Guhitamwo ifaranga rya crypto muri atanu ya mbere : «urunguka canke ukunguka»!

Turafise bamwe mubasoma ivyo twandika bafashe ingingo yo gukoresha amahera yabo canke tuvuge kuyakoresha mu kugura canke mu kugurisha ayaciye mu buhinga ngurukanabumenyi.Bakwezwe n’itama ryo kwunguka canke ubwoba bwo guhomba, benshi barafise ingorane mu gutora ubuhe buryo bwo gukoresha biciye mu ngurukanabumenyi bwoba bufise kazoza keza. Abahinga muri vyo batoye uburyo butanu (5) buri hejuru y’ubundi bwose bufasha kuzana inyungu nyinshi hakaba agahombo gato ari hamwe koshika.

Muri uku kwezi kwa 8 (Myandagaro) hamwe n’ayandi azokurikira, uburyo bwiza bwatowe gukurikizwa ni Bitcoin, Ethereum, Ripple, Dogecoin na Salona. Muri izi zitanu zose, Solana ni yo yagize umwimbu mwiza mu kwezi kwa 7 (Mukakaro) n’inyungu ya 56% aho Etherum yaronse 1%.Naho Bitcoin yagumye iri inyuma muri uku kwezi kwa 7 (Mukakaro) kuko yerekanye agahombo ka 3%, abahinga muri iyi mirimo baguma bose bemeza ko ubu ubuhinga bucisha amafaranga muri ngurukanabumenyi ko ari imwe muzikomeye muri uno mwaka wa 2023.

Bitcoin nkuko ari yo turiko turavuga iza kw’isonga, imbere y’ayandi yose muri kuno kwezi ku munani. Ku mutahe w’imiliyaridi 550, baritazira kandi «Inzahabu ngurukanabumenyi», iryo faranga ngurukanabumenyi rishobora gukurikirana uko ayandi mafaranga yubu bwoko akora. Ni ryo ryinganziye amasoko yose kandi rirakomeye. Ubwo bwiza bwaryo buriha intango nziza mu kurondera amasoko. Bitcoin imaze gutsindira 75% vy’amasoko kuva umwaka utanguye gushika uno musi, kandi agaciro karyo kari hagati ya 29410$ na 35932$ gushika ukwezi 8 (Myandagaro) guhere.

Ethereum yama ari iya kabiri ku rutonde inyuma ya Bitcoin n’umutahe w’imiliyaridi 388 y’amadolari.  Mu kwezi kw’indwi (7) ryaraduze kuri 1% ku gaciro kamafaranga angana na 1859$ mu mpera y’ukwezi. Kuva umwaka utangura gushika uno musi, Ethereum yaduze ku bice 55%. Agaciro karyo kari hagati ya 2097, 723$ na 1426, 452$. Ivyategekanijwe mu bihe bizoza biratanga icizere kuko ETH izoshikana agaciro ka 5739$ muri 2025 hamwe na 14412$ mumwaka wa 2030. Bivuga ko aya mafaranga akoresha ubuhinga ngurukanabumenyi afise kazoza keza.

RIPPLE iza ubugira gatatu n’umutahe w’imiliyaridi 57 z’amadolari. XRP yavyawe na RIPPLE nimwaba mutarabimenya. Nk’ayandi mafaranga ngurukanabumenyi  nka Bitcoin na Ethereum, RIPPLE yararengeje 30% n’akarusho karenga 0,40$. Abahinga baremeza ko ibikorwa vya RIPPLE bishobora kuzana akarusho  kari hagati ya 0,63$ na 0,93$ mbere gashobora kuba 0,769086 $ mu mpera z’uku kwezi kw’umunani (8) Myandagaro.

Dogecoin  iza ubwa kane n’umutahe w’imiliyaridi cumi (10) z’amadolari. Ikora nkiyiri hagati na hagati yayandi.  Nkuko Dogecoin yari yashizweho ngo ibe iyidasanzwe, ikora vyinshi nk’amapiyese (ibidandazwa) 10000 ashobora gusohoka uko umunota uheze kandi ntiba yakoresheje ubushobozi  bwayo bwose.

Ikintu gihambaye cabaye muri kuno kwezi kw’indwi (7) Mukakaro ni uko Elon Musk, nyene urububa X yakoresheje Dogecoin mukuriha urwo rubuga. Kubera ico gikorwa, Dogecoin yaduze 8% igenekerezo rya 24 Mukakaro.

Igiciro ca DOGE catanguye ari 0,078 $ mu ntango y’ukwezi ku munani (8) Myandagaro 2023 kandi mu mpera zako kizoba kiri kuri 0,077 $. Igiciro co hejuru kizoshika kuri 0,122 mu gihe ica nyuma kizoba kuri 0,077 $.

Ikibanza ca gatanu arico ca nyuma kuri urwo rutonde gifise SOLANA n’umutahe w’imiliyaridi 9 y’amadolari. Solana yiyumviriwe kugira akazi karanguke neza nka Ethereum. Iranyarutsa mw’ihanahana ry’amahera kandi amakori yaragabanijwe uravye abo bahiganwa nka Ethereum. Igiciro ca SOL ni 23,737$ mu ntango z’uku kwezi ku munani (8) 2023 kandi birashoboka ko mu mpera zako azoba ari 22,108 $. Igiciro co hejuru gitegekanijwe mu mpera z’uku ku munani ni 22,246$, ico munsi naco ni 19,888$.

Hasigaye rero guhitamwo. Uhisemwo neza utegerezwa kwunguka naho vyogenda gute, ariko gikuru ni ukunguka nyene!

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.