Mu nyuma yivyatangajwe na FED, Bitcoin ryaragabanuye umuvuduko.

Mu gihe Banki Nkuru ya Amerika FED itangarije ko hatosubira kuduzwa inyungu ku mitahe, bitcoin yageze ku rugero rw’amadolari 27500$. Abimba ubutare baciye bagomba kwikurako ama bitcoin ari benshi bituma agaciro karyo kaduga bukebuke. Naho bitcoin biboneka ko iriko irava muri izo ngorane, ukwokwikura ama bitcoin kw’abimvyi b’ubutare kwatumye kuva muri ivyo bihe bigoye kugenda bukebuke.

Abo bakora muvy’ubutare bakoresheje agahengwe katanzwe na FED ko kuduza bitcoin mu gukuramwo inyungu zose zishoboka. Aho agaciro ka bitcoin kamanukiye munsi ya 27000$, abagwizatunga baciye batora ubundi buryo bushasha bwo kugura no kugurisha. Bitcoin ryarasubiye kuduga irya mbere gushika ku rugero rwa 27500$ inyuma yaho FED ifatiye ingingo, hari muri Nyakanga, kandi ibimenyetso vy’ihanahana ry’amakuru ryerekanye ko abakora muvy’ubutare baciye bagurisha ama bitcoin bari bafise ku bwinshi. Mu masaha ari musi ya 72, abo bakora muvy’ubutare bashize kw’isoko ayarenga 3400 BTC agaciro kayo gasumba imiliyoni 93 z’amadolari.

Ikindi gisigura iryo gabanuka ry’agaciro ka bitcoin ni igura rya benshi ry’ifaranga bitcoin ryakozwe n’abo bo muvy’ubutare mugabo aho rishikiye ku rugero rwa 27000$ ibintu vyaciye bihinduka. Abo bakora muvy’ubutare babonye akaryo ko kunguka baca basubira kugurisha ku bwinshi yama BTC. Iyo ngingo yo kwikurako ayo ma BTC ku bwinshi yatumye agaciro kagabanuka gushika kuri 26500$ kuva ku musi wa gatanu uheze. Ico umuntu yokuramwo ni uko ivyo kutaduga vya bitcoin vyavuye kuri abo bo muvy’ubutare barikoresha. Ni ingingo isanzwe ku masoko.

Abagwizatunga baciye bagira ico bavuga ubwo nyene kuri iryo gurisha ku bwinshi ryakozwe nabo muvy’ubutare. Ni inyifato yokwigungirako yo «kugurisha ku mugaragaro» bica vyibonekeza kw’isoko. Abagwizatunga bariha uduhimbaramusyi komisiyo abandi bantu kugira bagumane igihagararo kirekire muvya Bitcoin. Igihagararo kirekire mw’ihanishwa gurishwa ry’imitahe bourse ni ubuhinga bwo kugura icemezo titre gusa vyonyene. Kugira dutegere neza ibiriko biraba kuvyerekeye bitcoin tugerageze gutegera amajambo amwamwe akoreshwa muvy’ihayanishwa gurisha ry’imitahe bourse. Kugurisha ku mugaragaro shoter bisigura iki? Ni ubuhinga bw’ingirakamaro bukoreshwa igihe agaciro k’udutahe duto action kagabanutse.

Nk’akarorero umugwizatunga agurana uwo basanzwe bakorana courtier icemezo titre gifise agaciro ka 50Euro. Iyo agaciro kagabanutse kakaja kuri 45Euro we aba yungutse 5Euro. Aca amusubiza titre yiwe nawe akamuha komisiyo yiwe.

Ibihe Bitcoin irimwo kuva kuwa gatanu vyerekana ko inyungu ku mafaranga yakoreshejwe yagabanutse. Iryo gabanuka ry’inyungu kuma BTC ni ikimenyetso cerekana ko abagwizatunga bashingira ku gaciro karyo kaza kumanuka igihe baza kuriha hanyuma bakaza kuriha komisiyo kubafise igihagararo kirekire hanyuma bagenda baraguranana bongera baguranana gutyo gutyo bikabandanya. Ibi bisigura ko abagurisha ku mugaragaro baguma bunguka mu kumanura agaciro. Ni co cabaye kuva kuwa gatanu kuri bitcoin. Bibandanije gutyo bitcoin ishobora kugira akandi gahombo kaboneka mu misi iri imbere.

Inyifato y’abakora muvy’ubutare nayo nyene irakomeye. Birazwi neza ko batanguye gukena baca baja muvyo kugurisha ama BTC yabo. Biraboneka ko bashobora kubura izindi nzira hanyuma bigaherera kumanura agaciro ka bitcoin. Naho ingendo yibonekeza yoguma yerekana ko vyose vyera mu mafaranga ngurukanabumenyi, kwihebura kwabo mu butare hamwe n’igihuhusi co gukura burundu ibintu vyose bifashwa na bitcoin vyotuma rimanuka munsi ya  26000$. Muri kano kanya turiko tubarungikira iyi nkuru agaciro ka bitcoin kari kuri 26 228,20$. Abagwizatunga benshi baraguze ama BTC menshi ku giciro ca 26166$. Niyo bahitamwo kuyabika, agaciro ka BTC gashobora kuduga. Agaciro ka ethereum ko karaduze inyuma y’ivyashikiye Banki Nkuru Ya Amerika muri kuno kwezi.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.