RIPPLE : Ifaranga ngurukanabumenyi rigiye kwivugira

Ifaranga Ripple ubu riragurishwa cane gose. Imitahe yaryo iragurwa ku bwinshi n’abagwizatunga bazwi kw’izina ry’ibifi binini bimira izindi ibimizi. Agaciro karyo kariyongereje nka 0,50$ kuva mu ntango z’ukwezi kw’icenda (Nyakanga). Ibimenyeshamakuru birakeka ko hoba hari ihiganwa ariko ni canecane kwongeramwo kurinywanisha XRP bikozwe na blackrock ni yo yatumye ingendo yo kwagura uburyo iryo faranga ngurukanabumenyi rihurumbigwa, bakaryiyumvamwo.

Mu kwezi kw’indwi guheze (Mukakaro) agaciro k’ifaranga Ripple karashitse ku rugero rwo hejuru gushika kuri 0,83$ turavye intsinzi ryama ryaronse impande ya SEC (Securities and Exchanges Commission : Komisiyon iraba umutekano mw’ivujwa ry’amafaranga), igipolisi ca Leta zunze ubumwe za Amerika kijejwe ubutunzi. Iyo ntsinzi yatumye abantu bamwe bafise imitahe muri Ripple bayitanga ku giciro kibaha inyungu zigaragara.

Uko amakuru menshi aciye ku buhinga ngurukana bumenyi abitangaza, Blacrock, ifise imitahe myinshi mw’isi yose ingana n’imiliyaridi ibihumbi cenda (9000) vy’amadolari ikoresha yoba iriko irarondera gushiramwo XRP kugira iryo faranga rikwire hose. Ico gikorwa kiguma gikomezwa n’ibikoregwa ku mirongo myinshi ni ukuvugako ikintu gikozwe cose gica candikwa mu gitabo ca Blockchain, nka karorero ingene ihanahanwa ryagenze. Ayo makuru aremesha, y’ukuri yingene ayo mahanahanwa atandukanye y’amafaranga yatanzwe kuri Blockchain atuma blackrock yigarurira XRP ngo ifaranga ryayo rikwire hose.

Ivyo bifi bimira izindi (ibimizi) vyabaye  abagwizatunga bakomeye mu mezi abiri gusa baca baronka imiliyoni 690 yama XRP. Naho baronse izo nyungu  zihuta mu mezi abiri gusa, agaciro ka XRP karagabanutse ku rugero rwa 40% mu nyuma yaho rigeze ku gaciro gahanitse muri Mukakaro ka 0,83$. Kandi ikinezereje cane ni uko turavye ivyabuwe hamwe ku mirongo, umugwi w’ivyo bihangange wasubiye ku rugero rwa XRP aho yakoroka gushika kuri  0,70$ aho hari mu mpera z’ukwezi kwa 7 (Mukakaro). Kugira ndabahe iciyumviro neza, mu gihe kiri hagati y’igenekerezo rya 30 Mukakaro gushika igenekerezo rya 15 Nyakanga, abo bagwizatunga bakomeye bafise mu minwe hagati y’umuliyoni umwe n’imiliyoni ijana z’impapuro zikenewe mu gukoresha vyerekana ko baronse igitigiri ntabanduka c’imiliyoni 690 y’ama XRP.

Ayo ma miliyoni 690 y’ama XRP afiswe mu minwe n’abo bagwizatunga afise agaciro k’imiliyoni 345 z’amadolari kandi kugura ibidandazwa mu madolari bikaguma bibandanya. Muri kino gihe agaciro ka altcoin kahomvye gushika ku bice bishika 30%, bikava kuri 0,70$ gushika kuri 0,50$, bimwe twise ibimizi ntivyigeze bihungabana ngo bigire ubwoba canke bisimbe umutima, ahubwo vyagumye bifise inguvu mu buguzi mu madolari muri ico gihe c’iyegeranya ry’ubutunzi bwabo.

Ivyo twovuga ni vyinshi kugira dusigure uwo mwete urengeje w’abagwizatunga. Bamwe biyumvira ko amategeko mashasha ya XRP yoba ari yo yatumye bakomera nkabegamiye reta nka Blockrock yemeza ko XRP yakoze bigashimwa canecane aho ingingo za Sentare zerekaniye ko ibikorwa vyabo biri mu muco, ko kandi bikurikije amategeko.

Abo bagwizatunga bakomeye bari ku rugero rw’ibimizi barazwi cane ku rugero n’ubushobozi bafise mu kugumya igihe kinini imitahe y’amafaranga ngurukana bumenyi batayidandaje canke ngo bayigurishe nabo. Biraboneka neza menshi mu ma XRP ashobora kuduza agaciro hanyuma bigafasha ko ifaranga XRP riboneka mu nzego zo hejuru mu gihe c’ihiganwa ryo kuduza agaciro ry’ayandi mafaranga ngurukana bumenyi.

Bose barindiriye ko ibintu bihinduka. Kugura imitahe kubwinshi y’abagwizatunga begamiye reta yatumye agaciro ka XRP kaduga muri ico gihe. Ibimenyetso vyose birategekanya ko agaciro kazoduga kubera inguvu ivyo bimizi bifise iyo hari igurishwa. Ikimenyetso cerekana izo nguvu (RSI) kiremeza ko hari ukuntu agaciro ka XRP kazokwiyongera, kazoduga. Ubwo buguzi bugumaho bwa XRP bukogwa n’ivyo bimizi, buzotuma  iri faranga ryemezwa ko rigiye gukundwa vuba cane. Reka turindire.    

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.