Amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi: arafise imforo zitatu uyu mwaka zo gukwirikirana neza.

Igisata c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi kiriko kiratera imbere cane. Iryo terambere ririgaragaza ku mwaka ufatiye kubiba vyahindutse, ivyo tukabibonera ku mforo y’ayo mahera yo ku mwanya ku mwanya. Umuntu agerageje kuraba ibijaye n’amasoko y’ayo mahera, amategeko ayagenga, ayo mahera arafise imforo yo kuduza agaciro canke abanyamitahe bayo bakiyongera. Muri uyu mwaka wa 2023 ushira 2024 ayo mahera arafise imforo zitatu zikwirikirana imwe inyuma y’iyindi.

Imbere yizo mforo zidufasha gutahura iterambere ry’ico gisata, hariho ico twita  hard Fork Shanghai d’ethereum. Nk’uko imigambi myinshi y’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yama ihura  n’ingorane zugutandukana ku bice bigize ico gisata, ivyo navyo bigatuma haba ihindagurika ry’ibiciro. Ikindi naco n’uko imigambi myinshi y’ayo mahera iterekana amaherezo yayo ugasanga bibaye ngombwa  guhindura umugambi canke guhindura Intumbero yawo. Ico rero twotahura ko arico gikorwa ca Fork. Iyo mforo ya mbere ituraje ishinga yoba isigura iki? mbega hoho Fork ikora gute? Ni izihe nkwirikizi?

Fork ni ijambo rikoreshwa cane mu gisata c’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Umuntu atomoye neza ukwiyonkora gusigurwa n’amashami avuka ku rubuga Blockchain. Ivyo birakunda gushika cane kuri urwo rubuga, birashobora kuba ku bushake canke bikaza giturumbuka, birashobora kuva kandi kukutumvikana mu gisata canke bikava ku bikorwa vyo gushira ku gihe ubuhinga bw’ico gisata. Amahera azwi cane ni Bitcoin cash na Ethereum classic. Dufatiye ku kuntu Fork ikora duca twumva ico iri.

Duhereye ku karorero ka hafi, Ethereum yavuye mw’isuzuma ry’ibikorwa hakoreshejwe ibiharuro ija mw’isuzumwa hakoreshejwe ubwumvikane, ivyo birazwi haraheze imisi. Ivyo bisigura ko kugura no kugurisha Ethereum bitasubiriye gukorwa nk’uko vyahora, haciye haba ugutandukana kw’ibisata bituma ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu bahora bakora ivyo bikorwa baja mu gashomeri.

Ariko uko gutandukana n’aho kwabaye, kugura no kugurisha ku gikorwa ca kera vyagumye bikunda. Inyuma yiyo nsiguro ya Fork, tugaruke kuri ya mforo y’ayo mahera ari nayo ntumbero nyamukuru y’ino nkuru. Rya suzumwa ry’ibikorwa hisunzwe ubwumvikane buramaze igihe bukora, bikaba vyatumye abanywanyi batora amahera yabo canke bagashira mu dusandugu twabo ama ethers , bigaheza bigatuma agaciro ka éthers kiyongera gushika ku bihumbi bibiri (2000) vy’amadorari kandi iryo duga rirashora no kubandanya. Abantu bose bariko barabikwirikirana. Ukwiyongera kw’abanywanyi bisigura ko abanyamitahe benshi bizeye urwo rubuga rwa Blockchain Ethereum kandi ko biteguriye gukora.

Imforo igira kabiri ijanye n’iduzwa ry’inyungu mw’i Banki nkuru y’Amerika. Kurya kw’iyindi mitahe yose, amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi yotegerejwe kwisunga ingingo z’i Banki nkuru y’Amerika. Ivyo bikemezwa n’ihindagurika ry’ibiciro vy’ayo mahera n’ubwo imitahe y’ayo iri ku buhinga ngurukana bumenyi. Iyo Banki yagumye iduza izo nyungu kugira iryo duga ry’ibiciro rihagarare. Ivyo rero vyatumye ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi adahurumbirwa cane ku bijanye no gushiramwo imitahe.

Imforo ya gatatu yo gukwirikirana ni ikijanye n’amategeko agenga amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi.  Igihuhusi cashikiye amahera FTx nico catumye abajejwe amategeko bamera magabo. Igomba ry’amasoko y’ayo mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi FTx yafatwa nkayari hejuru y’ayandi vyatumye haba uruhombo rudasanzwe rw’ama miriyaridi y’amahera y’abanya buraya ku banywanyi bayo, abajejwe ivy’amategeko muvy’ubutunzi ntibatevye kugira ico bavuze mu ntumbero yo kuraba ukuntu bakwirikirana neza ivy’ico gisata. Gushika ubu inzego zose zijejwe amategeko zigwanira gushiraho amategeko yazo ariko hariho indinganizo y’amategeko yasohotse yo ku rwego rw’isi.

Bose bagumanye ikibazo ku bushobozi bwayo mategeko na rirya ategerezwa gushiraho uburyo umuntu wese akoresha amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N.