Ibintu nkenerwa biva mumashamba: Isoko ryo kwiteza imbere muri Kongo

Vyateguwe na Bernardino SEBAHIRE

Umushakashatsi  ISDR/ Bukavu

Amatazirano ntabuze twokwita igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Hari abayita bitangaza muvy’ubutaka, abandi bakayitazira gihugu murabana, abandi nabo igihugu c’inyishu mu gihe baba batashatse kuvuga ibibazo bijanye n’ibintu nkenerwa biva mw’ishamba. N’ubwo ico gihugu gifise amahirwe nkayo, imiryango iba hafi yubwo butunzi kama babayeho mu bukene butagira izina: nta mabarabara ahari, ibitaro bihari birashaje, amashure yarasambaguritse,  n’ibindi….

Muri kino gihe, abantu bashika umuriyaridi n’igice babayeho mu bukene budasanzwe, babeshejweho n’ibintu biva mu mashamba. Ku bantu baba mu micungararo y’ayo mashamba, ishamba ni nk’inzu, niho bakura inkwi zo guteka ibifungurwa bagatorera umuti n’izindi ngorane. Guhonya ibidukikije biza vyongereza ubukene bwabo.

Kubw’ Ubumwe bwa Buraya, Kongo irashajije bitumwe n’ubwinshi bw’ibintu nkenerwa dusanga mu mashamba.

« Kongo ni nk’uruzitiro runini mu bijanye no gukingira ibinyabuzima muri Afrika mu butandukane bwavyo, nk’uko bivugwa na Yohani Mariko Châtaigner, aserukira ishirahamwe rya Buraya i Kinshasa. Kongo ni igihugu c’inyishu: Ni igihugu kinini gifise ibintu nkenerwa vyinshi bikomoka ku mashamba. Ni igisharizo coshobora kuba isoko ry’iterambere ku banyagihugu be no gukingira isi » nk’uko bibandanya bishimangirwa na Yohani Mariko.

Ikiyaya ca Kongo kirimwo ikibira ca 2 kw’isi inyuma ya Amazonie: Kiri ku buringanire bungana n’ama hegitare imiriyoni 165, ibice 2/3 biri muri Kongo. imiriyaridi y’ibiti bisanzwe bifasha mu mibereho  y’abantu, bisanzwe bikorwako n’ubushakashatsi bukomeye.

I Yangambi , ku metero 25 hejuru y’ishamba harubatswe umunara uriko ibipimo vyinshi, atahandi tuwusanga henshi atari mu kiyaya ca Kongo. Aka karere kaciye gacika ikibanza c’ubushakashatsi, aho bagerageragereza kurwanya ubushuhe bw’isi be no kubungabunga ibidukikije.

Ku burebure bw’imetero 55 uva hasi, uwo munara waje wiyongera ku yindi 1400 yari isanzwe kw’isi, haraheze umwaka. Ku mugabane wa Afrika hari 12. Uwo mugambi wo kwubaka uwo munara wateguwe na Kaminuza ya Gand yo mu Bubirigi, ica yubaka i Yangambi mu kibira hagati. Hariko icuma gipima ubunyarutsi bw’umuyaga be n’iyo utera uja ikindi cuma kigapima umwuka wo mu kirere. Hashizwe hamwe ayo makuru yose, abashakashatsi baramenya urugezo rw’ivyo bintu bijanye n’ibirere. Uwo munara watanguye gukora kuva gitugutu 2020.

Iyo nyubakwa iradufasha kumenya urugero rw’ivyuka iryo shamba riyungurura rivanye mu kirere, nk’uko bisigurwa na Thomas Sibret , atwara umugambi Kongo Flux. Turashobora guharura ku mwanya ku mwanya urugero rw’ivyuka vya carbone vyagiye mu kirere igaca iyungururwa n’ikibira co muri ico kiyaya ca Kongo.

Amahaha yambere y’isi

Ikibira co mu kiyaya ca Kongo kirayungurura kuri buri hegitare no ku mwaka ivyuka vya Co2  vyinshi kurusha ishamba rya Amazonie , nk’uko vyibutswa na Michel Baudouin, umuyobozi wa ERAIFT (ishure ry’akarere ritunganya rikanabungabunga amashamba yo mu karere gashushe) akaba n’umuyobozi w’igisata kiraba ivyirwa vy ‘ uburimyi i Yangambi.

Ico kibira, ibitandukanye n’ibivugwa na benshi, si amahaha agira 2 y’isi ahubwo ni ikibira ca mbere mu kuyungurura imyuka vya carbone nk’uko bivugwa na Michel Baudouin. Ku mvo zitari nke zifatiye Ku binyabuzima, ku kahise harayungururwa  imyuka myinshi muri  iki gihe    muri ico kibira ca Kongo kuruta muri Amazonie canke muri Indoneziya nk’uko uwo muhinga abandanya abivuga.

« Ko tuzi ivyo ikibira cacu kiriko kirasukura, ni kubera iki tutokingira ico kibira kiriko kiradufasha gukinga ivyago bijanye n’ihindagurika ry’ibihe » nk’uko bivugwa na Fabrice Kimbesa, umufundi wo muri Kongo Flux.

Itunganywa ry’ikibira

Umushikiranganji wa mbere , Yohani Micheli Sama Lukonde yariyemeje , ku wa mbere igenekerezo rya 5 Nyakanga i Yangambi, mu karere ka Isangi (Tshapo) , guteza imbere ubutunzi muvy’ibidukikije n’ukwisubiza agateka kw’isi mu gutumura ivyuka bike vya carbone. Ivyo yavyiyemeje igihe hugururwa ibikorwa bitegura inama ugira 27 iraba aberwa n’ihindagurika ry’ibihe (cap 27) .

Umukuru w’Igihugu yaciye anatanguza ikoraniro mpuzamakungu y’abahinga kuri ico kibira c’ikiyaya ca Kongo hamwe n’ibindi biyaya vyo mu karere gashushe.

« Muri iki gihe, ihindagurika ry’ibihe ni ikintu kiri hagati gihurirako n’inyungu z’ubutunzi, ivya poritike be n’ibidukikije ivyo bigatuma ama Reta yose ahamagariwe kugira ico akoze gitomoye kugira twikingire iryo hinduka y’ikirere kw’isi. Imbere y’ibiza 3 vyo kw’isi Arivyo : ihindagurika ry’ikirere, igabanuka ry’ibinyabuzima be nuguhumana kw’isi . Kongo yaciye iba kuva ubwo igihugu c’inyishu » nk’uko vyasiguwe na Yohani Micheli Sama Lukonde.

 Kuri Ako karyo, yarashize ahabona ihangiro rya Kongo twovuga mu majambo make mu guteza imbere ubutunzi bw’ibidukikije, ukwiyungunganya kw’isi bifatiye ku gutumura ivyuka bike vya carbone. Kubw’Umushikiranganji wa mbere, Reta yaciye yiha ihangiro ryo gutunganya neza mu buryo burama amatungo kama yayo abambaye kugira ngo ibidukikije bimererwe neza n’abantu babeho neza aho babaye, mu butunzi, mu mico n’ibikikije abantu.

Gutunga neza ibidukikije

Ikoraniro kaminuza ry’abahinga muvy’amashamba yo mu kiyaya ca Kongo hamwe n’ibindi biyaya vyo mu karere gashushe, ryarateguwe na Kongo biciye mu bushikiranganji bwa mbere ku bijanye n’ibidukikije n’iterambere rirama, yarakoranije igenekerezo rya 5 gushika ku rya 7 Nyakanga i Yangambi, abashakashatsi ba Kongo na mvamakungu, bategerezwa kwiyumvira ukuntu hotunganywa neza ibidukikije kama biri muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nk’igihugu c’inyishu mu kurwanya ihindagurika ry’ibirere, no mu guteza imbere  ubutunzi mu bidukikije be no gusubiza uburyohe isi mukugabanya gutumura ivyuka vya carbone nk’uko vyibutswa n’ubushikiranganji bwa mbere.

Kubw’umukuru w’Igihugu, birahambaye kandi ni ngirakamaro kwegeranya abahinga mu bijanye n’amashamba, amazi , ihindagurika ry’ibihe n’ibindi bisata bijanye.

Ku bwiwe , ivyiyumviro vy’abahinga ntivyogarukira gusa kuri ayo mashamba yo muri Kongo vyobandanya no mu yandi mashamba nka Amazonie na Indoneziya asanzwe atanga ivyiza nkivyo bitangwa niryo shamba rya Kongo kandi akaba asangiye n’ingorane nko kudakingirwa.

Uguhitamwo Yangambi kugira ibe ariyo ikorerwamwo ivyo bikorwa bisigurwa n’uko muri ako karere ka Isangi hasanzwe hari ikigo c’ubushakashatsi mu vyuburimyi (INERA), ikigega c’ibidukikije vyinshi kw’isi nk’uko bibandanya bivugwa n’Ubushikiranganji bwa mbere. Yangambi isanzwe iri ku nkengera z’uruzi Kongo, ku birometero 100 mu burengero bw’igisagara ca kinsangani.

Ama hegitari 235000 y’iryo shamba yaravuzwe ku mugaragaro ko ari mu yakingiwe kw’isi mu 1976, mu gisata c’indinganizo y’ishirahamwe UNESCO ku muntu no ku bidukikije. Iryo shamba rikingiwe ryi Yangambi ni rimwe mu mashamba akingiwe yarageramiwe n’ibikorwa vy’abantu muri ako karere.

Cop 27 izokoranya, kuva itariki 7 gushuka 18 Munyonyo i Charm el – Cheikh muri Yegiputa, ibihugu vyashize umukono ku masezerano ya ONU ajanye n’ihindagurika ry’ibihe.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N