Uguhitamwo Bitcoin muri Afrika

Umugabane wa Afrika uriko uratera imbere mu bijanye no gukoresha ya mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi n’aho umutahe utarisununura, ariko biriko biratera imbere n’ubwo amategeko atavyorosha mu bihugu bimwe bimwe. Ku bwa BitcoinAfrika io, ibihugu 5 vya mbere birimwo abanyagihugu bakoresha cane ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi kandi bahisemwo Bitcoin ni Afrika yepfo, Nigeria, Zimbabwe, Kenya na Ghana.

Ku bwa D04AFRIKA mu nkuru yayo ivuga ku bijanye no guhitamwo amahera yo kubuhinga ngurukana bumenyi muri Afrika, Nigeria irafise isoko rimwe mu masoko ya Bitcoin riteye imbere cane kw’isi  bita peer to peer ariko igenekerezo rya 12 Nzero 2017, i banki nkuru ya Nigeria yaragabishije amabanki yose be n’ayandi mazu adandaza amahera yuko batohirahira ngo bakoreshe, babike, bavunje, bagure, mwenayo mahera. Igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2021, ibanki nkuru ya Nigeria yatanze itegeko ku yandi ma banki yose yo mu gihugu ryo kwugara ubushinguro bw’umuntu wese asanzwe akoresha ayo mahera muri ayo ma banki.

Ku bwa D04AFRIKA nyene, ibihugu nka Maroc, Algeria, Lybiya, Egiputa, Zambiya, Zimbabwe na Namibiya vyarabujije ikoreshwa ry’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Muri Kenya ntaco babivuzeko, ntibemeye canke ngo bahakane ikoreshwa ry’ayo, ariko ico gihugu caragabishije abanyagihugu baco ko ayo mahera ata soko rizwi n’amategeko mpuzamakungu afise ko hagize ibibazo bagira mu gukoresha ayo mahera ataho boronka babatunganiriza. Muri Afrika y’epfo, nta mategeko canke amabwirizwa araba ibijanye n’ikoreshwa ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi, ariko hariho umurwi washizweho kugira wige amabwirizwa ajanye n’imitahe yayo mahera kugira igihugu kigire aho gihagaze kuri urwo ruhande.

Mu Burundi, mu kiganiro cabaye igenekerezo rya 20  Myandagaro 2019, ibanki nkuru y’igihugu ( BRB) yaravuze ko yumvise ibikorwa bijanye no gushira imitahe be no kugura amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ariyo Bitcoin, ETHER, Litecoin, Doge Ian, One coin, BTC, Fahari cash coin, Ella cash coin n’ayandi asa n’ayo.

Ibanki nkuru yashikirije ko ari amahera ata tegeko na rimwe riyagenga kurya kwayandi mahera. Kuri iyo mvo, i banki nkuru y’igihugu yaribukije abantu ko ata banki n’imwe yemerewe gutanga ayo mahera. Iyo banki yahanuye abantu kwiyubara no kumenya neza ikoreshwa ry’imitahe y’abo ririko rikorerwa mu mashirahamwe yo kudandaza amahera azwi n’amategeko kandi yemewe n’ibanki nkuru y’igihugu.

Muri Tanzaniya, umukuru w’Igihugu Samia Suluhu Hassan yahamagariye ibanki nkuru ya Tanzaniya gukwirikirana neza ibijanye n’umuzo wa Bitcoin hamwe n’ayandi mahera nkayo barabe ko ataco yoza afasha mu butunzi bw’ico gihugu mu nyuma yuko n’ibindi bihugu biriko biriga ibijanye n’ayo mahera.

Igenekerezo rya 14 Ruhenshi 2022, Samia Suluhu Hassan (nkuko vyavuzwe ku rubuga ngurukana bumenyi cryptoast mu nkuru yitwa Tanzaniya. Umukuru w’igihugu yahamagariye abantu kwitegurira ikoreshwa rya Bitcoin n’ayandi mahera akora nk’ayo, yarasavye i banki nkuru y’igihugu ciwe gukwirikirana vy’umwihariko ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Kubw’umukuru w’igihugu, mu karere kose na Tanzaniya idasigaye inyuma ntibemeye canke ngo batangaze ikoreshwa ry’ayo mahera. Yagize ati umuhamagaro wanje n’uyu mutegerezwa gutangura gukoresha iryo terambere. I banki nkuru y’igihugu itegerezwa kwitegurira izo mpinduka idasamajwe n’abakiri inyuma. Yatunze urutoke ku kutumva kumwe uwo mugambi mu nzego be no mu bihugu biri muri Afrika y’ubuseruko.

Ku bijanye na Uganda ( ku bw’urubuga ngurukana bumenyi Press Free mu nkuru yarwo, ibanki nkuru y’ubuganda yashize amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ku rutonde rw’amahera adakoreshwa muri Uganda, i banki nkuru yaragabishije abantu bose ko batokoresha ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu kuriha ibidandazwa, ikemeza ko ata shirahamwe na rimwe ryahawe uruhusha rwo gukora ibikorwa nk’ivyo. Umuyobozi w’igisata c’igisata c’igihugu kiraba ivyo kuriha amahera, mw’itangazo ryo ku wa 29 Ndamukiza, yaravuzeko yumvise n’amakenga menshi ko hariho ibisata biriko biratanga amakuru ajanye no kuvunja ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi mu mahera ngendanwa yo mwi terefone canke guhindura ayo mahera yo mwi terefone muri ya mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi, ivyo bikaba bitemewe nkuko bivugwa n’uwo muyobozi.

Muri make, mwatahuye ko, ata gihugu na kimwe co muri Afrika kiremera ku mugaragaro Bitcoin. Ariko muri Ndamukiza umwaka wa 2022, igihugu ca centrafrika caremeje ku mugaragaro ikoreshwa ry’ayo mahera yo ku buhinga ngurukanabumenyi gica kiba igihugu ca mbere muri Afrika n’ica kabiri kw’isi yose inyuma ya Salvador kwemeza ku mugaragaro Bitcoin nk’amahera yemewe mwico gihugu hambavu y’amafaranga yabo bita CFA. Ivyo vyamenyeshejwe n’ibiro vy’umukuru w’ico gihugu ashimangira ko arico gihugu kibaye ica mbere muri Afrika muri uwo mugambi. Inama nshingamateka yatoye itegeko rijanye n’ayo mahera 100% hanyuma umukuru w’Igihugu aca araryemeza.

Igenekerezo rya 7 Nyakanga 2021, igihugu ca Salvador Cabaye igihugu ca mbere gihitamwo Bitcoin nk’amahera yaco yemewe hanyuma ikigega c’isi FMI nticatevye kumenyesha ko iyo ngingo iteye ubwoba ku bijanye n’ihungabana ry’ubutunzi canke umutekano w’abaguzi. Budakeye na kabiri centrafrika yemeje Bitcoin nk’amahera akora mu gihugu, ikigega c’isi  FMI caribukije ko abantu batokwiyumvira ko Bitcoin ari nk’inyishu y’ibibazo vy’ubutunzi biri muri Afrika, ariko aremeza ko ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ashobora gufasha cane mu gisata co kuriha ibintu kuri uwo mugabane w’isi nkuko vyabandanije bivugwa n’umuyobozi ajejwe igisata ca Afrika mu kigega c’isi FMI, abebe Aemro Selassie mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ariko ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Centrafrika bivuga ko uwo mugambi wagishize kw’ikarata y’ibihugu bibangutse kandi bifise ihangiro kw’isi.

Mu gusozera, ukutavyumva kumwe kw’abajejwe amategeko niyo ntambamyi nyamukuru muri Afrika nk’uko twagiye turavyerekana aho hejuru.

Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi si inyishu gusa ku bantu badasanzwe bari mu ma banki. Ahubwo arashobora gukoreshwa canke kubonwa nk’uburyo butuma ahantu basuzuma ubutunzi bwabo.

Kuri ino saha, igihugu ca Salvador na Centrafrika n’ivyo vyo nyene vyemeye Bitcoin nk’amahera yavyo yemewe, ibindi bihugu birategekanya kubikora, ibitari bike biriko biratangura kwiga amategeko bijanye.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N