Igabanuka ry’agaciro ry’amahera yo ku bushinga ngurukana bumenyi yitwa ETHER na Bitcoin

Uko agaciro kayo kaduga cane niko bishika ka kamanuka cane. Ivyo birazwi niko vyama mu vyubutunzi. Umwamikazi w’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi Bitcoin yarataye agaciro gose. Yarataye agaciro gushika ku bice 50% ugereranije n’agaciro yari afise mu mwaka wa 2021, kandi siyo yo nyene, nayitwa ETHER yabaye rurangiranwa, yarataye agaciro muri iyi misi kandi vyabereye nka rimwe.

Bitcoin niyo yiharije isoko gushika ku bice 41%. Akoresha umutahe munini ungana n’imiriyaridi 628 y’amadorari. Agaciro kayo kakaba 30000 y’amadorari, rukaba rwabaye urugero runini rwashitsweko mu mwaka wa 2021. Bitcoin agaciro kayo karagabanutse gushika ku bice 51% , iryo gabanuka ryabaye inyuma yuko ayo mahera yaduze agaciro gose aho yageze ku rugero rw’amadorari 70000 muri munyonyo 2021.

Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yababa Bitcoin ni ayitwa ETHER nayo nyene akaba yarakorotse agaciro cane. Agaciro kayo kababa ibice 20% vy’imitahe yose y’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Yose hamwe afise agaciro k’imiriyaridi 289 y’amadorari. Uno musi Ether rimwe rigurwa amadorari 2200 vyumvikana ko yagabanutse ibice 50% birenga kuko yigeze gushika ku madorari 4900 muri munyonyo 2021, niko gaciro kari hejuru ETHER yagize muri uwo mwaka uheze.

Bica vyumvikana ko abanya mitahe bari muyabira bitumwe n’uko gutakaza agaciro kudasanzwe kwa Bitcoin na ETHER. Aba nyamitahe ico baciye bakora  nukurungika ayo mahera mu bigo biyavunja kugira bayakabe n’ayatariko aratakaza agaciro azwi nka Stable Coin. Stable Coin ni amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yo mu bwoko bwa USDT canke DAI , afitaniye isano n’arya mahera dusanzwe tuzi nk’amadorari, Euro canke Yen. Iciyumviro co gushiraho Stable Coin ni ukugabanya kwinuba abantu bashobora kugirira nabi amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Mu mwaka wa 2017, agaciro ka Bitcoin karaduze gushika ku madorari 20000 mu nyuma arata agaciro. Muri ntwarante 2021, Bitcoin yabandanije iduga gushika ishike ku madorari 63000 mu nyuma rirakoroka rija ku madorari 30000 muri mukakaro 2021. Tugarutse kwikoroka ry’ agaciro k’ayo mahera, imitahe yinjira iba ari minini muri uwo mwanya arivyo bituma isoko ry’ayo muri uwo mwanya arivyo bituma isoko ry’ayo ritakaza agaciro cane. Ariko rero iyo Ariko arasohoka ni ikimenyetso c’uko ashobora kuduga kandi.

Igabanuka ry’agaciro ka Bitcoin ku bice 15% mu ndwi iheze dusanga mu nkuru y’urubuga Glass node, harigaragaza iduga ryo kurungikiranira amahera mu kuyavunja. Igenekerezo rya 6 Rusama uyu mwaka harinjiye 12.246 vya Bitcoin , akaba yababa imiriyoni 402 y’amadorari ufatiye ku giciro kihari ubu. Ku ruhande rwa ETHER, biragaragara ko abanya mitahe barindiriye ukwiyunga kwa ETHEREUM bizeye ko bishobora kuba mu gice kigira 3 cuyu mwaka. N’ivyo bisigura ko urugero rwo guhanahana ETHER muri uku kwezi kwa Ruheshi vyagaragaye ko umurwi munini waba nya mitahe bakuye imitahe yabo mu gisata co kuvunja ayo Mahera. Urugero ruto rw’abayatanga ntirwatumye abayasaba biyongera, ivyo vyaje bisa n’ibihushane ariko bisigurwa n’uko aba nyamitahe bagumye biteze ukwiyunga kwa ETHEREUM.

Hambavu yizo ngorane ayo mahera ariko aracamwo, ibikorwa vya Ethereum mu gisata ca DeFi vyagumye bifitiye akamaro ayo mahera kuko ihanahanwa ry’ayo mu gisata ca DeFi vyagumye ku rugero rwo hejuru. aba nyamitahe barashobora no kunezerwa no kudandaza amahera y’abo muri ico gisata c’ubutunzi twise DeFi. Nk’uko ndabigira kenshi mbaza ko bikenewe gutahura, DeFi ifise akamaro kuri ETHEREUM.

Igisata c’ubutunzi DeFi kirerekana ibikorwa bijanye n’ubutunzi biri ku rubuga Blockchain cane cane ETHEREUM. DeFi irakora ibikorwa nk’ivya ma banki nko gutanga inyungu, ingurane, ubwishingizi, ibikorwa bijanye n’imitahe n’ibindi ariko ivyo bigakorwa ningoga kandi ata kindi gisata kije hagati. nk’ayandi mahera yose yo ku buhinga ngurukana bumenyi, DeFi ikorera kw’isi yose, igakorera hagati y’abantu 2 ata kindi gisata vyiriwe biracamwo. DeFi yarahurumbiwe mu gisagara ca Wall Street kuko ubwo buhinga bukoreshwa ataho urinze gukota ukorera, ata soko ugiyemwo , ata Mahera Banki igukase, …..

Urugero rwo guhanahana ETHER mu gisata coin base hamwe no mu gisata c’ubutunzi DeFi Uniswap si rumwe. Urugero rwo guhanahana ayo mahera muri DeFi Uniswap rurashikana umuriyaridi 1,63 vy’amadorari muri coin base n’aho urwo rugero ni imiriyoni 500 y’amadorari. ata vunjwa rya ETHER ribaye ku ngero zitandukanye, yoshobora kuba ngirakamaro mu bisata bitandukanye, nko mu gutanga ingurane nk’akarorero, boshobora kandi kuyikorako bashaka guhindura  Stable Coins.

Abasesanguzi be n’abadandaza bose baremeranije ko Bitcoin rizoguma rikoroka agaciro gushika nko ku madorari 20000. N’ubwo Bitcoin na ETHER biriko biratakaza agaciro muri iyi misi, imitahe y’ayandi mahera akarorero ku rubuga ngurukana bumenyi ihagaze neza. Tron (TRX) yaraduze ku bice 32,8%,  Algoland (ALGO) aduga ibice 33,2 % ayitwa curve (CRV) aduga ibice 20,3%, Hélium (HNT) aduga ibice 13,8%. Eka n’ayandi ahagaze neza. N’ubwo biruko vyoba vyiza agaciro kayo katagumye kaduga cane kuko iyo bishitse agatakaza agaciro biba nko kuri rwa rugero yadugako.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N