Urudandazwa rwo ku muhora ngurukana bumenyi bita Freelance ni imwe mu nyishu z’ibura ryakazi muri Afrika

Mu bihugu vyinshi, ukurwanya ubushomeri ni kimwe mu bikorwa biza imbere mu migambi yavyo. Ibituma ubwo bushomeri burwirirana cane cane ku bahejeje amashure ya kaminuza, bifatiye kw’irwirirana ry’urwaruka mu bantu, ukworoherwa mu gushika mu mashure ya kaminuza, bica bituma hashika urwaruka rwinshi kw’isoko ry’akazi.

Muri ibi bihe isi irimwo aho igitigiri c’abatagira akazi kiguma kiduga cane ku rugero rwa ma miliyoni, ubutunzi bwo kw’isi buraruhijwe no kuronderera ubuzi bubereye abanyagihugu bageze mu myaka yo gukora.

Umuzo w’ubuhinga bushasha waratumye haboneka ubuzi bushasha amashirahamwe asanzwe akeneye. Bitumwe n’umuhora ngurukana bumenyi be n’iterambere mu buhinga bwa none, abantu benshi bagizwe n’urwaruka baciye bahurumbira ako kazi gashasha kajanye n’ubwo buhinga arivyo bise Freelance. Nimba ivyo bikorwa vyarahurumbiwe cane ku migabane ya Amerika, Uburaya na Asia, n’umugabane wa Afrika ntuzosigara inyuma.

None n’iki Freelance

Freelance ni ijambo rikomoka mu rurimi rw’icongereza gisigura neza na neza umukozi yigenga mu kirundi. Ibintu bitarenze ivyo vyerekana mu mwanya umwe akazi kigenga n’umukozi yibako.

Umukozi yigenga bisigura umuntu akora k’uruhara rwiwe, ata mushahara afise kubera ata shirahamwe ry’abikorera utwabo canke akazi ka Reta akora, akora we nyene, atabo bafashanya bahembwa ariko arashobora gufashanya n’abandi b’inyuma akabatuma ibikorwa bimwe imwe.

Hambavu y’imirwi y’abantu tuzi bigenga mu bikorwa vyabo nk’abadandaza, abashingwamanza, abajejwe kuraza ingenzi  canke abarimyi, haraheze imyaka nka cumi haboneka uwundi murwi mushasha w’abakozi bigenga  biturutse kw’iterambere ry’ubuhinga bwa none bufasha gukora ahuri hose umwanya uwariwo wose.

Ivyo bikorwa vyo mu bwigenge bikorerwa ku muhora ngurukana bumenyi bihindura abatagira akazi mu bakozi bigenga bitumwe n’iterambere ry’urubuga web. Gukora nkuwigenga mu kurondera akazi bituma umuntu agira uburambe muvyo arimwo akongera agateza imbere ico gisata akoreramwo. Abenshi muri abo bakozi bigenga ni abanyamyuga ( abakora amazi,  abasiga irangi, ababaji ,…..)  canke abantu bakamisha ubwenge bwabo (abahanuzwa, abamenyashamakuru, abanyatugenegene, abahinga mu bikoresho vya none, abajejwe gukontorora amatungo, abakozi b’imigambi, abakarihiriza ubumenyi abandi , ….)

Wokora gute umwuga w’uwigenga bikorewe k’umuhora ngurukana bumenyi?

Harasabwa ibintu bitatu kugira ushobore gukora nk’uwigenga ubikoreye k’umuhora ngurukana bumenyi:

Imashini nyabwonko ifise umuhora ngurukana bumenyi:

Kuba ufise ukuntu agahembo wakoreye kagushikira ni ukuvuga i konte muri banki canke ku yindi mihora iriha amahera yifashishije umuhora ngurukana bumenyi nka PayPal, Payoneer, canke moneybackers.

Ubushobozi bujana n’ivyo bikorwa.

Ni izihe nyungu canke kubera iki dukora muri Freelance?

Kuja muri Freelance bifise akamaro kenshi. Ng’ibi ibitari bike bituma wogira inyota yo kwinjira muri freelance na cane cane iyo uriko urarondera akazi.

Ubwa mbere, kwerekana ico wamaze (CV).

Bituma uguma ku kivi. Ni ikimenyetso ciza gituma uhiganwa n’abandi kw’isoko ry’akazi ndetse ukongera ukizerwa. Gukora igikorwa mubwigenge mu gihe uri mu bushomeri birongereza amahirwe yo kuronka akazi. Ivyo bituma uronka ico uba urinjije ukaba urabayeho mu kurindira kuronka akazi nyezina mu gihe arivyo wipfuje.

Ukwigenga kwuzuye

Umukozi yigenga aba asanzwe ari umwe, ntawe bahana amategeko mu kazi.

Umwidegemvyo hirya no hino

Freelance iratuma uwuyikoresha akora igikorwa ciwe ataho yimiriwe muhira, muri vya bibanza twita cyber bitanga umuhora ngurukana bumenyi canke ahakorera mu runani n’abandi bakozi bigenga arivyo vyitwa caworking. Uwo mwidegemvyo utuma ushobora kuva mu kibanza cakazi runaka uja mu kindi, ugategekanya umwanya wawe neza ku buryo ushobora gukora n’ibindi.

Ubushobozi bwo gukora igikorwa uri ahariho hose kw’isi.

Umukozi yigenga arashobora gukora akazi ari kure ahariho hose kw’isi, murashobora gukorana n’umurwi w’abantu b’imico itandukanye, mugukorana n’abantu mutarigera muhura na rimwe mutari no mu gihugu kimwe ndetse no ku mugabane umwe w’ibihugu.

gutunganya umwanya mu bwigenge w’akazi kawe. Muri freelance murashobora gutunganya  umwanya wanyu. Mugahitamwo isaha yo gutangura akazi, isaha yo kugodoka, mukavuga ko muba muri ku kazi imisi yose canke uwundi mwanya. Ntutegerezwa gukora amasaha aya ku ndwi canke ngo ukwirikize urutonde rw’akazi ruba ruhasanzwe nka kurya biri mu buzi busanzwe.

Umuhora w’akazi

Igikorwa c’ubucukuzi canke ubushakashatsi kirateza imbere umuhora, na cane cane ko tuzi ko umuguzi iyo yanezerewe ashobora kuba umukoresha wo muri kazoza. Aba azi neza ivyiza bijanye n’ivyo ukora, n’ivyo ushoboye. Vyose biva mu kuvugana neza ku kazi.

Ubushobozi bwo gukorana n’amashirahamwe menshi

Kubera uba witunganirije umwanya wawe mu gukora akazi, urashobora gutunganiriza abaguzi benshi. Akamaro ntasubirizwa dukura muri freelance ni ukuronka umusaruro uzananye mu mpande nyinshi nk’uko vyibonekeza mu buzi tumenyereye. Muba mufise abakiriya canke abaguzi benshi kw’isi.

Ukwiyemera muvyo waranguye wewe nyene

Nk’umukozi yigenga , nta wundi n’umwe ahakorera  ivyo mukora niwe uvyifasha gushika bikunze. Muri make, abikorera utwabo, amashirahamwe yo kuziganya  no kugurana hamwe n’ayandi mashirahamwe, vyose bisigaye vyitura imihora ya freelance kugira ikoreshe ibikorwa vyayo inyuma iciye kuri iyo mihora.

Imihora ikorana na freelance, umuntu ashobora gukoresha muri Afrika:

5euros.com: Ni umuhora w’abafaransa ukoreshwa cane muri Afrika

Nyamga: N’uwo ni umuhora ukoreshwa vy’umwihariko n’abanyafrika

Azowato: Ukora co kimwe nuwo muhora nyamga

Afreeklance: Ni umuhora ukwinjiza mu ma freelance menshi muri Afrika mu ntumbero yo guherekeza ngo ushike ku ntumbero wihaye

Comnowork: Umuhora ukwereka abahinga ba banyafrika bafise uburambe bwinshi

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N