Igishushanyo nyabwenge ChatGPT: Ikibi iruhande y’iciza

Igishushanyo nyabwenge ChatGPT kiguma cimenyekanisha co nyene. Ibinyamakuru vyaranditse kuri kahise k’ico gishushanyo gisa n’ikiriko kirazana impinduka zitangaje mu gisata c’ubuhinga nkoranya buhanga. ChatGPT yarasubije inyuma imico muri kino gihe. ChatGPT iriko iratuma abanyamitahe nka bose bahurumbira ubushobozi bwayo be no mu kubandanya ubushakashatsi mu gisata c’ubuhinga nkorana buhanga n’ibindi.

Isa n’iyiriko irigizayo imihora y’ibihangange nka Google na Microsoft aho iyo mihora itanguye kwibaza inforo y’iryo higanwa rishasha. Ikimenyeshamakuru bita le monde kiravuga icigwa c’Ibanki UBS cemeza ko ChatGPT yakoreshejwe n’abantu bangana imiriyoni 100 mu kwezi kwa nzero ivyatumye ikoreshwa ry’ubwo buhinga ryisununura cane nk’uko bivurwa na le monde.

Sundar Pitchai, inomero ya mbere y’ikigo Google yabaye iya mbere mu gutangazwa n’ubwo buhinga bushasha nkoranya  buhanga aho imenyesha isubira inyuma kw’isi nzima ry’ubundi buhinga  ngurukana bumenyi. Mu nama n’abakozi biwe yabaye indwi zibiri inyuma yitanguzwa rya ChatGPT, umuyobozi w’ikigo Google yaremeje ko umwaka wa 2023 ushobora kubamwo ihinduka mu gukoresha ubwo buhinga nkoranya buhanga bw’ibisomwa butumbereye ubushakashatsi ku buhinga ngurukana bumenyi.

Mu nkuru y’ikimenyeshamakuru le monde iravuga ko abakozi ba Google bibaza igituma ikigo cabo kitaciye gishiraho naco igishushanyo nyabwenge cegukira Google kugira gihiganwe na ChatGPT, bakaboneraho akaryo ko kubisaba umukoresha wabo. Sundar Pitchai yaragerageje kwihagararako mu guhagararira agateka ka Google yamukako imbere y’agashirahamwe gatoya. Insiguro kwari uko igishushanyo  cumvikanyweho nka ChatGPT gishobora kugira ingaruka mbi kw’isura ry’ishirihamwe rinini nka Google. Ariko yaruguruye imiryango mukwibutsa ko Google itegerezwa kugaba mu gukora umugambi nk’uwo ugereranije n’uko ishirahamwe rito nka Open AI ryabikoze mu gutanguza ChatGPT. Nta nkuru nimwe itangwa ku bijanye n’uko Google nayo yoba igiye gushiraho igishushanyo nkoranya buhanga nka ChatGPT.

Nk’uko tubandanya tubibwirwa na le monde ivuga ko hari imboneshakure y’Abanyamerika yitwa CNBC yavuze ko ikigo Google kiriko kiragerageza igishushanyo nkoranya buhanga gisa na ChatGPT citwa « apprentice bard » canke « apprenti barde », iyo mboneshakure ikabandanya ivuga iryo shirahamwe ry’Abanyamerika rigomba guhangana na ChatGPT.

Iyo shetani kuri bamwe canke ico kimana ku bandi ariyo ChatGPT irageramiye cane imiriyoni y’ubuzi butari buke. Abanyamitahe bo barakenguruka ku vyiza vya ChatGPT. Abatari bake muri abo, baratanze amahera atari make kugira bateze imbere ChatGPT hamwe n’ubundi bushakashatsi bwose ku buhinga nkoranya buhanga kugira ngo abakozi benshi bashirwe mu bushomeri ibiheza bigaha akunguko amashirahamwe y’abakoresha.

Ikigo Microsoft caravuze ko categuye gutanga imiliyaridi 10 z’amadorari muri Open AI ariyo yavyaye ChatGPT, ice ishira mu bushomeri abakozi bayo ibihumbi 10. Microsoft siryo shirahamwe ryo nyene ry’ubuhinga ryakuyeho ubuzi ricumva ivyiza bikorwa na ChatGPT. Hariho ishirahamwe rimaze kwirukana abakozi ibihumbi 11 mw’ibarabara. Dufatiye kuri urwo rugero abanyamitahe barashobora gukuraho gose ubuzi kw’isi nk’uko bivugwa n’incabwenge zimwe zimwe zegukira umugambwe w’ibubamfu.

Bernard Friot, incabwenge yo mu mugambwe w’ibubamfu, yagwanya cane ibibi bikorwa n’abo banyamitahe, ata kindi barota atari ugukuraho ubuzi bwose mugushira amahera yabo mu buhinga bushasha bugezweho bwoza busubirira abo bakozi. Nico gituma ari ugushinga umushahara w’ubuzima bwose kuko ubuzi bushobora guhera busubiriwe n’ama mashini. Ni ibintu biharirirwako cane n’abahinga mu vy’ubutunzi ntibanabihurizeko ariko bishobora kuzobaho mu gihe ubuzi bwose buzoba bwaheze.

Nimba ivyiza vy’ubwo buhinga bushasha bukoresha ubuhinga nkoranya buhanga biraje ishinga abantu bose kw’isi, ibinyegezwa mugukora ico gishushanyo bigaragara nk’uko bivugwa n’ikimenyeshamakuru le Time. Inyuma y’iryo terambere ry’ubuhinga hinyegeje kahise ko gukoresha abantu b’impahazwa bucakara, abahahazwa cane muri uwo murongo ni abirabure nk’uko bimenyerewe, abanyafrika, abakene. Ni aba nya Kenya bakoreshejwe bucakara cane n’ayo mashirahamwe matomato. Abakozi baba nya Kenya barakoze imisi itari mike batosora ibisomwa vyinshi bitari bibereye vyari bibitswe mu bubiko bw’ubwo buhinga nkoranya buhanga bidatosowe.

Ku gahembo kari musi y’amadorari 2 kw’isaha, abo bakozi bari bafise akazi ko gushira utumenyetso ku bihimba vy’ ibisomwa indiri bidatosoye nk’uko bivugwa na le Time. Ni igikorwa kinini cane catumye abakozi b’amashirahamwe yo muri Kenya bakoreshwa na Open AI, mugukorera mwiterabwoba. Kwari uguhohoterwa nk’uko umwe muribo ico kimenyeshamakuru. Nk’uko bibandanya bivugwa na le Time, abakozi benshi bavuga ko bategetswe gusoma impapuro z’ibisomwa ziri hagati ya 150 na 250 bataruhutse mu masaha 9. Bimwe muri ivyo bisomwa vyavuga ibijanye no gufata abana ku nguvu canke kubakwegera mu bushurashuzi, ubwicanyi, uguhohotera abantu, kurenga ibigo mu basangiye umuryango. ChatGPT, nta kahise kuzuye keza ifise.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.