburenganzira abarimyi gushikira za nzu z’ubwishingizi ku giciro kitavuna. Kugira Ico ubajije muri Ayo mazu y’ubwishingizi ni igikorwa kinyaruka cikoresha bitiriwe bisaba umurimyi kwandika amakete. Ivyo vyaratumye amahera yahora akoreshwa mu bikorwa bimwe agabanuka kuko menshi yakoreshwa mukuriha uburusho bw’abahuye n’amasanganya. Umuntu abirabiye hafi, urwo rubuga  Blockchain rwarakwiragiye ku ngero zitandukanye, rwifashishije ubuhinga be n’imfashanyo mu vyibikorwa bitanzwe n’inzego z’aho muri ico gihugu ca Sri Lanka. Ni muri ubwo buryo amazu y’ubwishingizi yabayeho nk’iyo twita Sanasa.

Igice ca mbere cafashije ko intumbero y’ayo mazu y’ubwishingizi yegeranywa igashingurwa bakoresheje rwa rubuga Blockchain mu nyuma igafatanywa n’ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe ku buryo hagize igihinduka mu vyikirere bica biboneka ubwo nyene kuri bwa buhinga. Kugira ubwo buhinga bworoshe ibintu, hama hategekanijwe amahera yo kuriha ubwo nyene mu gihe bigaragaye ko ibirere vyagenze nabi. Ikigo Sanasa carafashije kwishura kutugorane tutari duke tujanye n’ubuhinga, cane cane gufasha abarimyi batagira umuhora ngurukana bumenyi canke ntibagire imashini nyabwonko.

Nk’uko abarimyi batari bake baba bakeneye amahera mu minwe, igice ca kabiri c’ubwo buhinga caje citaho guteza Imbere, gutorera inyishu ibibazo bijanye no kuriha abarimyi hakoreshejwe terefone ngendanwa be no kurwiza aho bashobora gutorera amahera. Ikindi cabaye nkenerwa ni kuja baratanga amakuru ajanye n’ibirere. Uko vyari bimeze amakuru yatangwa ntabwo yarimwo ukuri kwose, vyari bikenewe ko ico gisata kinagurwa kugira gikora neza, gitanga amakuru y’ibihe yo.

Ni gute urubuga Blockchain rwoteza Imbere igisata c’uburimyi mu Burundi ?

Twasanze urwo rubuga rwotanga inyishu zibiri ku ngorane iri muri ico gisata kandi mu mice ibiri. Iya mbere kwoba ukurandurana n’imizi itangwa : Ry’ingurane ku nyungu ivuna arizo zituma umurimyi atigera yisununura. Ubugira kabiri kwoba ukumuha ubwishingizi ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Ivyo bifatiye kw’ihindagurika ry’ibirere biratuma umurimyi yama mu ruhagarara rudahera. Ubwo bwishingizi bwofatira ku bijanye no kubura umwimbu bitumwe n’ivyo biza.

Harakenewe i Banki yoshobora gutanga izo ngurane hakoreshejwe ubwo buhinga bwa Blockchain mu ntumbero yuko abarimyi bose baronka, bakayagabangana Neza, ikaba ingurane ku nyungu itavuna. Ikigo c’ubwishingizi gikorana n’iyo Banki yoba yatowe kirakenewe cane nk’uko twabonye akarorero mu gihugu ca Sri Lanka. Ishirahamwe Oxfam ryifadikanije n’a Aon na Etherisc vyishimikije inzu y’ubwishingizi Sanasa kugira ngo birahureyo ubumenyi bwayo be n’ukuntu ishigikira ibikorwa. Nico catumye abarimyi batagira uburyo bwo gukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi canke batagira za mashini nyabwonko kugira aho bishikanye. Mu Burundi ikigo c’ubwishingizi cogira uruhara ntangere mu gushigikira ibikorwa vy’abarimyi bari mu burere bwa kure badashobora kuronka bwa buhinga ngurukana bumenyi .

Mu Burundi, mu gihe ingurane be n’ubwishingizi vyoba bikorana na rwa rubuga Blockchain, mu nyuma bigashikira abarimyi coba ari icemezo ko urubuga Blockchain twatanguye gukora mu gisata c’uburimyi. Vyoheza bigafasha cane gukwirikirana mu buryo bunyarutse ingorane umurimyi ashobora kugira mu gusubiza ingurane yahawe hamwe hamwe n’ingorane zishobora kumushikira zivuye kw’ihindagurika ry’ibihe. Urwo rwofasha kandi kugabanya ibikorwa vyo mu biro kugira ivyo ku rubuga binyaruke. Muri make, ubwo buhinga buzofasha kugereranya ingurane canke ubwishingizi butavuna ku murimyi w’umurundi, ico nikintu gikomeye cane kuko umurimyi ntazoremerwa n’amadeni ahubwo azoba yafashe ideni ashobora kuriha inyuma yo guteza imbere ibikorwa vyiwe.

Ishirahamwe  Oxfam ryaragerageje ubwo buhinga bwa Blockchain ku barimyi bashika 200, barabakwirikirana gushika bimbure basanga bigenda neza cane. Nta nkeka ko ubwo buhinga bwoshobora gukora neza mu Burundi bukoranye nama Banki n’inzu z’ubwishingizi zikishinga gukwirikirana umwimbu. Ariko bisaba ko haba hariho politike y’uburimyi itomoye kugira ico gisata c’uburimyi gihabwe amahera kugira ngo ubwo buhinga bwa Blockchain  buze gukorera mwico gisata.

E.N