Gushona mu buhinga bwa none hamwe no kurwanya ubushomeri mu rwaruka rwa ba nye Kongo.

Vyarondewe na Bernardino SEBAHIRE, umushakashatsi ISDR/ Bukavu.

Kuronka akazi k’urwaruka  kiguma ari ikibazo gikomeye muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Ku matohoza yakozwe n’ishirahamwe ryitaho ineza y’urwaruka (unicef), ibice 78% vy’urwaruka rwabajijwe nta kazi rugira. Ikindi kandi, ibice 25% vy’urwaruka, ivyo bize ntivyigera bironderwa n’abakunda gutanga akazi. Haba mu buzi bwa Reta, mu mashirahamwe yabikorera utwabo  n’amashirahamwe mvamakungu ntiyigera abaha amahirwe yo kuronka akazi  bagiheza amashure. Ku buzi buke bwitwa ko bukunda kuboneka k’urwaruka , uburambe mu kazi buca bubabera intambamyi. Kugira babeho nizo mpamyabushobozi zabo, urwaruka rutari ruke rwa ba nye Kongo rubeshejweho no kwiyungunganya.

Luc Mushagalisa Saiga, umwe mu rwaruka abeshejweho no kwiyungunganya, akaba asanzwe yaramenye mu bujanye no gutunganya imigambi, yahisemwo kwibeshaho mu gushona. Nkuko tubibwirwa na Luc, gushona mu buhinga bwa none ni guhindura ibicapo, amasanamu ukoresheje inyuzi. Ni ukuvuga ko igicapo ugishira ku mpuzu ukoresheje urunyuzi. Gushona muri ubwo buhinga ni ubuhinga bushasha aha i wacu i bukavu, buje gusubirira bimwe vyo gukoresha irangi mu gucapa ku mpuzu.

Vyose birashobora gusubirirwa no gushona hakoreshejwe urunyuzi, biraramba kandi bisa neza kurusha. Muzobibona nko ku myambaro y’abaporisi, y’abakozi bamwe bamwe ba Reta hamwe n’abandi bantu, izo mpuzu ziriko ibicapo, ivyo bicapo ntitwobishira kuri izo mpuzu dukoresheje irangi kubera ryoca rivako zimeshwe ariko dukoresheje urunyuzi ico gicapo kiraramba ku mpuzu.

Ubwo buhinga urwo rwaruka rwabwigiye mu gihugu c’Ububirigi ubu rero bariko bashira mu ngiro ivyo bize i Bukavu.

Ubwo buhinga burakundwa n’abanyagihugu. Ku baguzi, gushona mu buhinga bwa none barabitera amashurwe. Abadushorera barahimbarwa cane nikimenya menya uja ubona bagarutse kudushorera nayo ubundi batashimye ivyo twakoze ntiboheza ngo bagaruke kudushorera, gusa ibiciro bisa nibiri hejuru ugereranije n’izikozwe muri bwa buryo bw’irangi ariko ntitwovuga ko zizimvye uravye uko zikozwe. Ziba zikozwe neza tukaba tuzi ko akeza kigura, ivyo bikorwa vyacu ntabwo bizimvye,  kera kugira  uronke impuzu zishonye muri ubwo buhinga vyasaba ko urinda kuja mu bindi bihugu ( Kampala , Kenya , Dar es Salama canke i Buraya). Ubu vyose turashobora kubironka i bukavu. Gushona mu buhinga bwa none si umwuga wa Bose aha i Bukavu kandi si uwariwe wese ashobora gushonesha gutyo, turi bake babikora, abakiriya  baraheza bakadusanga aho dukorera niko tubibwirwa na Saiga.

Abakiriya bacu ni benshi, twovuga nk’abari mu muhari w’abasukuti bi Bukavu eka abo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo muri rusangi. Twatanguye ivyo vyo gushona kubera bo nibo batanguye kubinyigisha, nagiye mu Bubirigi kubera bo, ninabo bakiriya ba mbere mfise. Mu bakiriya banje, harimwo abaporisi aribo bakiriya baza ubugira kabiri be n’abakozi bakora mu mashirahamwe yo kuguranana amahera ari ngaha i Bukavu. Ivyo mubona bambara abo muriyo nitwe tubikora. Mu bakiriya bacu twovuga nkabigenga bikorera utwabo , ibitaro, amashirahamwe mvamakungu n’abandi benshi, ni abo bariko baratuma dutera imbere.

Uko umwuga wa Luc uriko uragenda.

Uno musi mfise imyaka 38, natanguye kuja mu muhari w’abasukuti ku myaka 14. Mazeyo imyaka nka 7 nari natanguye gushona nkoresheje amaboko, ariko ubu ivyo dukora vyose ni mu buhinga bwa none,  abasukuti bo mu Bubirigi baramfashe mu mugongo kubera bashimye ivyo nkora (turakora udupira i Bukavu tukadushora mu Bubirigi), ni muri iyo nzira nahavuye nja no gukora ivyo gushona mu Bubirigi. Maze kumenya neza uwo mwuga, nkoresha i mashini nyabwonko mugukora ivyo nshaka.

Luc n’aho akiri muto ntaciyumvira ivyo gusaba akazi. Yarize ivyo kwibeshaho, abayeho neza n’umuryango wiwe, arigisha abana biwe kubera ubwo buhinga. Muri iki gihe asigaye yigisha n’abandi k’ubuntu, arakwirikirana imiyabaga 2 mu ruganda rwiwe. Babiri ba mbere yigishije, baramaze kubikora nk’umwuga.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N