Inyuma y’ibihe vy’amadidane, amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yagarutse kandi

Nimwibuke urugero Bitcoin yagezeko mu mwaka wa 2019, yarashitse ku rugero rwo hejuru rungana n’amadorari ibihumbi mirongo itatu 30.000. N’aho biri uko yari yakorotse imbere yaho gato arashika ku rugero ruto cane rungana n’amadorari ibihumbi bitandatu 6000 nirwo rugero ruto muri kahise rwabonetse kuva ayo mahera abaho, mu nyuma y’aho yaciye aduga cane ku rugero rungana n’amadorari ibihumbi mirongo itatu na bine 34000.

Ikiza ca COVID caje conona vyose kubijanye n’ayo mahera mu mwaka wa 2020, amasoko yartaye agaciro. N’ubwo habaye ibihe bitoroshe bitumwe n’ico kiza vyagiye kwunyurwa n’intambara y’Uburusiya muri Ukraine , Bitcoin yagumanye ikibanza cayo co hejuru mu yandi mahera. Ariko n’ubwo yagumye yiharije ikibanza co hejuru, amakenga ku banyamitahe yagumye ari menshi.

Haraheze igihe, n’ukuvuga imisi mikeya, icizere carasubiye kuvuka, umurongo werekana igiciro cayo ntuhengeshanya kuduga. Iryo duga ryaje inyuma y’umwanya utari muto ayo mahera yarataye agaciro hiyongereyeko uruhagarara rwaranze abanyamitahe bari baherutse guhomba amahera yabo atari make. N’ubwo ata muntu n’umwe aravuga ko indoto ziwe mbi ku mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi zirahera canecane mu gihe FTX yahomba bica bituma ibiciro vy’ayo mahera bikoroka , ni inkuru nziza yaje imenyesha ukurangira kw’ibihe bibi kuri ayo mahera. Imitahe ya Bitcoin yagumye iduga. Mu ndwi iheze , ibiciro vyaraduze vyayo mahera gushika ku madorari ibihumbi mirongo ibiri na kimwe 21000.

Iryo duga ry’agaciro ryabaye bitumwe n’amasoko yagabanutse hamwe n’iduga ry’abayarondera. Icatumye ibiciro biduga, tutiriwe turaraba hirya, ni rya tegeko riraba ivy’ubuguzi. Abanyamitahe benshi babona amasoko agabanuka. Hagakwirikira iduga ry’agaciro ku rugero runini.

Ku makuru ava mu basesanguzi b’amasoko y’ayo mahera nka coinMarketcap, igiciro ca Bitcoin carashitse ku rugero rw’amadorari ibihumbi mirongo ibiri na kimwe 21000 mu ndwi iheze. Kurenza igiciro c’amadorari 21000 ni ikintu kidasanzwe kuva mu kwezi kwa munyonyo mu mwaka uheze, iryo duga risa niritariko rirahagarara, rirabandanya na canecane ko ubu agaciro karenga amadorari 21000

Ni ivyukuri iryo duga ry’agaciro rya Bitcoin, ryatumye ayandi mahera nkayo nayo nyene aduza agaciro. Twovuga ubwa mbere nka Ethereum isa niyiri mu makanda ya Bitcoin mugabo atari ivyo kuyija imbere. Ethereum agaciro kayo kaciye gashika ku madorari 15000. Ayandi mahera nka Dogecoin yaradugije agaciro ku rugero rw’ibice 10% mu masaha ari musi ya 24. Twovuga ko hariko haraba iduga ry’agaciro rusangi mu kanyamuneza k’abanyamitahe b’ayo mahera. Hari ibituma vyinshi biri mu nyuma y’iryo duga ry’ayo mahera.

Bitcoin itegerezwa kubandanya iyo nzira yo kuduza agaciro gushika 2024 umwaka ayo mahera ashobora gushikirwa n’ico twita halving ni ukuvuga gukoroka agaciro ku rugero rwa 50% . Iyo halving ituma amahera atakaza agaciro ku rugero rwa 50% bituma amahera yose yo ku buhinga ngurukana bumenyi atakaza agaciro. Kugira tubitahure neza ni igabanuka ry’amahera ari kw’isoko bituma Bitcoin ari kw’isoko aba make. Iryo gabanuka rya Bitcoin kw’isoko rituma aduza agaciro.

Ibisigaye ni ya mategeko yo kugura no kugurisha twese tuzi agenda aratuma ibiciro bihindagurika, ninaho haba kandi kimwe twita halving naco nyene gisanzwe kizwi. Ni ukwikata kw’abanyamitahe batinya kuyagura mu gihe azimvye. Ico gihe ca halving ni igihe co gutakaza agaciro kuri Bitcoin kw’isoko.

Nk’uko halving ishobora kuba inyuma y’umwaka, igiciro co kuvunja ca Bitcoin kizobandanya kiduga kw’isoko  kanatsinda n’ubutunzi kw’isi buriko burasubira kuduga bukebuke muri rusangi. Abahinga bibaza ko mu gihe ca halving Bitcoin ishobora kudatakaza agaciro kubera abanyamitahe bazoba baronse gakwiye ko kuvyitegurira ariko ntitworenza urugero kuko amasoko y’ayo mahera arashobora kudutangaza nk’uko vyama vyabaye.

Ikindi gituma ni imanuka ry’ibiciro ryatumwe no guhindura imitahe mu mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Iryo duga ry’ibiciro ry’ayo mahera ku masoko muri rusangi ryatumye amakenga y’abantu ahera. Kuri iyo mvo umutahe w’ayo mahera waraduze gushika ku miriyaridi 83 z’amadorari. Muri uyu mwanya turiko twandika iyi nkuru , turashobora kwemeza yuko umutahe wose w’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi urenga imiriyaridi 979 y’amadorari. Ukwo kwiyongera kw’amasoko n’imitahe y’ayo mahera ihuriranye n’icegeranyo casohowe muri kigarama no mu mwaka uheze ku bijanye n’igabanuka ry’agaciro. FED itegekanya ukumanuka bukebuke k’urugero rw’inyungu. Ivyo vyose vyatumye imitahe igwira y’ayo mahera.

Ikintu ca nyuma catumye haba iduga ry’ibiciro ni ubushuti hagati yayo mahera be n’ibijanye n’ubutunzi. Iduga ry’ibiciro vy’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi aduga birafitaniye isano hagati y’ivyo bintu 2, ni ukuvuga ubutunzi n’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Ayo mahera adushira mu bwigenge bw’ubutunzi kama asa nayunze ubumwe n’ico gisata. Turindire turabe ko ayo mahera azoshobora kwiyunga muri kazoza n’ivyatumye abaho.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N