Ikibumbano nyabwonko imbere y’akarangamutima buntu: Abashakashatsi bavuye mu gacerere.

Ubwenge bw’imashini nyabwonko burahagaritse umutima abantu batari bake kw’isi n’aho iterambere ry’ubwo buhinga rifise akamaro kanini ku bantu. Abantu benshi baguma basemerera ngo ubushakashatsi kuri  ubwo bwenge bw’imashini nyabwonko bugabanywe cane cane batunga agatoki ishirahamwe Open AI rihingura ibibumbano nyabwonko ChatGPT.

Abashakashatsi barateye umukono k’urwandiko rusaba guhagarika ibikorwa vy’ubushakashatsi kuri ubwo bwenge bw’imashini nyabwonko. Abo bashakashatsi barabona yuko ubwo buhinga bushobora kugira ingaruka mbi mu mibereho y’abantu. Mu kiganiro catanzwe n’umuhinga Raja Chatila ku mboneshakure y’Abafaransa TF1, arashigikiye akarangamutima gafatiye kuri ubwo bwenge bw’imashini nyabwonko.

Iterambere ryose mu vy’ubuhinga ryamye ritera amakenga imbere y’uko ubuhinga bwayo bwigaragaza. Ikibumbano nyabwonko n’ibisubizo vyacu vyarateye umutima uhagaze abantu. Nico gituma Abashakashatsi muri ubwo buhinga basemerera basaba ko hoba ugutunganya gushasha kw’ubushakashatsi muri ico gisata c’ubwenge bw’ishami nyabwonko.

Mu rwandiko rwateweko umukono n’ivyo bihangange mu bushakashatsi, bandika bati: « iterambere n’ikwiragizwa ry’ubwo buhinga bw’ubwenge bw’imashini nyabwonko ku murindi udasanzwe, udasuzumwe, ubuhinga bukomeye cane ata muntu twobugereranya ndetse n’uwabukoze nyene, ku buryo atawushobora gutahura, kubura canke gusuzuma neza ubwo buhinga ». Abasinye urwo rwandiko basaba mu bisanzwe ko ubwo buhinga buhagarikwa mu maguru masha. Bahamagarira inganda zose zikora ubwo buhinga kubihagarika ata gisabwe nimiburiburi nk’amezi 6 hadakozwe ibibumbano nyabwonko bikomakomeye nka GPT – 4 canke ChatGPT ihingurwa n’ishirahamwe ryo muri Kariforiniya  Open AI, ico kibumbano nyabwonko gikozwe ku buhinga bugezweho cashizwe ahabona muri ntwarante iheze. Urwo rwandiko  rero ntirufise intumbero yo guhagarika ubushakashatsi ahubwo kugabisha abantu. Abashakashatsi nabo bokwibaza yuko bikenewe ibikorwa vyose vyokoresha ubwo buhinga ndetse n’ibikorwa vyo kwinezereza.

Raja Chatila, umuyobozi w’igisata  kijejwe ubushakashatsi muri CNRS akaba n’umukuru w’ikigo mpuzamakungu kijejwe akarangamutima mu gisata c’ubwenge bw’imashini nyabwonko mu gisata c’abafundi muvy’umuyagankuba n’ibiwukoresha (IEEE mu mpfunyapfunyo y’igifaransa) kuva 2016. Ni umuhinga w’ibinyabwenge hamwe n’ibibumbano nyabwonko. Ari mubashize umukono kuri iryo kete ryagiye ahabona mu kwezi kwa ntwarante kuriko kurahera rishirwa ku rubuga rw’ikigo bita Institut Américain Future of Life.

Muri iryo kete rya Raja Chatila n’abashakashatsi bakorana basavye ishirahamwe Open AI ko ryohagarika ubushakashatsi mu kiringo c’amezi 6. Kubera iki vyihuta kubikora? Mu kiganiro ciwe ku mboneshakure y’Abafaransa TF1, Raja Chatila arishura ico kibazo.

Umushakashatsi avyitiranya (abigereranya) n’ikarata itukura yadugijwe. Yakoresheje iryo jambo rikoreshwa mu mupira w’amaguru iyo basohoye umukinyi yakoze amakosa akomeye mu rukino. Chatila arasigura ko iciyumviro c’iryo kete ari ukugabisha abantu ku muvuduko udasanzwe w’iterambere ry’ubwo buhinga ridasanzwe. Tukaba dusanzwe tuzi ko ubwo buhinga bushobora gutera ingorane abantu mu kibano. Uwo muhinga rero asaba gushishoza cane kugira hafatwe ingingo zikenewe mu ntumbero yo gukinga izo nkwirikizi mbi. Aranakekeranya ko iryo kete rihakwa kutaco rivamwo n’ubwo yarishizeko umukono ni ngombwa kwandika iryo kete dusabe bahagarike ubwo bushakashatsi. Ku bwiwe ivyo bisabo biratomoye. Ivyo bisabo vyerekeye ishirahamwe rikwiragiza ikibumbano ChatGPT ko coja mu karuhuko.

Chatila ntapfa kwemera ivyarivyo vyose, arazi ko ishirahamwe Open AI ryavuzwe rishobora kuvyanka. Ariko aremeza ko iryo kete ryatumye urutoke kuvyagirizwa iryo shirahamwe. Uwo muhinga aremeza kandi ko kuvuga bidakwiye mu guhindura ibintu ariko ko kuvuga bidakwiye kugira imirongo ihindure iyo iraba. Arafise icizere ko ishirahamwe Open AI rishobora kwemera ico ryasabwe, nubwo Chatila azi ko atari mu mezi 6 hazoba hatowe inyishu ahubwo inyishu ni iyo gutegekanya ku bisata vyimirije gushingwa atari ivyamaze gushingwa. Ku bwiwe Abashakashatsi barafise intumbero yo gukabura ubwenge bw’abantu. Abantu bategerezwa kumenya ingaruka mbi z’ubwo buhinga iyo budakwirikiranywe neza mu karangamutima. Icashitse ku mutima  Chatila ni uko abantu nka bose ubu babiganira cane, iyo ikaba intambwe.

Hari umumenyeshamakuru yabajije ati mbega ChatGPT yotera ingorane izihe ko ari ikibumbano nyabwenge gitanga ibisomwa vyanditswe n’abantu?

Umuhinga yasiguye ko ari ubwenge nyabwonko bwiyumvira, bisigura ko ubwo bwenge bushobora gukora ibisomwa vya ChatGPT canke amasanamu avuye ahandi bufatiye ku makuru y’ibiba ku muhora ngurukana bumenyi ariwo mushinge w’inkuru y’ico gisata.

Ikibumbano ChatGPT kirashobora kuvuga ivyarivyo vyose ataco cisigarije. Ntigitahura ivyanditse. Ariko igisomwa canditswe n’imashini nta kosa ririmwo, ni kuri urwo ruhande ubwo buhinga butereye ubwoba. Aho ingorane iri n’uko bica bigorana canke ntibinashoboke gutandukanya ivyanditse vy’ukuri n’ibitari vyo. Umuhinga  Chatila agasozera avuga ko ico ari ikibazo gikomeye cane mu bijanye n’uwatanze inkuru hamwe n’uwatanze inkuru yo n’iyitariyo.

Ingorane zigumaho kandi ziteye ubwoba. Mu Bubirigi, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru le Figaro, hariho Serugo umwe yiyahuye mu mpera za ntwarante amaze amayinga 6 aharira n’ikibumbano nyabwenge bita GPT -J cakozwe na Open AI. Bisigura ko ikete ry’abahinga ritarira busema.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.