Repuburika iharanira intwaro rusangi ya kongo : Abahoze ari abarwanyi muri iki gihe c’ubuhinga bwa none

Vyateguwe na Bernardino SEBAHIRE

Umushakashatsi muri ISDR/ Bukavu

Ukwibonekeza kw’imihari igwana yamaho bifise inkwirikizi nyinshi. Mu gihugu hagati cane cane, ukwitirira ibibazo vy’imibano n’ubutunzi, ivya gisirikare biragwiriye cane, biragoye kwiyumvira abanyagihugu utavuze imirwi irwana, tutiyobagije ko iyo mirwi igwana iba mu banyagihugu, iri muri poritike no mu vy’ubutunzi. Ibikorwa vy’iyo mirwi bifise ingaruka mbi nyinshi mu mibano y’abantu. Ubutumwa bw’iyo mirwi n’abayishigikiye batandukanye birahungabanya imigenderanire, imigenderanire mu kibano c’abantu bigatuma abantu batacizerana .

Iyo mirwi irivanga cane mu matati y’amatongo, yo gucukura ubutare, amatati y’ikibano n’ubutunzi, y’amamuko ya muntu, uburongozi, amatati hagati y’ababana. Uko iyo mirwi yagiyeho kwose, ntaco imariye abanyagihugu atari gutosekaza imibano yabo. Aho iri hama indyane, umutekano muke mu bantu no muvyabo, ugusubiza inyuma iterambere. Utwigoro two kugarukana amahoro mu miryango bidafatiye ku mirwi igwana ntaco biheza ngo bishikeko kinini, kuko basanzwe bafise uruhara rudasanzwe mu kibano.

Imigenderanire hagati y’abanyagihugu n’iyo mirwi igwana ntiseswa. Reta ya Kongo kubera imenyereye ibibazo nk’ivyo no muri kahise yaciye ishiraho umugambi wo kwaka ibirwanisho iyo mirwi, kubasubiza mu buzima busanzwe, kubasahiriza mu kibano. Uwo mugambi watwarwa n’abanyagihugu b’aho nyene kugira biyegereze abo ugenewe irya n’ino. Imiryango niyo shingiro ry’uwo mugambi, yari ifise uruhara ntangere. Iyo miryango niyo mutima wo kurondera umuti urama mugusubiza abantu mu buzima busanzwe hamwe no kubakomereza umubano mwiza. Uwo mugambi ni inzira yo gusubiza abahora ari abarwanyi mu miryango bavamwo. Iyo nzira itumbereza abo bahoze ari abarwanyi mu miryango yabo haheze igihe barahevye ariko bategerezwa kuyisubiramwo.

Imirwi y’ibiganiro yamaho, ivanze n’inyigisho ziremesha hamwe no kubafasha kwiyungunganya vyarivyo bica biba nk’ibirungo vyo kwumvikana, gukinga ivyiyumviro vyo gusubira mu barwanyi. Kugira bazimanganye umuzingi  mubi wo kurondera amatungo aciye mu ntambara bimaze imyaka myinshi mu buseruko bwa kongo, utwigoro tudasanzwe turakenewe ku rubuga, mu kubaha inyigisho z’imyuga zituma biteza imbere mu mahoro. Ikigo c’iguhugu cigisha imyuga (NPP) kimaze kubibona caciye ciyegereza cane urwaruka ruvuye mu mihari irwana mu kubasubiza iteka mu miryango. Nico gituma i Goma, mu ntara ya Kivu y’uburaruko muri Kongo urwaruka rumerewe nabi rushika 20 hamwe n’abasubijwe mu buzima busanzwe bahora Ari abarwanyi bashika 20, barahawe ibikoresho bibafasha gukora ama terefone inyuma y’amezi 6 bayigishwa nk’umwuga.

Inyuma yo kuva mu mihari irwana, Isaac yarahawe ubufasha bumutuma amenyera abifashijwemwo n’ikigo yaciyemwo gishigikiwe n’ishirahamwe rikorana na UNICEF I Goma, umurwa mukuru wa Kivu y’uburaruko. Isaac na bagenziwe 4 barahigiye ugusanura ivyuma vya none hamwe n’iyindi myuga.

«Isaac ati, nashaka kwigumira ngaha umwanya utari muto kuko iyo mvuka ntizeye umutekano waho». Hama «abarwanyi, bashobora no kunyica». Karori Ndusha, umwigisha mu kigo c’urwaruka, asigura ko inzira Isaac yizemwo umwuga ishika ku mutima. «Intumbero yacu ni iyo kwigisha neza urwo rwaruka kugira ngo iyo bavuye muri iki kigo bashobore kwitunganiriza ubuzima mu miryango yabo no mu kibano» nkuko bibandandanya bivugwa n’uwo mwigisha.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.