Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo : Ubuhinga bwa none be no kurwanya ibiturire mu mashure

Vyakozwe na Bernardin SEBAHIRE umushakashatsi muri ISDR/Bukavu

Ugukorera mu muco be no ku mugaragaro biri mu nkingi 5 z’uburongozi bwiza mu bihugu bigihuha nka Kongo. Ikibabaje, mu gisata c’indero, abarongozi baho basa n’abashize Ku ruhande izo nkingi.

Haraheze imyaka mirongo itatu (30), amashure yo muri Kongo akoresha uburyo butangwa n’abavyeyi mu guhemba abigisha. Ako kigoro kafashwe nk’ingingo ije kwunganira igihugu kiri mu bukene buvuye kugutunganya nabi ubutunzi, intwaro z’igitugu, intambara vyagiye birazingamika igihugu bigatuma imyidogo ku mpande zose ziba nyinshi. Abavyeyi bari mu bukene bari mubiyamiriza izo ngingo, abigisha babona ukuri baravyiyamiriza, abana barasemerera bavuga ko uburenganzira bwabo bwo kwiga butubahirijwe. Kuri benshi ni ukurenga itegeko ryo kwiga ku buntu riri mwibwirizwa shingiro nk’uburenganzira butangwa na Reta kandi ntaharirizwa.

N’ubwo mubona benshi bavyumva kumwe nta cizere na kimwe kihari cuko bigiye guhinduka. Amashure abandanya gutoza ayo mahera, abavyeyi n’abo, babishaka batabishaka babandanya kuyariha. Kuri ayo mahera atozwa, ivyiyumviro biratandukanye, kuri bamwe umuvyeyi ategerezwa kwitwararika indero y’umwana mu gutanga intererano, ku bandi n’abo bati ntitwoguma dukora ibintu biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro mu kuriha utwo turusho tw’amashure.

Hari n’ibirenze aho, abana barariha amahera y’inyubako, bagategekwa kugura umwambaro w’ishuri uriko ikidodo, bagaterera mukugura ibikoresho vy’ubuhinga bwa none, bakariha amahera ahemba abazamu hamwe n’amahera yo gutegura imisi mikuru.

Muri make, abavyeyi bafatwa n’ibintu vyinshi bisaba amahera  menshi. Bama bavugije induru basaba ubufasha akaryo kose baronse bama basavye kuremururwa uwo muzigo. Imbere y’ishusho mbi ifatiye kuru ayo mahera y’umurengera asabwa n’amashure, abayakoresha boba biteguriye inkurikizi zikurwa ry’ayo? Ico kibazo gisa n’icacanishijemwo abatari bake.

Abavyeyi ni aba mbere biraba, kuko ntibokwiyobagiza ko ari abana babo baba bariko barafasha, bategerezwa rero kufatanya uburezi bwabo n’abarongozi. Ayo masezerano yo gufatanya indero y’abana yoba ariho vy’ukuri azwi kandi yemerwa na beneyo? Ni abavyeyi bangahe biteguriye uno musi kugumiza abana muhira amashure yatanguye hamwe Reta itotanga uburyo amashure akoresha?

Ukwigisha abana ku buntu, uko bibonwa na Tony Mwaba, Umushikaranganji wa Kongo ajejwe amashure matomato, ayisumbuye nay’imyuga.

Mu mwaka wa 2019, aho umukuru w’igihugu yagaruka ku ngingo yari yarafashe akija ku butegetsi ijanye no kwigisha abana ku buntu bo mu mashure matomato, haragaragaye ukudashaka kuyishira mu ngiro atari uko bitokunda ahubwo bitumwe n’inda ndende y’abari baramenyereye gutoza amahera mu mashure aho kuyakoresha mu gukora ibikorwa canke mu kugura ibikoresho vy’amashure bakayakoresha ivyabo. Abayobozi b’amashure, abashinze amashure be n’abadandaza bari bagize igisata c’indero urudandazwa no kwegeranya amahera menshi badweguye umunyeshure aho kubarera no kubigisha. Ivyo vyatumye igisata c’indero gitakaza akanovera.

Ubwisanzure kw’ishure

N’ubwo biri uko, igisata c’uburezi cagiye kirisanzura muri iyi myaka itanu (5) iheze muri Kongo no mu bisagara vyinshi vy’igihugu. Muri mukakaro 2022, ikigo c’ubushakashatsi muvyo kurwanya ibiturire (CERC), caratanguje isekeza ku mabi y’igiturire mu gisata c’uburezi. Iki kigo carahaye umunyeshure wese yahuguwe iterefone igezweho irimwo ubuhinga Educhshek kugira atange amakuru akenewe ajanye n’ibikorwa bijanye n’ibiturire yabonye aho yiga.  Bitumwe n’ibiturire hamwe n’itunganywa ribi muvyo ubutunzi bivugwa mu gisata c’indero, abanyeshure bafashe umwanzuro wo kubidomako urutoki be no kugarukira ku kanovera k’indero yabo.

Hari abanyeshure baronse amahugurwa ku bijanye no gukomeza ibijanye n’inyungu rusangi, barahawe kandi n’ubumenyi ku bijanye  n’ubuhinga bukorana na terefone ngendanwa bita Educhshek. Kuva ubu abanyeshure barashobora gukurikirana ibikorwa vyose bijanye n’uburezi bibaraba hamwe n’utunenge tw’inyubakwa z’amashure. Abanyeshure rero baraheza bakagira icegeranyo, bakadoma urutoke ku bitagenda neza, ibijanye n’ibiturire be n’ugutituka kw’imico ku mashure be no mu miryango. Ku bwa Toyi Mirefu umushakashatsi muri ca kigo CERC, umugambi CERC warashizeho ku mashure imirwi yo gutsimbataza ubuntu hagati ya 2019 na 2020, muri Uvira mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, abanyeshure barashize ahabona itozwa ry’amahera atemewe n’amategeko ku mashure. Ubwo buhinga buriko burakoreshwa bwatumye abategetsi bafata ingingo nyazo mu ntumbero yo guteza imbere ibijanye n’isuku mu mashure 90 yo mu karere ka Uvira.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N