Intererano y’ubwenge bukorano mu mibereho y’ibikoko vyo mw’ishamba

Ubwenge bukorano buriko burasahiriza cane mu bisata bitandukanye nk’uburyo nyabwo kandi burashe mugutora inyishu z’ibibazo bitandukanye. Inyuma y’impari zashizwe ahabona n’ikibumbano nyabwenge  ChatGPT, abashakashatsi muri ico gisata ntibacitse inkokora, haba namba. Baragerageje guteza imbere indinganizo mfasha nyigisho mu bisata bitandukanye. Tuzogerageza turabire hamwe ibisata bimwe bimwe duheze tuvyandikeko muri iyi nkuru ya kuno kwezi.

Igikorwa co kubungabunga ibikoko mw’ishamba kizohora gikorwa hakoreshwejwe ubwenge bukorano. Mu nkuru y’ikimenyeshamakuru co ku buhinga ngurukana bumenyi citwa Galaxie Futura, haravugwa ishirahamwe ritari iry’ubudandaji ryitwa WildEye ryateje imbere ubuhinga bwitwa Open source butoranura amakuru ajanye n’amasanamu yafashwe n’ibikoresho bihishije. Ubuhinga bw’imbere y’aho bwari bushoboye guharura  inzovu ziri mw’ishamba mu mwanya muto. Iyo niyo yabaye intango aho ishirahamwe WildEye be n’abashakashatsi bo muri kaminuza ya Oxford  bateje imbere ubwo buhinga kugira bakwirikirane neza amakuru atangwa n’ibikoresho vyo gufata amasanamu, bifata amasanamu mukinyegero, ivyo vyose bigakorwa ata kwihenda.

Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gukingira ibidukikije ryitwa WWF, ibice 68% vy’ibikoko biri mu murwi w’ibifise igiti c’umugongo vyarahonye muri iyi myaka 50 iheze. Turi mu bihe bitoroshe, harakenewe ko ivyo bikoko vyo mw’ishamba bikwirikiranwa imibereho yavyo. Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Galaxie Futura, mu ntumbero yo gukwirikirana imibereho y’ivyo bikoko, igwirirana ryavyo, uburyo bwo kuvyongereza, abashakashatsi babitegekanije uku gukurikira: Abahinga mukubungabunga ibidukikije bafashe ingingo yo gukorera ku makuru atangwa na vya vyuma bifata amasanamu vyihishije. Ikibazo aho kiri n’uko ivyo vyuma bitanga amakuru menshi bifata nkiyo ibiti binyiganijwe n’umuyaga, iyo habaye impinduka ntoya muvy’ibihe n’ibindi nkivyo. Ivyo rero ubiravye usanga ari amakuru menshi agizwe n’amasanamu akeneye umwihwezo, kwegeranywa no gushingurwa, ivyo rero bigatwara umwanya utari muto kuko haba harimwo n’udukosa two gukosora. Ni aho rero bwa bwenge bukorano buca buba amahirwe mugukora ico gikorwa. Ishirahamwe WildEye ryaciye rizana inyishu izwi nka Trap Tagger, ikomoka kuri ubwo bwenge bukorano.

Trap Tagger ni ubuhinga bwatejwe imbere na WildEye ifashijwe n’abashakashatsi bakomoka muri Oxford mu bwongereza, kugira basorongore ya makuru atangwa na vya vyuma bifata amasanamu mu mpisho nk’uko twari twabivuze. Ubwo buhinga burasorongora amasanamu ashika imiriyoni 2 canke arenga ku kwezi. Nk’uko Nicolas Osner, umufundi mu bijanye n’imashini nyabwonko ari nawe yafashije mu bijanye no kubungabunga ibidukikije hakoreshejwe ubwenge bukorano, abivuga n’uko amashirahamwe, ama kaminuza, asanzwe akorera mu gisata co kubungabunga ibidukikije, yoja ararungika amasanamu ku rubuga Cloud kugira bafatiye kuri ayo masanamu bamenye ubwoko bw’ibikoko buhari, n’uko bingana muri ako karere kafatiwemwo ayo masanamu na vya vyuma bifata amasanamu vyihishije. Ayo makuru ni amakuru atyoroye ku mashirahamwe canke ibigo bijejwe kwitaho ubuzima bw’ibikoko canke kuvyongereza mu karere kanaka.

Ubuhinga Trap Tagger burabona abantu bari muri ayo mashamba ubwo buhinga bukoreramwo, ivyo bigafasha kubona imyitwarire y’ibikoko iyo bibonye abantu babisanze aho biba. Ubwo buhinga Trap Tagger bukozwe mu ndinganizo 3 zifatiye kuri bwa bwenge bukorano. Indinganizo ya mbere ifasha mu kubona no muguharura ibikoko ku masanamu; indinganizo ya 2 ifasha gutandukanya ubwoko bw’ibikoko; indinganizo igira 3 ifasha kubona abantu binjiye muri ayo mashamba. Ubwo buhinga bukora vyinshi, urashobora guhindura imfuruka urabiramwo ivyo ukeneye, kubiraba uvyegereye canke uri kure, ivyo bivana na nyene gukoresha ubwo buhinga ivyo ashaka kubona.

Ubwo buhinga butanga amakuru y’ukuri ata gatosi karimwo, ingereranyo y’ukuri ku makuru aba yatanzwe n’ubwo buhinga ni ku rugero rwa 99% . Ni ibitangaza nk’uko bivugwa n’abahinga. Trap Tagger ni ubuhinga ata kibusoba mu kubona, muguharura, mukumenya igikoko icarico n’ubwoko bwaco ku rugero rwa 99%. Si ivyo gusa, ubwo buhinga butuma umuntu akoresha umwanya muto mugutondanura ya makuru n’uburyo bw’amahera buke cane bwagabanijwe ku rugero rwa 98% ugereranije n’ivyahora bisabwa. Iyo n’inkuru nziza ku bahinga muvyo kubungabunga ibidukikije. Nk’uko twari twabivuze, ubwo buhinga burashobora gusuzuma amasanamu arenga imiriyoni 2 aheza agakoreshwa n’amashirahamwe ashika 40, agaheza agahanahana amakuru mu ntumbero zo kubika amakuru canke ibiharuro bitagira agatosi.

Ihangiro ry’ayo mashirahamwe ni ukuryobanura indinganizo zikoreshwa n’ubwo buhinga kugira ngo bashobore kumenya ibikoko ata kwihenda na gutoya kugiyemwo. Ayo mashirahamwe 40 akoresha Trap Tagger akwiragiye mu mugabane wa Aftika hose. Nk’uko bivugwa na Nicolas Osner atanga akarorero kuri Angola canke Mozambike aho ibikoko vyo mw’ishamba vyatikijwe n’intambara, ubwo buhinga burashobora kubona ko igikorwa co kwongereza ivyo bikoko kiriko kigenda neza. Nk’akarorero umwe mu bashakashatsi turiko turakorana yiga ingaruka y’iyongerezwa ry’ibikoko binini binini birya ibindi vyari vyarahonye haraheze imyaka irenga cumi (10). Umwihwezo w’amasanamu umufasha kumenya ukuntu ibindi bikoko vyifata bimaze kubona ivyo bibirya, uwo ni Nicolas Osner abandanya abivuga. Ugutera imbere k’ubwo buhinga bituma n’ingingo zifatwa, zifatwa ku mwanya mwiza, iyo hagize abantu baja mwayo mashamba batasavye uruhusha bakabonwa kare canecane nk’abahigi b’ibikoko mu karere kanaka.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.