ChangPeng Zhao atahari : Bitcoin ni impfuvyi ?

Bukeye bwaho ChangPeng Zhao atangiye imihoho, abahinga mu muvy’amafaranga akoreshwa mu buhinga bwa none, bose baribaza ingene Bitcoin rigiye kubaho CZ nkuko bamwita, uwahora ari umukuru wa Binance atakihari. Imyihwezo myinshi ikurikirana iva henshi mugabo ata nyishu y’ukuri iboneka ku nkurikizi kuri bitcoin, ifaranga rizwi kwari iryo hejuru muri aya akoresha ubuhinga ngurukana bumenyi.

Biraboneka ko ChangPeng ari umuntu akomeye mw’isi akoresha aya mafaranga. Uruhara rwiwe ka munywanyi akomeye wa Binance rwamuhaye ikibanza gihambaye mu buryo bw’iterambere ry’urubuga rw’ihanahana hamwe n’isoko ry’aya mafaranga muri rusangi.

Ivyasabwe vuba mu butungane  bw’Amerika bishira urwo rubuga muzikoreshwa mw’isi vyerekanye agaciro gakomeye ku mahinguriro yahora akorera mu kinyegero haheze imyaka myishi. Igenda rya CZ hamwe no kwemera kwa Binance ngo icungegwe n’amategeko ya Amerika vyatumye haba ukutumvikana, ugutandukana mu gisata kiraba ayo mafaranga aca mu buhinga ngurukana bumenyi ku kibazo co kumenya ko ari vyiza canke bibi, canecane kuri Bitcoin.

Impande zibiri zidasa zirasharikanye mu mugwi w’abakoresha amafaranga aca mu buhinga bwa none : umwe ubonako ari ivyo kwizera,uwundi ukabona ko atakigenda. Muri uwo mugwi wabiyumvira ko bigenda neza niho hazovamwo ubushobozi bwo kudahungabanywa no kwizerwa ku bagwizatunga.

Abagwizatunga n’abakomeye mu mahinguriro barashima ingene ikibazo co gukorera mu gipfungu ca Binance catorewe umuti n’ubutungane bwa Amerika. Ukwo kwifata ruto rwa Binance ruzogabanya intambamyi zikomeye kuri iryo soko muri rusangi. Ivyo bisangiwe n’abandi bahambaye mu muvy’amahinguriro,bavuga ko iyo ngendo nshasha izotuma ata hungabana rizosubira ku mafaranga akoreshwa mu buhinga bwa none.

Ikindi ciza kirimwo ni uko amahinguriro azokurikiza ayo mategeko. Uko Binance izobitunganya bishobora gushikira no ku yandi mafaranga hanyuma amategeko akubahirizwa kuri bose. Ubu imbuga zose zo guhanahana nka Binance zitunganijwe ku buryo zikorera ku mategeko amwe ya Amerika,zizokura, ntizisubire guhungabana hanyuma zihurumbirwe n’izindi nyinshi zegamiye amareta.

Muri uwo mugwi w’uturusho harimwo n’ibindi vyagabanije ingaruka mbi kuko itohoza ry’abacungera amasoko ryatumye Binance idasenyuka. Vyari kugira ingaruka mbi mw’ihanahana. Kubwa Chung, umuyobozi mukuru wa CF Benchmarks, izimangana rya Binance ryari kuba intambamyi kw’isoko ry’aya mafaranga. Chung aguma avuga ati iryo tunganywa rizotuma ibintu bija ku rutonde ku buryo ico Binance izohindura kizoba kiri ku rutonde.

Mbona hari icizere ku kimenyetso c’akunguko naho hari ikibazo c’ingene ibintu biriko birangenda mu bijanye n’amafaranga aca mu buhinga bwa none nka Bitcoin. Abahinga bamwe biyumvira ko ibintu nkivyo bishobora gutanga inyishu zibereye mu bihe biri imbere. Iki kibazo ca Binance na nyene yo ChangPeng Zhao gisa cane n’ica BitMex na Hayes. Ako karorero katanzwe n’abahinga kugira basigure, berekane inyungu, uburusho mu bihe bizoza.

Ibituma ntibibura kubadashaka itunganya risha,batemeye ingingo y’ubutungane bwa Amerika. Ababona ibintu n’ibindi bafise ubwoba ko hazohava haba umutekano muke. Binance irashobora kugira ingorane muvyo ikora hamwe no mu burongozi.  Gusambura,guca kubiri ishirahamwe ntibifatiye gusa kuri ChangPeng Zhao. Birashobora gukora no ku zindi ndongozi. Iri genda ku bwinshi bw’abatwara ibisata bishobora kugira ingaruka mbi ku kugene Binance igiye kuja ku murongo hamwe no kuyizanira uturusho dushasha kugira izoganze izindi kw’isoko.

Ikindi giteye ubwoba ni ukumenyekana kwayo hamwe n’amande manini yatanze mu buryo bw’amafaranga. Naho ico gitigiri c’imiliyaridi 4,3 z’amadolari c’amande kitotuma Binance ireka kubandanya ibaho,aguma ari amafaranga afise agaciro kanini. Hejuru yako gakoni ubutungane bwayikubise, hariho ukumenyekana, ishusho rya banki n’ubwizigirwa muri rusangi kw’isoko ry’amafaranga aca mu buhinga bwa none, kandi mu bagwizatunga canecane batunze, bashobora kuhahombera cane.

Ikindi kandi ni ivyabaye muri kahise bitoroshe bibandanya biyishirako inguvu mw’itunganywa. Ivya Binance biguma vyerekana ko habaye itohoza rikomeye rigizwe n’abacunga amasoko y’ubutunzi bakorera ubutungane bwa Amerika bikazotuma biba inkomoko yo gushiraho amategeko akaze muri kazoza. Inyuma ya FTX, ivyashikiye Binance ni inyishu ikomeye muvy’amafaranga aca mu buhinga bwa none. Ni ukuvuga ko  ata faranga riri muri ubwo buryo ritazoshikirwa, igishobora guhindura ico kigabane c’ayo mafaranga.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.