Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo: Imyigaragamvyo yo kwiyamiriza umurwi MONUSCO hamwe n’imigumuko yo mu kivunga.

Vyatohojwe na Bernardino SEBAHIRE,

Umushakashatsi  CERPRU/ IS DR – Bukavu

Ibikorwa vy’imigumuko n’ubwononyi vyabaye muri Kongo muri mukakaro umwaka 2022 ni ikimenyetso kitabesha c’ishavu ry’umurengera ry’abanyekongo baba mu buseruko bw’ico gihugu bagiye baragira haraheze imyaka 20. Nkako igenekerezo rya 25 Mukakaro 2022, abanyagihugu bo mu bisagara vya Goma, Butembo na Uvira barateguye imyiyerekano ivanze n’ubugizi bwa nabi ku murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe umutekano muri Kongo.

Iyo migumuko yashitse mu bihe bitoroshe mu vy’imibano na poritike. Mu gisata ca poritike, harategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka uza wa 2023. Mu gisata c’imibano, ibitigiri vy’urwaruka rutagira akazi biguma vyiyongera, amayegereyegere mu bakozi ba Reta yama yabaye, amabarabara yarashaje cane, ibiciro kw’isoko biguma biduga kubera umwimbu udakwiye wo mu gihugu hagati. Umutekano muke niwo wagumye urangwa mu ntara za Ituri na Kivu yo mu buraruko n’ubwo umukuru w’Igihugu yari yafashe ingingo z’umutekano zidasanzwe.

Kubera ivyo bintu vyose bitanezereye tuvuze, abanyagihugu bo muri Kongo basidukiye rimwe mu mpera za mukakaro uyu mwaka wa 2022 batera ibirindiro vyo mu murwi ujejwe umutekano MONUSCO hamwe n’abakozi bawo. Ama radiyo n’ibimenyashamakuru yabivuga ugutandukanye: « Iyo myiyerekano yo kwiyamiriza MONUSCO muri Kongo yagiye gukomera inyuma y’urupfu rw’abantu 15 harimwo abasirikare 3 b’uwo murwi vyabereye mu bisagara vya Goma na Butembo muri Kivu y’uburaruko igenekerezo rya 26 Mukakaro 2022. Abigaragamvya bane (4) barapfuye ku wa gatatu igenekerezo rya 27 Mukakaro 2022 muri Uvira, igisagara ca kabiri (2) c’intara ya Kivu y’ubumanuko. Imishamirano irakomeye hagati y’abasirikare ba MONUSCO n’abanyagihugu bo muri Kivu y’ubumanuko. Mu ndwi iheze, imyiyerekano yo kwiyamiriza MONUSCO yabereye mu bisagara vyinshi vyo mu buseruko bwa Kongo nka Goma, Butembo, Béni na Nyamilima. Ibirindiro vya MONUSCO nivyo vyaronderwa cane muri iyo myiyerekano. Abantu 36 harimwo abasoda 4 ba MONUSCO Nibo bahasize ubuzima muri iyo mishamirano hagati yizo mpande uko ari z’ibiri (2).

Igitabo kivuga ku migenderanire y’abanyagihugu ba Kongo n’umurwi ujejwe kugarukana amahoro n’umutekano MONUSCO

Umwanditsi  w’umunyekongo Bienvenue N. Karhakubwa, mu gitabo ciwe citwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, kubumbatira amahoro be n’uruhara rwa MONUSCO igitabo cagiye ahabona kwa Harmattan mu mwaka wa 2021, handitsemwo ibi bikurikira : « ubwa mbere, abanyagihugu bo muri Kongo bararakariye cane umurwi MONUSCO mu kutamenya ubutumwa bwawo, ukuntu ukora, canke intumbero yawo nk’umurwi ujejwe kubungabunga amahoro warungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu  ONU.

Ubugira kabiri, abanyagihugu bo muri Kongo rimwe na rimwe bararakariye umurwi MONUSCO kubera ata wundi mugambi wundi wo kubungabunga amahoro muri Kongo uhari. Kuri ivyo, ico gitabo kiratanga intumbero yo gushiraho i itegererezo c’umugambi wo kubungabunga amahoro arama muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ubwa gatatu, abanyagihugu bo muri Kongo rimwe na rimwe bararakariye umurwi MONUSCO bitumwe no kudashima ibikorwa vyawo ufatiye kuvyo abanyagihugu baho bari biteze kuri uwo murwi mu bijanye n’amahoro n’umutekano bafatiye ku bantu bagize uwo murwi n’uburyo baronka.

Ubugira kane, abanyagihugu ba Kongo rimwe na rimwe bararakariye umurwi MONUSCO bitumwe n’ibihushane bawubonako nk’umurwi ujejwe kubungabunga amahoro n’umutekano warungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kuri iyo mvo ibihushane bitanu (5) vyarashizwe ahabona muri ico gitabo.

Twovuga umuzo mu vyiyumviro w’idini rya Islamu muri Ako karere , ikintu ciswe abana ba MONUSCO, abana bavutse ku basoda ba MONUSCO n’abakobwa ba banyekongo, uruhara rw’abakozi bamwe bamwe ba MONUSCO mu mirwi inyuruza ubutare, ibiganiro biba hagati y’abakozi bamwe bamwe ba MONUSCO canke abasoda bayo be n’imirwi yitwaje ibirwanisho be n’ugudatwa ugutandukanye kw’aba nyekongo bakora muri MONUSCO. Vyabaye nk’umuryango w’ivyiyumviro wuguruwe kugira ngo hatorwe uburyo bwo gukosora ivyo bihushane vyose.

Ico gitabo kiri ku bigabane 3 : Ibintu nyamukuru mu kubumbatira amahoro hamwe n’ubutumwa bwo kugarukana amahoro bw’ishirahamwe ONU, igikorwa c’umurwi MONUSCO (nk’uko bibonwa n’abanyekongo) be n’ibihushane vyibonekeza kuri MONUSCO (nk’umurwi ujejwe kugarukana amahoro wa ONU).

Hamwe abarongozi bo muri Kongo bofata ivyavuye mu bushakashatsi bwakozwe mu bisata bitandukanye hamwe n’intumbero yavyo ikabiha agaciro nyako, Kongo ntiyoheza ngo igume isubira inyuma ku musi ku musi nk’uko tubibona yongere gw’ibe n’akamenyo.

Nico gituma ico gitabo, gisorongora ingaruka mbi y’iryo terwa rya MONUSCO bikozwe n’aba nyekongo bikongera bigatanga inkingi nshingiro, mu gusigura bintu nyamukuru vyo kubungabunga amahoro be n’ubutumwa bwo kugarukana amahoro, mu gushiraho icitegererezo c’inyubako y’amahoro arama muri Kongo (igikoresho ntaco gituma ubutungane bw’inyuma y’ibihe nk’ivyo bukora neza), kuvugana ku bijanye n’ibikorwa vya MONUSCO n’ukuvuga ibikorwa uwo murwi ukora muri Ako karere, gusorongora no guca hirya no hino ibihushane vyaranze MONUSCO arivyo bituma icafura mu maso y’abanyagihugu.

Umugambi wo gukura MONUSCO muri Kongo waremejwe na Reta.

Bitumwe n’intumbero yabaye imbarutso y’imyiyerekano, ariyo ukugenda kwa MONUSCO, khassim Diagne yibutsa ko ukugenda k’uwo murwi vyahaririwe, reta ya Kongo igirako mbere yemera n’igenda ry’uwo murwi.

« Nibazako hariho Ibintu 3 bikomeye. Ubwa mbere, ni ukwemeza abanyagihugu, abo dukorana yuko turiko turagenda. Kuri ivyo turafise umugambi umeze neza wo kugenda wemejwe n’abarongozi. Ubugira 2, ntidukina umukino w’umwansi. Kwoba Ari ugusamara kwohava kutugora cane. Ubugira 3, ubukozi bw’ikibi siyo nyishu »  nk’uko vyavuzwe na Khassim Diagne ».

Reta ya Kongo ku ruhande rwayo, ivuga ko ikeneye ugukorana neza na MONUSCO. Ni imwe mu nyigisho twokura muri iyo myiyerekano nk’uko vyemejwe n’umuvugizi wa reta , Patrick Muyaya. Inyigisho ya mbere twokuramwo, nibazako twonagura cane ibijanye n’urubuga wa poritike, intambara canke guhana amakuru, kunagura cane ugukorana n’umurwi MONUSCO. Kuko vyose vyavuye ku vyavyavuzwe bitatahuwe kumwe n’abasirikare Natwe, n’abanyagihugu. Ariho havuye ivyo vyose. Ingaruka mbi igira 2 twokuramwo, nuko tutokwirukira muvyimigumuko ubwa mbere. Iyo mwihutiye imigumuko muhakwa kuburiramwo vyose , mugahamba nivyo mwariko muraharanira nkuko bivugwa na Patrick Muyaya.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N.