Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi: Ihungabana rirabandanya

Igabanuka ry’agaciro ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ryatanguye kuva mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa Ruhuhuma, amakuru turonka n’uko abakoresha ayo mahera bitaboroheye. Bitcoin yaratakaje agaciro gushika musi y’amadorari 22000 kandi nta cizere kiriho c’uko ashobora gusubira kuduga muri izi ndwi 2 zakwirikiye. Muri uwo mwanya, ibijanye n’imitahe ku masoko y’ayo mahera iriko iregereza imiriyaridi 1000 kw’isi.

Ibitigiri vy’ibiciro vy’ubuguzi muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika birafise ikintu kinini bihindura ku masoko y’ayo mahera. Nico gituma kuva ku musi wa kane uheze abari kw’isoko bose barakurikiranye cane ivyo biciro vy’ubuguzi mu ntumbero y’uko ayo mahera yoduza agaciro. Gukurikirana ibiciro vy’ubuguzi cabaye ikintu nyamukuru gitanga umwizero w’iduga ry’agaciro k’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Urugezo rw’ibiciro rurashobora gutuma haba ukwisununura kw’ibiciro kuri Bitcoin na Ethereum. Ivyo bigaca bituma ibiciro vyo kuyagura biduga.

Ivyo biciro biduze, abanyamitahe baridoga rimwe na rimwe, baca bashaka kurondera imitahe yindi yo mu mbavu. Muri iyi misi hariho imitahe yo mu mbavu y’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Kugira bikingire iryo duga ry’ibiciro, abanyamitahe benshi baragura cane ayo mahera na cane cane Bitcoin na Ethereum. Nk’uko ababa bariko barayarondera bariko bariyongera muri iyi misi n’ibiciro vyayo bica biduga.

Mu gihe abantu bamwe baba babona uturusho dushobora kuva muri ayo mahera, abandi banyamitahe bashasha bariko barashiramwo imitahe bayagura ibica bituma ibiciro vy’ayo bica biduga.

Mu gisubizo c’ivyo, nk’uko amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi akunda guhungabana, ugusitana kw’abanyamitahe mu kuyagura siyo nsiguro yo nyene isigura iduga ry’ibiciro. Hariho ibindi bituma ibiciro bihinduka, bigoye no gutegekanya. Muri uku kwezi kwa Ruhuhuma guheze neza na neza mu mpera y’indwi igira 2, ibiciro vy’ubuguzi vyaragabanutse muri Reta Zunze Ubumwe Z’Amerika, gushika ku rugero ruto cane kuva mu mwaka wa 2021. Hagati muri kuno kwezi kwa Ruhuhuma,  igiciro ca Bitcoin cararenze amadorari 21700 hamwe n’urugero rw’amahera ahanwahanwa ashika imiriyaridi 22 z’amadorari hamwe n’umutahe uri kw’isoko ungana imiriyaridi 418 z’amadorari. Ibiciro vyagumye bimanuka n’inyuma y’aho.

Umwizero w’iduga ry’agaciro k’ayo mahera uri ku rugero rutarenga amadorari 22375.

Twokwizera ko hashobora kuba iduga ry’agaciro hamwe n’iduga ry’urugero rw’abaguzi bishobora gutuma Bitcoin ashikana igiciro c’amadorari 24260.

Ku ruhande rwa Ethereum muri ico gihe nyene yari ifise agaciro k’amadorari 1500 hamwe n’urugero rw’ayahanwahanwa mu masaha 24 rungana n’amadorari imiriyaridi 8.1, umutahe w’ayo mahera uri kw’isoko wangana n’amadorari imiriyaridi 183,78. Imisi yakurikiye ibiciro vyarameze nk’ibiduga. Ethereum yaraduze gatoya hejuru ya 1500 araheza arahaguma, ubu rero yaraduze gushika ku madorari 1560.

Iryo manuka ry’ibiciro ryibonekeje mu ndwi za mbere z’ukwezi kwa Ruhuhuma ryari ryatumwe canecane n’amakuru mashasha y’ubutunzi bwo mu gihugu hagati ca Amerika hamwe n’urugero rw’ubuguzi muri Reta Zunze Ubumwe Z’Amerika, arivyo vyatumye haba ihungabana ry’amasoko. Muri kino gihe ibiciro vya Bitcoin na Ethereum vyatanguye kuduga. Ikibazo twese twibaza, Bitcoin izohava iduga irenze urugero rw’amadorari 24000? Nta muntu n’umwe arabishingira intahe n’ubwo bigaragara ko ariko araduga.

Ibiciro vy’ubu vya Bitcoin biramaze gushika amadorari 24000 hamwe n’urugero rw’amahera ahanwahanwa ku musi angana n’amadorari imiriyaridi 28,9 mu masaha 24. Bitcoin iri hejuru y’ayandi n’umutahe uri kw’isoko ungana imiriyaridi 467 z’amadorari hamwe n’ibiceri biri hagati 19299243 na 21.000.000 vya BTC biri kw’isoko. Bitcoin iguma yerekana iduga ryayo, ubu igeze ku madorari 24000 kandi yagumije urwo rugero. Abahinga bagereranya ko mu misi iri imbere urugero rw’ayo mahera ashobora gushika ku madorari 24500. Hamwe abaguzi ba Bitcoin boguma biyongera yoba ari inzira yugurutse ko ayo mahera yoshobora no gushika ku madorari 25200. Ariko tuzoba tukiri kure y’urugero rw’amadorari 30000. Bitcoin yigeze gushikako imbere y’ikiza ca COVID.

Ibiciro vya Ethereum vyarashitse ku madorari 1670 hamwe n’urugero rw’amahera ahanwahanwa angana n’imiriyaridi 9 z’amadorari mu masaha 24. Umutahe wayo uri kw’isoko ungana n’imiriyaridi 203 z’amadorari.

Ibihushane navyo, ivyo bitigiri vyose vyo mu ndwi iheze vyarahindutse mu mpera za Ruhuhuma. Inyuma yo gushika  ku madorari 26000, Bitcoin yaciye isubira gukoroka gushika ku madorari 23800, bikaza vyerekana inguvu nke ziri muri rya duga ry’agaciro twavuga mu ndwi iheze.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.