Iterambere rya vuba mu gisata c’amagara y’Abantu bitumwe n’ubwenge bukorano.

Ubwenge bukorano butubikiye iterambere ritandukanye n’ivyahahora mu gisata c’amagara y’Abantu. Nokwibutsa y’uko isi ya none yitayeho cane ibijanye n’umutekano be no kwinezereza. Amagara y’abantu ari kw’isonga ry’ico twokwita umutekano kubera kugira umuntu arambe amagara yiwe ategerezwa kuba arinzwe. Amahirwe menshi ahabwa ubwenge bukorano mugutunganya ivyo bintu.

Haba mugukwirikirana abagwayi, mugukwirikirana ingwara z’ivyaduka canke ibibumbano bivura abantu bibabaze, kuvura umuntu, ivyuma bisubirira ingingo z’umubiri, ivyo vyose bwa bwenge bukorano burabikora neza cane, ubwo bwenge bufise ubushobozi bukomeye cane mu gisata c’ubuvuzi. Tuzoshira ahabona ubuhinga butari buke buzokwerekana ikimazi c’ubwenge bukorano.

Haraheze imyaka mikeya dutahuye ko ubwenge bukorano busanzwe buri hose mu buzima, mu gisata c’ubuvuzi hoho turafise ubuhinga bumeze neza bushobora guhangana n’ingorane ziri muri ico gisata. Nk’akarorero ubuvuzi bwa none burashobora gushira ahabona indwara ishobora kwaduka, kuvuga ibimenyetso canke no mukurushirizaho kwitaho abarwayi. Mu bisata bitandukanye hariho iterambere mu buryo butandukanye muri kazoza. Tuzoheza tuvuge kimwe kimwe ukwaco muri ivyo bijanye n’iterambere mu gisata c’ubuvuzi turabe n’ivyo twokwitega muri kazoza.

Ibishasha birimwo muri ico gisata c’ubuvuzi ni ugukinga arico bita ubuvuzi bukinga ivyimirije kuba. Aha twovuga nk’indwara yo kubabara kw’amafyigo ishobora kumenyekana ko ija gushikira umuntu amasaha 48 imbere y’uko imushikira hakoreshejwe bwa bwenge bukorano. Ishirahamwe rikora Ubwo bwenge bukorano rizwi nka DeepMind ryarateje imbere indinganizo ishobora kubona ibimenyetso mu mubiri bitera ibabara ry’amafyigo. Iryo babara ry’amafyigo rirahitana ibice 11% vy’abantu bapfa bahitanywe n’indwara z’amafyigo. Iryo suzuma rikinga rirashobora kwerekana ko umuntu aja kugira indwara y’ibabara ry’amafyigo amasaha 48 imbere y’uko imufata, ivyo rero bigatuma abaganga baca bamenya ukuntu bitaho umugwayi ningoga. Iyindi ndwara ishobora kuburwa( kubonwa) n’ubwo bwenge bukorano ni indwara yitwa Alzheimer. Ivyo bishoboka habanje kuba icirwa ku masanamu y’ubwonko canke babanje gufata igipimo c’amaraso. Bafatiye kw’itera ry’umutima bisuzumwe n’ubwenge bukorano, ingwara zifatiye kw’ivumbuka ry’umutima zirashobora gukingwa vyoroshe.

Ku bisanzwe ubwenge bukorano burashobora gutanga igipimo cizewe kandi kinyaruka canke bugashira ahabona indwara zitandukanye. Ubwenge bukorano buratanga intererano ikomeye cane, burashobora gutandukanya uduherehere tw’ifyeri n’ibiherehere bibabaza , canke bugatanga insiguro y’igipimo ca Scanner yo mu mutwe, canke igipimo c’iradiyo yo mu mahaha. Ya ndinganizo yubakiye ku bwenge bukorano irafise ubushobozi bwo kumenya ibimenyetso vy’indwara ufatiye ku ma miriyaridi y’amakuru aba yagiye araca kuri iyo ndinganizo y’ubumenyi. Ku rubuga Google nk’akarorero, rurashobora gukorerwako na bwa bwenge bukorano hakoreshejwe ibikorwa muvy’ubushakashatsi bw’indome, ubwo bwenge bugaheza bugatora indwara nka cancer y’amahaha imbere y’uko indwara ikura . Ku rugero rwo kutihenda rungana n’ibice 94.4% . Ibipimo mwene ivyo bigafasha mu kwirinda vya bipimo bikunda no kwihenda bita biopsies.

Imiti mishasha nyayo ihuriranye n’uturemangingo twacu igiye gushirwaho hakoreshejwe ubwenge bukorano. Ama miriyaridi y’uturemangingo yarasuzumwe neza na bwa bwenge bukorano kugira buzoshobore gutanga amakuru kare ku bijanye n’iyakiriro ry’uturemangingo canke ry’imigera mu muntu. Ubwenge bukorano buca bubandanya igikorwa co gutora imiti myinshi ihuriranye n’indwara zitandukanye. Kuri ivyo, abashakashatsi barakoreye kutunyabungingo ataco batwicurako kugira bamenye hakiri kare ingaruka mbi z’imiti muri kazoza.

Ubwenge bukorano buzofasha kandi abaganga mukwandikira imiti abarwayi. Nk’akarorero ibijanye n’ingaruka mbi y’imiti umuntu aba yafashe canke ukumenya uko umubiri uja kwakira umuti bizogaragara hakiri kare hanyuma umugwayi abikingirwe canke bayimuhindurire. Ukubaga abantu bizokwirikiranwa n’imashini nyabwonko. Ibibumbano nyabwenge vyaragwijwe mu bitaro aho babagira abarwayi, ivyo bibumbano rero bibaga abantu neza kurusha abantu bavyize, ukuziranirwa canke kugira inkovu zidakira biri ku rugero ruto iyo umurwayi yakozwe n’ikibumbano nyabwenge. Bikoresheje amaboko yavyo, ibibumbano nyabwenge bibaga abantu birashobora kubaga umuntu ikivyimba kiri imbere mu mubiri vyisunze isanamu y’ico gice kirwaye bitiriwe birasatura umubiri wose canke bigafasha abaganga gukora umuntu biri kure. Umuhinga muvyo gukora abantu yamuka mu bufaransa ubu akaba ari New York yarabaze umuntu arwariye I Strasbourg, agasaho kabika inkabuzo zikorwa n’igitigu kari gafise ikibazo, ivyo vyose vyashobotse kubera ubwo buhinga bukoresha imashini nyabwonko.

Hambavu y’ibikorwa ubwo buhinga bufasha mu gukora abantu, Abahinga mugukora abantu barigishanya hagati yabo bagakora n’imyimenyerezo. Hari ubuhinga bwinshi mu gisata c’ubuvuzi bwazanywe n’ikoreshwa ry’ubwenge bukorano. Nababwiye ubutari buke muribwo, ni bwinshi cane. Ico twobabwira gusa ni uko izi ndwara nyinshi zica abantu Ubu zirashobora kuranduranwa n’ imizi mu misi iza.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.