Ethereum itera ija imbere kuva aho FED iviriye mu gacerere.

Muri ibi bihe agaciro k’ifaranga rya Bitcoin kaguma kabandanya kamanuka, kagabanuka, ifaranga rya Ethereum ryo riguma riduga kandi ku rugero ritari bwashikeko kuva ribayeho. Kuva bashize ahabona Merge, amasezerano Ethereum 2.0 yararenze agaciro kose gaharugwa mu miliyoni 30 yama ETH. Vyongeye amakuru turonka ajanye n’ihanahana aremeza ko ivya nyuma Ibanki Nkuru ya Amerika FED yashikirije vyagize ingaruka nziza ku bagwizatunga. Ariko ikibazo ni kumenya ikizoba mu bihe vya hafi canke vya kure.

Mu mwanya Ethereum ryari ritanguye guta agaciro, ihagarikwa mu kanya gato ry’inyungu ku mitahe ryavuzwe n’Ibanki Nkuru ya Amerika ryarateye intege abagwizatunga mu kurondera  kuzimanganya aho bari bageze. Kandi kubabirabira hafi ababitse ama Ethereum ku gihe kirekire bongeyemwo amadolari imiliyoni ijana  na mirongo ibiri na zitandatu 126 000 000$. Ukwo kurondera abanywanyi bikabije  vyashitse ku rwego rutari rwaboneke.

Ni imbere y’inama ya nyuma yakozwe na Banki Nkuru ya Amerika FED, ababitse ama Ethereum  bariyongereye cane. Ryabaye irya mbere agaciro k’iryo faranga  gashikira 2.0 n’iyongerekana ry’imiliyoni mirongo itatu ryayo. Turavye ivyegeranijwe mw’ihanahana bitangwa na glassnode, abafise imitahe iri ku gihe kirekire kuma Ethereum babitse 856 709 ETH kubera ukwo gushiramwo ishaka mu guhiga abanywanyi Staking. Ibiharuro vy’ukuri vy’agaciro kabafise ivyemezo ko binjiye bishitse kuri 29,23 y’imiliyoni y’ama ETH mu mpera z’ukwezi kw’umunani Myandagaro. Mu magenekerezo ya 20 Nyakanga birashobora gushika kuri 30,09 z’imiliyoni y’ama ETH.

Twokongera tukavuga ko inyungu ziyongereye kubera kugwiza abanyamitahe zerekana ubwizigigwa mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ETH iriko irakoresha ku buryo beacon chain yashizemwo 48,6 y’imiliyaridi. Ayarenga 25% ya 120 227 795 ETH ari kw’isoko bayashize mu bundi  buryo bw’amasezerano nyabwenge. Inyishu canke insiguro ya mbere ituma abantu benshi birukira ubwo buryo bwo kurondera abanywanyi benshi nibwo bwatumye agaciro ka Ethereum kaduga bishimishije. Ni nayo nsiguro duha amasezerano ETH 2.0 kuko yerekana ibimenyetso ko ayabitswe ariko ariyongera cane.

Ikibazo bose bibaza ni uko ingingo ya FED ije neza kuri Ethereum. Ariko, turavye ivyegeranijwe muri iri hanahana ry’aya mafaranga, ababika muri ubu buryo bwo guhiga abanywanyi benshi bwibonekeje neza guhera igenekerezo rya 17 Nyakanga imisi mike imbere yuko FED ifata ingingo. Twame tumenya ko iri ziganya rifatiye kukurondera abantu benshi staking Ethereum risaba ko abantu baziganya, bashiramwo amafaranga make ashoboka ni 32ETH agomba kungana 52,000$.Kuko bizimvye, benshi  ni canke vya bifi bimira izindi twise ibimizi, canke abagwizatunga begamiye reta. Banki nkuru FED yapfuye kubivuga buno abo bagwizatunga baca bongeramwo 77,800ETH yandi. Ico gitigiri c’ama ETH kingana n’imiliyoni ijana na mirongo ibiri na zitandatu z’amadolari 126 000 000$.  Ibi birerekana ko uwo mugwi w’abagwizatunga bafata ubwo buryo bwokurondera abanywanyi  benshi ari uburyo burashe bwunguka bukoresheje inzira zo gukoresha imitahe nka TRADFI. Ubwizigigwa buzogenda bwiyongera mu bihe birebire.

Ni mu mwanya wo kunagura shapella kuwa 12 Ndamukiza  ko kubikura ETH 2.0 yakoreshejwe. Kuva uyo musi, ingene kubitsa no kubikura vyagiye birahindagurika vyerekana ivyemezo nyamukuru ko iryo soko ririko rirakora neza. Agaciro ka Ethereum koshobora gushika ku rugero rw’amadolari ibihumbi bitatu 3000$ mu misi iza. Mu kwezi kw’indwi guheze, neza na neza  igenekerezo rya 14, agacirokaryo kararenze 2000$ kandi kuva ico gihe ivyemezo imiliyoni zitatu n’inusu vya ETH vyarakuwe mu biriko birakoreshwa bishigwa muri yangendo yo kugwiza abanyamuryangomu masezerano ya Ethereum 2.0

Naho ibi bihe arivyo akanya birashobora gutuma agaciro ka ETH kaduga gushika kuri 3000$. Iryo hanahanwa turiravye riraduha igiciro kiri hagati na hagati kitwereka abagomba ayo mafaranga bashobora kugabanuka. Ko rero  dutegerezwa gushika kuri 2100 $. Aho rero niyo Ethereum yashobora gushika ku rugero rwa 2100$ irashobora gutera iduga vyoroshe 3000$.

Biraboneka neza ko imiliyoni 9,06 z’abagwizatunga begamiye reta hamwe na vya bimizi baguze imiliyoni 37,15 vy’ama ETH ku kiguzi  kibayabaye ca 2160 $ bagize umugwi munini w’abafise ama ETH. Ni muri iyo ntumbero agaciro k’amasezerano yokugwiza abanyamuryango ba Ethereum kabandanije kaduga na Ethereum izoduga gushika kuri 3000$.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.