Isoko ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ririko riratera imbere kw’isi nzima.

Iryo Soko ryarandikishije amateka atangaje muri  iyi misi mike iheze. Ivyo vyatumwe n’uko abantu benshi bijukiye Bitcoin nk’uburyo bw’agaciro bwo kubika amahera yabo. Hambavu y’uguhomba mu rukwirikirane rw’ana Banki nka Silicon Valley Bank hamwe n’izindi 2 iyitwa Silvergate Capital niyitwa Signature Bank, benshi baciye birukira Bitcoin nk’uburyo nyabwo bwo kubika amahera yabo.

Ingorane ama Banki yaciyemwo vyatumye Bitcoin ica yizigirwa kurusha mukugwiza abanywanyi bayihurumbira. Abanywanyi bayo batari bake baremeza ko Bitcoin ibabikira neza amahera yabo kurusha ama Banki. Ivyo benshi babishingiye intahe aho baboneye ama Banki ariko arahomba. Ayo mahera yaciye yitwa « akamaro k’ubuhungiro ». Iyo niyo mvo nyamukuru yatumye isoko ry’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi ryifata neza.

Ivyo vyatumye BTC idasubira gutakaza agaciro, inyungu zayo z’ibanze ziyongereyeko amanota 25 nk’uko bivugwa n’urunani rw’ubushinguzi  bw’Amerika. Nubwo hari iryo hungabana ry’ubutunzi mu ma Banki, ikigega c’ubwishingizi c’Amerika camenyesheje ko kirajwe ishinga cane n’iduga ry’ibiciro kurusha iryo hungabana ry’ama Banki. Bitcoin ubu ifatwa nka za sandugu ntamenwa ishobora kubabikira amahera yabo mu buryo bwizewe kandi bukingiwe ihindagurika ry’ibiciro.

Ariko rero aho ca kigega c’ubushinguzi ca Amerika gifatiye ingingo yo kuduza urugero rw’inyungu, vyatumye abanyamitahe bakebwa mukugura  Bitcoin.

Ku bisanzwe iduga ry’urugero rw’inyungu bica bituma idorari ry’Abanyamerika ryipfuzwa cane, abantu bagaca bagurisha ama Bitcoins yabo be n’ayandi mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi kugira baronke amadorari. Muri Uno mwanya iryo duga ry’inyungu ntirirashika ku rugero rwuko abakunzi ba Bitcoin barikaba idorari. Ikibanza rifise twita akamaro k’ubuhungiro gatuma ridakomwakomwa.

Abanyamitahe barongereje ibikorwa, bigatuma rero abantu bizera cane Bitcoin. Uko kuntu ibintu bimeze vyaragize ingaruka nziza ku biciro vya Bitcoin kuko abanyamitahe bakuru bakuru bagumanye icizere gikomeye kuri kazoza ka Bitcoin. Ivyo rero bisigurwa n’ihanwahanwa ry’amahera incuro zirenga 13000 vyakozwe n’abanyamitahe bakomeye bitiranya na vya bifi binini bita « Baleines » hanyuma ayandi mahanwahanwa y’amahera ashika 100 yagizwe n’abo banyamitahe bayigira baciye kuri Wrapped Bitcoin (ni nk’ikarata ya Euthereum igenewe guserukira Bitcoin nk’umuhora Blockchain). Ivyo bisigura ko abanyamitahe bakuru bakuru bari ku kivi bikomeye.

Haraheze amayinga, Bitcoin na Wrapped Bitcoin zaranzwe n’urugero runini rw’ibikorwa vy’abanyamitahe bijunja. Ivyo bituma ibiciro vya Bitcoin biguma biduga. Twibazeko bitumwe nuko ibintu vyifashe, abanyamitahe bijunja bazogumiza icizere kuri Bitcoin. Amasoko menshi y’inkuru aremeza ko abo banyamitahe bijunja banagurira Bitcoin na Wrapped Bitcoin ku yindi mihora.

Agaciro nyezina ka Bitcoin muri kino gihe karashitse ku madorari 30.000. Ni ibitangaza, biragoye gutahura. Iryo duga ry’agaciro ryatanguye kuva igenekerezo rya 10 ntwarante. Gusa nta cemezo na kimwe cerekana ko bizoguma uko muri kazoza. Ariko gushika ubu iryo duga rirabandanya. Iryo duga rirashobora gushika ku madorari 31777. Bitcoin izoba yarengeje vyoroshe agaciro ko hejuru gategekanywa kangana n’amadorari 31700. Biranashoboka ko ico giciro gishobora gushika ku madorari 31800 mu misi iza. Dusa nabibagiye amakuba twaciyemwo igihe Bitcoin itari bwashike ku madorari 25000.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.