Ukwisubiza agaciro kw’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi: Iriri hejuru y’ayandi ni Bitcoin

Amakuru ni meza ku bijanye n’ibiciro vy’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Haraheze igihe, amakuru yavuga ikoroka ry’agaciro ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi  yari incamugongo. Amakuru y’uko ayo mahera yisubije agaciro yaratanzwe nivyo vyaciye bitanga umwizero. Muri iyi misi, haribonekeza iduga ritoya ry’ayo mahera ku masoko n’ubwo hari izindi nkuru ziva mu kigega c’isi zivuga ibihushane kuri iryo duga ry’agaciro.

Ubuyobozi bw’ico kigega ntibwigeze bwizera ibijanye n’iduga ry’agaciro k’ayo mahera. Amakuru dukesha ico kigo c’ubutunzi, iduga ry’idorari ry’aba nyamerika rirashobora kumara umwaka umwe canke ibiri. Ivyo ni inkuru y’incamugongo ku budagi, kumvo y’uko iduga ry’ama Euro ari ikibazo gikomeye cane. Ikindi naco Euro riguma rikoroka agaciro ugereranije nidorari. Mu misi iheze ayo mahera yaranganije agaciro. Amasoko y’ayo mahera yo kubuhinga ngurukana bumenyi ntiyaretse gutera imbere n’ubwo atarashika ku rugero rushimishije muri iyi misi.

Twovuga nk’akarorero amasoko ya Bitcoin ntiyahengeshanije kuduga haraheze imisi kandi tubiraba ntariko arasubira inyuma. Dufatiye ku musi w’igenekerezo rya 15/9, Bitcoin yaduze 2,6 % bica bituma igira agaciro ka 22300 vy’amadorari. Iryo duga ribandanya ryatumwe n’iduga rya bimwe mu biranga amasoko hamwe n’ugutakaza inguvu kw’idorari ry’abanyamerika. Amahera yitwa Ethereum yo ntiryaduze cane kuri uwo murindi wo mu kwezi kwa Nyakanga. Ku rugero rutoya ryamanutseko rw’ibice 0.7% , Ethereum izoduga bitangaje mu misi iri imbere nk’uko bishikirizwa n’abahinga.

Bitcoin iri hejuru y’urugero rw’ingereranyo ku misi 50 ariko ntitwogifata nk’ikimenyetso c’iduga ry’ayo mahera twoheza tukakirana umunezero. ingereranyo y’agaciro kayo yagumye ku madorari 23200 haraheze indwi 200. Abahinga mu vy’amasoko baremeza iyindi  ntambwe y’iduga ry’ayo mahera bishobora gutuma isoko risubira gukomera.

Nkuko tubikesha coinmarketcap agaciro k’imitahe yayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi karaduze 1% mw’ijoro rimwe gaca gashikira umuriyaridi 1.06 vy’amadorari. Kuva ku wa 2, urugero rwo gihurumbira inyungu z’ayo mahera rwavuye ku manota 9 rushika kuri 34.

Urwo rugero ni runini cane ayo mahera yashitse muri myandagaro hagati. Uwo murindi w’ayo mahera wagaragaje abanyamitahe bagifise ugukekeranya ku masoko y’ayo mahera, ivyo bigashobora gutuma hagumaho ingorane mu vy’ubutunzi kw’isi. Ivyegeranyo ku bijanye n’iduga muri Reta zunze ubumwe za Amerika bishobora kuzana umwizero ku masoko mu gihe iduga ry’ibiciro ryogabanuka ntihasubire kuba igurishwa mu kivunga canke ukwihariza amasoko. Isano hagati ya Bitcoin hamwe n’urugezo twita S&P 500, nk’uko bisigurwa na Traiding view, rwaratanguye kuduga mu ndwi iheze.

Amakuru y’iyinga ku bijanye n’ayo mahera yo kubuhinga ngurukana bumenyi mu ndwi 12 ziheze ni imiriyoni 63 z’amadorari nk’uko bivugwa na coinshares. Imitahe ya Bitcoin yarahomvye imiriyoni 13 z’amadorari, Ethereum yunguka imiriyoni 62 z’amadorari. Inyigisho twokura muri uwo muvuduko ni uko ata gisata na kimwe coshobora gushira ahabona ibiciro muri iki kiringo turimwo. Ivyo bica bituma haba ibihushane bigaragara ku bijanye n’ibiciro be n’imitahe ku masoko muri rusangi.

Amahera y’agaciro ku ruhande rwayo yaradugije agaciro. Muri ayo, ayitwa Solana niyo aguma aduga buri musi. N’ubwo hari igabanuka ry’amasoko muri rusangi hararungitswe 312000 NFT ku rubuga Blockchain Solana, vyatumye haba akunguko kadasanzwe. Muri uwo mwanya nyene ku rubuga, ihanahanwa ry’imitahe ryariyongereye cane.

Igikorwa c’abakiri bato ntigihagarara n’umwanya na muto haba namba. Abenshi barirukira ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi nk’uko tubibona mu bitigiri vyashizwe ahabona mu ndwi iheze. Urugero urubuga rwa Bitcoin rukoreshwako rutera rwiyongera. Yarashikanye igiciro kidasanzwe muri kahise kingana n’imiriyoni 281,79. Ubwo bushobozi bushasha bwatumye isaha yari itegekanijwe y’uko ayo mahera agabanuka agaciro ku rugero rwa 50% yigira inyuma mu kindi gihe kizotangura muri Rusama 2022 gushika mu gice ca 4 c’umwaka wa 2023.

Vyose bisa n’ibiriko bigenda neza n’ubwo ayo mahera yigeze guca mu bihe bitoroshe. Abanyamitahe baracanacanako hose. Icigwa cagizwe na Harris Poll caragaragaje ko ibice 70% vy’abanyamitahe b’abo mahera, ibice vyinshi cane, bose bipfuza kuba abatunzi rurangiranwa.

Bitcoin rigumana icicaro caryo co hejuru muri iryo duga ry’agaciro ariko ni nk’uko rishobora  no  kumanuka ku mwanya  n’uwundi, amasoko y’ayo mahera akazimangana. Bitcoin yarashikiriye ibihumbi 21 vy’amadorari ni ukuvuga iduga ry’agaciro rya 10% kuva habaye ibibazo vy’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Ayandi mahera impinduka nyinshi z’ibiciro kurusha Bitcoin. Ethereum  iza ubugira kabiri ikwirikirwa n’ayandi nka BNB, XRP, na ADA.

Aho idorari rikorokeye, abanyamitahe baciye basa n’abadebukiwe kubera imitahe yabo ihakwa guhomberayo. Amasoko menshi y’ayo mahera yaragiye arugagwa. Inyuma y’ibiciro vya mbere vy’ayo mahera muri 2021, ayo mahera yagiye arahura n’ibiza vyatumye agabanya amasoko yayo. Ubu aratanguye, bukebuke, kwisubiza agaciro. Muri ivyo vyago n’inyuma yavyo, amahera ari hejuru y’ayandi yagumanye ikibanza cayo.

Hambavu ya Bitcoin twovuga kandi Ethereum, Binance , USDT , USDC , Tran , Cardano , Uniswap hamwe na Pax Gold ariyo mahera twovuga yoshobora no gukingira ububiko bwawe ataco winona. Hari amahera twoha icizere muri 2022 no mu myaka iza ni Solana. Ni amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yateje imbere cane urubuga Blockchain. Amahirwe y’urubuga Blockchain Solana muri 2021 ni ubushobozi bwo guhanahana amahera bituma atayandi vyohiganwa.

Kuva muri uku kwezi kwa Nyakanga 2022, urubuga Solana rurashobora guhanahana amahera incuro 2000 gushika ku 3000 ku musegonde. Kubera ubwo bushobozi, urwo rubuga Solana ruri kure cane imbere ya Ethereum ihanahana incuro 15 gusa ku musegonde na Bitcoin ishobora guhanahana incuro 3 k’umusegonde. Igiciro akoresha ni ntagwanirwa ni 0,00025 vy’amadorari ugereranije na Bitcoin irihisha amadorari 3 hamwe na Ethereum igurisha amadorari 15.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N