Isura y’ubugizi bwa nabi vy’ubwenge ndengabuntu (Ibikwirikira n’ibiheza)

Abashakashatsi barakoze urutonde rw’ibintu 20 vyerekana aho ubwo bugizi bwa nabi bushobora gushika  turavye urugero rw’ingaruka mbi rushobora guteza. Si ubwo bwo nyene bwizwe na Kaminuza y’i Londres buteye isibe kurusha.  Hose bakoma induru. Abahinga mbere bashitse aho bagereranya ko ingaruka ubwo buhinga buzana imeze nk’ingwano ikoreshejwe ibigwanisho ruhonyanganda. Niho tuvuga rero ko ivyo bintu bikwiye kwitabwaho cane.

Mu vyo duheruka kubandikira twarashize ahabona  ibice bibiri vyerekana ko hari ubwoko bw’iterabwoba bukaze cane n’ubundi ari mitende bukebuke. Ubwo bukaze cane bubonekera canecane ku rugero rwo hejuru yivyo rushobora kwonona nk’ibi:

Ubwo buhinga burafise ubushobozi bwo kwigarurira amarobo yo mu gisirikare canke ubuhinga mu vy’ibigwanisho, gufasha mu kubesha abantu ari bwo bufungakiwani, guhindagura ibintu canke kwongeramwo ibindi bitari vyo  haba ku bantu canke ku mahinguriro canke gutera ukoresheje utudege dutoduto canke kubukoresha mu vya gisirikare.

Mu bidahambaye cane mwibuke kwimana umuhora, guhindura amasura y’abantu atari yo hagakorwa ibindi biranga umuntu atari vyo kugira bashikire ibiranga umuntu vy’ukuri. Twovuga kandi  no guhindagura amasoko mu vy’ubutunzi kugira ibiciro  bishobore kugabanuka canke babidurumbanye muguteza akajagari muri vyo.

Ubu naho dushikiriye  umugwi  wa nyuma ugizwe n’urutonde rw’ibintu 20 vy’ubugizi bwa nabi bwashizwe ahabona n’abashakashatsi b’I Londres kandi butari ku rwego rwo hejuru. Ivyo biraba  ibivugwa mu guhindura ibisanzwe biri  kuri Youtube kugira bitume abaraba kuri Google bavuga neza akaranga k’ibigurishwa canke bagasuzugura  abo batavuga rumwe ari bo abakeba. Muri ivyo twovuga ;

Amarobo yiba. Twari twayababwiye tugitangura. Arateye ubwoba cane ariko ntiyotera uruhagarara runini. Ubwo buhinga bukoreshwa mu gushiraho amarobo yigenga ashobora kuja mu busandugu bw’amakete, gutora impfunguzo no kwugurura imiryango. Ivyononekara ni bike kandi biba ku rugero ruto.

Uburyo bwo guhuvya. Ubwo bwenge burakoreshwa mu kubuza isobanurwa canke iyegeranywa ry’amakuru canke inyandiko kugira bahanagure canke banyegeze burundu amakuru n’ivyagiriji muri ubwo bugizi bwa nabi nk’akarorero amareresi y’ubusambanyi.

Inkuru zitari zo zandikwa muri ubwo bwenge ndengerabuntu. Bashobora kwandika inkuru atari zo ku muhora wa Amazone canke iyindi nka Leclerec, Tripadvisor kugira bashire hejuru akaranga canke bazimye isura y’ikidanazwa. 

Gukurikira aho umuntu ari hakoreshejwe ubwo bwenge. Ubu buhinga burakoreshwa mu gukurikirana umuntu aho yoba ari hose ,aho ahagaze  n’ico ariko arakora mu gihe cose bamushatse.

Gusubiramwo canke kwigana ivyakozwe. Ni gukora canke gusubiramwo ibintu vyamaze gukorwa n’abandi, bigomba gusa n’ivya mbere kandi atari vyo. Barasubiramwo nk’akarorero indirimbo canke amashusho, hanyuma ukabigurisha uvyitirira uwundi. Ubwo bugizi bwa nabi ntibuboneka cane kuko izo ndirimbo canke ayo amashusho bizwi na bake.

Naho urwo rutonde rutotuma abantu bihebura, bamwe baratanguye kuvuga ko ubwo buhinga bwoshobora guhonya isi n’ibiri kuri yo. Kugabanya ivyotuma isi izimangana ngo ni iterambere ry’ubwengendengabuntu ni co  cogushira imbere ku rwego rw’isi nk’uku bisanzwe bikorwa ku ngwara canke ingwano zikoresheje ibigwanisho ruhonyanganda nkuko vyemezwa n’imboneza 350 hamwe n’incabwenge mu mahinguriro akoresha ubwo bwenge ndengabuntu.

Kugira  bugire ishingiro riboneka,indongozi za Google, Microsoft na OpenIA barabigizemwo uruhara runini kandi ruboneka. Ubu bwarungitswe kuri Center for all Safety bwatanze icivugo kw’iterambere ry’ubwo bwenge kandi vyemejwe n’abanyabwenge bo ku rugero rwo hejuru mu buhinga ngurukanabumenyi nka Elon Musk.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.