Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yokwihwezwa neza mu mwaka wa 2023

Igihuhusi cahungabanije amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi catumwe n’ikiza ca Covid-19 ku ruhande rumwe hamwe n’intambara yo muri Ukraine ku rundi ruhande. Ico gihuhusi cari gikomeye cane ku buryo bene gushinga ayo mahera na bene kuyateza imbere baribajije ryari ico gisata kizoronka ingwati yaco. Iciyumviro shingiro c’ayo mahera rivuga ko ihanahanwa ry’amahera riba ata rwego rugiye hagati carasubijwe hasi bitumwe nico gihuhusi. Ubu ayo madidane yarashikiriye bene guteza imbere ayo mahera. Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yarasubiriye kuronka inguvu bikaba vyatumye abanyamitahe bagarukana umwizero.

Amasoko y’ayo mahera aguma agwira. Imigambi myinshi muri ico gisata iguma ija ahabona abanyamitahe n’abo bakaguma barondera amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi aboneka ko afise igihagararo mu yandi canke azoduza agaciro muri kazoza ka hafi. Hariho indinganizo ngenderwako ikwirikiranira hagufi ayo mahera muri uwu mwaka wa 2023. Iyo ndinganizo yarashize ahabona urutonde rw’amahera ashika 10. Muri iyi nkuru tuzorabira hamwe amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ashika atanu (5) rurangiranwa twotangura kurabira hagufi.

Amahera aza ubwa mbere kuri urwo rutonde ni Fight out ni amahera mashasha akoreshwa muguha ubushimwe abanonotsi bivanye n’inguvu canke ubukerebutsi bakoresheje mu myimenyerezo. Igisata ca Fight out kiratanga ubushasha bwo kugira imyimenyerezo ku gatwe kawe ukongera ukabihemberwa mu ma REPS. REPS ni amahera ari mu bingorongoro (ibiceri) umunonotsi ahabwa inyuma yo kwinonora imitsi. REPS zirakoreshwa mukugura NFTs, bigatuma ugabanirizwa amahera mu kwinjira mu muryango wo ku buhinga ngurukana bumenyi. Uwo mugambi urategekanya guteza imbere amazu yo kwinonoreramwo imitsi agezweho aho abafise ama REPS bazogabanirizwa ibiciro.

Imiriyaridi 10 y’ama token niyo yategekanijwe kubakora ibiceri REPS vy’igisata Fight out ibice 60% vyayo vy’ibanze biramaze kuboneka, ibice 10% bizokoreshwa mukuvunja, ibice 30% bisigaye bizotangwa mu kiringo c’imyaka 10 mu gutanga utuganuke mu bagize ico gisata no mu kugiteza imbere. Kudandaza ivyo biceri vya Fight out biriko biraba, iryo gurishwa rizohera mu mpera z’iyi ntwarante.

Ubugira kabiri kuri urwo rutonde rw’amahera yo gukurikiranira hagufi ni ayitwa C+charge yitwa  Kandi eco – Crypto akoreshwa mu gutanga utuganuke kubatwara imodoka zikoresha umuyagankuba. C+charge ni igisata gifise intumbero yo guteza imbere gutwara ibintu hakoreshejwe umuyagankuba habaye ibintu vyo kurihana mpa nguhe ingurane ifatiye ko uwuyihabwa aba yaragabanije urugero rw’ivyuka atumurira mu kirere agaheza akoroherezwa mugushira umuriro mu modoka yiwe. Uwo mugambi uzoshigikira kandi iterambere ry’ivyo bibanza vyo kurahuriramwo uwo muyagankuba.

Biciye ku ngodomoni yo ku buhinga ngurukana bumenyi ya buri muntu biciye ku kanyabwenge kitwa Mobile C+charge, abakoresha ico gisata barashobora gukwirikirana ingurane zabo, ibiciro ku mazu adandaza umuyagankuba n’aho aherereye. Igiceri bita CCHG ca C+Charge kizokoreshwa n’abanyonzi b’imiduga ikoreshwa n’umuyagankuba mukuriha umuriro bakweze. Uwo mugambi waratanguye mu mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi asanzwe akwirikiranwa. Igice ca mbere c’igurishwa rya CCHG caratangujwe ku giciro ca 0.013 y’amadorari y’Abanyamerika kandi ico giciro kizoduzwa ku bice 80% imbere y’uko ico gice ca mbere c’igurishwa gihera.

Ubugira 3 haza ayitwa Robot Era. Ni umugambi ushingiye kw’isi tutabona. Bifasha abakinyi gukora ibibumbano nyabwenge hifashishijwe ivyirwa bitegekanijwe mu nkino. Robot Era iratanga ububasha bwo gutsindira amahera mu rukino mukuja muntunganyo y’imiryango yo ku buhinga ngurukana bumenyi, birashoboka kandi kuronka amahera mukugurisha intunganyo z’ico gisata , ivyapa biriko amakuru canke wewe nyene ugutanguza intunganyo abayijemwo bakakuriha.

Mu mwaka wa 2023, RobotEra izoshira hamwe ibiri  ukuri bigaragara n’ibitagaragara. Ukuri kugaragara ni ugukoranya ukuri n’ibiharuro vyaharuwe ku gihe mu gisata c’ubuhinga ngurukana bumenyi. Ni uburyo  bufasha mugushariza ibintu iyo uriko uratunganya amasanamu. Ni utunyabwenge dukora mu bisata vyinshi harimwo n’igisata c’ubuvuzi. Ivyo bikoresho bikoresha RobotEra biratanga amahirwe ku bakinyi kuvyaza umusaruro ibindi bikoresho vyo kuri ya si tutabona.

Ubugira 4 haza ayo twita Cosmos. Ni igisata ca Blockchain corohereza abagiteza imbere mukubaha ubushobozi bwo gukora utunyabwenge irya n’ino tworoshe gukoresha kandi tworosha ibikorwa. Igiceri c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi cosmos citwa ATOM. Tuyakoresha mugukingira imihora be no mugushimira abayakoresha. Cosmos ni iyo gukwirikiranira hagufi kuko ni igisata kiriko kiratera imbere kandi gifise imigambi myinshi mugushiraho twa tunyabwenge. Hambavu y’ivyo, ico gisata kirashigikiwe cane n’abagiteza imbere hamwe n’ihinguriro rya Blockchain.

Ikibanza kigira 5 kirimwo ChainLink. ChainLink ni igisata gishikira abantu benshi , kibitse amakuru nkenerwa agizwe n’amasezerano nyabwenge. Ico gisata kiratanga amakuru ku mwanya wo ajanye n’amasezerano nyabwenge. Ayo masezerano arikwiye ariko arakeneye ayandi makuru kugira hafatwe ingingo zitandukanye. Igiceri ca ChainLink citwa Link. Ivyo biceri birakenewe kugira harihwe ibijanye n’ihanahanwa ry’amahera mu gushimira abayatanga be n’abatunganya uwo muhora. ChainLink ni amahera yo gukwirikirana kubera igisata c’ayo kiri mu bitanga inkuru mu masezerano y’ubwenge ca Blockchain.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.