Ubuhinga bw’amakanda mu gisata c’ubwishingizi : Ubuhinga bwa kera hambavu y’ubuhinga bushasha

Vyaremejwe n’abashakashatsi benshi nka Jacques Attali, yahoze ari Umuhanuzi w’uwahoze ari Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa François Mitterrand ko isi ya none isa n’iyirajwe ishinga n’ivy’umutekano n’ukwinezereza. Kubwabo amahinguriro ariko aratera imbere mu vy’imitahe ni amahinguriro y’ivyukwinezereza n’ivy’umutekano.

Abuzukuruza bacu bazoba bashaka ubwishingizi kugira baje muvyo kwinezereza batekanye. Amazu y’ubwishingizi yaciye aba igisata gisa n’ikizanye umwizero kw’isi ya none. Ivyo rero vyatumye hakoreshwa cane ubuhinga bw’amakanda.

Amazu y’ubwishingizi yaragize ibibazo bijanye no kumenyera gukorera muri ubwo buryo bushasha aho ushobora kutaza ku kazi ariko ivyo wategerezwa gukora ukabikorera aho uri. Ugukenerwa kw’ubwo buhinga kwaragaragaje ko mu mazu y’ubwishingizi ubwo buhinga butaratera imbere. Akaremanwa bita ADN k’amazu y’ubwishingizi niko kunze ubumwe hagati ya bene ayo mazu n’abayitura ivyo bituma rero ayo mazu ategerezwa gukwirikiza ibisabwa vyose mu gukorana n’ubwo buhinga bushasha nk’uko vyitezwe muri kazoza.

Nubwo kahise k’ayo mazu ariko gashobora  kuba intambamyi muri ubwo buhinga, ihungabana ry’igisata c’amagara y’abantu nayo yabaye intambamyi kuri ayo mazu. Kugira ibikorwa bigume bikorwa bisaba ko hagwizwa imihora myinshi y’amakanda y’abanywanyi. Ayo mahinduka y’iterambere ryikwije kandi riri ku murindi unyaruka ariko risiga ibibazo hagati ya bene amazu n’abanywanyi bayo.

Ukwama biteze ivyaduka biri mu bivurwa cane mu mazu y’ubwishingizi ku buryo bigoye kubibakuramwo. Kugira ivyo bavuga bishirwe muri bwa buhinga bw’amakanda, amazu y’ubwishingizi ategerezwa gufata mu minwe ikibazo c’ukugene bahana amakuru. Mu buryo bumwe, si ibisabo vy’abanywanyi vyose bikeneye ubumwe budacika n’amazu y’ubwishingizi ariko hariho ibisabo bikomeye cane ku buryo kuvugana gusa n’ayo mazu bidakwiye.

Mubona ubwo buhinga bwo gukoresha amakanda mu gisata c’ubwishingizi twobwihoza kubera budakwiye mu kunga bwa bumwe budacika hagati ya bene amazu n’abanywanyi bayo? coba ari nk’igihamana umuntu abikoze muri iyo nzira, nk’uko tubikesha icirwa ca EY, ibice birenga 80% vy’abanywanyi bashima gukorana n’amazu y’ubwishingizi biciye muri ubwo buhinga bw’amakanda. Kugira tubahe nk’akarorero, haraheze canke haraciye imyaka mikeya aho ikigo gikukirira inzu y’ubwishingizi be n’umuhanuzi waco vyari bifise ikibanza ntasubirizwa ariko ubu vyarahindutse aho haziye ubuhinga bwo gukorera ku murongo. Muri make biragaragara ko ibigo bikukirira ayo mazu bitazotera birwira ahubwo igikomeye ni uko ibihari vyokora ku buryo vyizerwa n’abavyitura ku neza y’ivyo bigo.

Igisata c’ubwishingizi caratowe nk’ishami ry’ihinguriro ry’umutekano rizohingura ibizokoreshwa kw’isi muri kazoza, ntitwogenda tutavuze ko ico gisata kiriko gikorerwamwo na benshi n’ukuvuga ko gikeneye guhinyanyurwa. Ni igisata gihurumbirwa na benshi, bikagaragaza ko kitariko kirasubira inyuma. Ivyo vyuko gihurumbirwa na benshi bisaba ko gitegerezwa guhinyanyurwa kuri urwo rugero. Kugira gihurumbirwe na benshi hariyo uturusho twinshi dukwegakwega abantu, nk’ibiciro biciririkiye, kugabanya ibiguzi be n’ugukora neza kurushiriza biri muvyashizweho.

Kuri iyi si yo gusiganwa y’ubu amahinguriro agerageza gukora ibikorwa biberanye n’abanywanyi bayo, n’ico twita gutunganiriza umunywanyi we nyene ubwiwe. Hakoreshejwe bwa bwenge bwa mudasobwa be n’amakuru abibitsemwo, gutunganiriza umunywanyi ubwiwe birashoboka. Ivyo bituma abanywanyi ubwabo bamenyera ubwo buhinga.

Amazu y’ubwishingizi asigaye akora yishimikije iyo ngendo yo gutunganiriza ababituye umwumwe ku giti ciwe bafatiye ku bucuti buri hagati y’inzu y’ubwishingizi n’umunywanyi. Ariko rero ubwo buryo bwo gukora sibwo bwo nyene bwotuma ico gisata gihinduka ahubwo ni uburyo bwo guha ikibanza gikwiye umunywanyi. Ivyo bigatuma ibikorwa vyinshi bikorwa ningoga mu mwanya muto muri ayo mazu y’ubwishingizi. Ico gisata kibayeho mu mwanya munini mu mahinduka. Ico twita CEO gifise uruhara rwo kwigizayo canke kugabanya umurindi munini wo kwinjira muri ubwo buhinga bushasha bw’amakanda. Uwo mugambi ubwirizwa kubandanya nubwo usaba vyinshi.

Vyahinduwe mu Kirundi na EN