«EVANGILE» Ubwenge ndengabuntu Isirayeri ikoresha mugutera ibisasu kuri Gaza

Evangile ni ijambo ryatowe kugira ryerekane ubuhinga buhanitse mu bwenge ndengabuntu Isirayeri ikoresha mu gutera ibisasu mu gace ka Gaza mu ngwano ibahuza na Hamas. Ico Evangile ni uburyo urobanura abo ugomba gutera ibisasu hanyuma ukabitera urutavanako. Ubu buhinga bushasha bwo gutera ibisasu ukoresheje ubwenge ndengabuntu buteye ubwoba uravye amategeko mpuzamakungu mu gateka ka zina muntu.

Ibimenyeshamakuru vyose vyo kw’isi birakurikirana iyi ngwano Isirayeri itera muri karya gace ka Gaza kuva aho umutwe Hamas utumbereje ukongera ukica abasivile b’abayahudi 1200 igenekerezo rya 7 Gitugutu guheze. Agace ka Gaza kabaye ikirimbiro ry’itegwa ry’ibisasu ry’abasoda b’abayahudi bagwanira mu kirere. Umukuru w’igisoda kigwanira mu kirere ntiyariye umunwa aho yemanga kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu ko agiye gutera agace ka Gaza n’uburakari burenze. Abaturasa bari muri Gaza, uko ni ko abarongozi ba Isirayeri bavuga. «Ariko ntituri ababazi», niko yavuze umukuru w’abasoda ba Isirayeri bagwanira mu kirere. Vyumvikanako ko agomba gusigura ibisasu vyinshi bigwa ku banyagihugu basanzwe aho kurasa abagwanyi ba Hamas.

Ni uko gucucagira ibisasu hamwe n’amajambo abakuru mu gisoda Isirayeri vyatumye abantu biyumvira ko Isirayeri ikoresha ubwenge ndengabuntu mu kurungika ibisasu mu gace ka Gaza. Si kera aho ikinyamakuru Gardian cakoze itohoza ryimbitse ku buhinga abasoda ba Isirayeri bakoresha hamwe n’uruhara mw’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none muri iki gihe baguma batera amabombe urudahagarara.

Muri iryo gendereza, ico kinyamakuru c’abongereza ntaco cibagiye kugira kironke amakuru yose ashoboka kw’ikoreshwa ry’ubwenge ndengabuntu. Amasoko ya kera n’ayubu afise amakuru ko hoba hari iryo koreshwa ari  ku rubuga «Gospel» ari yo «Evangile» mu gifaransa. Yaravuganye n’indongozi za kera za Tsahal, igisoda ca Isirayeri, aratohoza n’amakuru ya  +972 Magazine, candikwa n’abayahudi hamwe n’abo muri Palestine.

Kubw’ibinyamakuru nka Gardian, igisoda ca Isirayeri coba carakoresheje urwo rubuga rwavuzwe aho hejuru kugira rusobanure ivyo rurasa muri Gaza. Ukwo gushaka kwo kuduza umuvuduko mw’itera ry’ibisasu ntibikiri ibanga kuko urubuga ruzwi rw’igisoda ca Isirayeri rwarerekanye narwo neza ko iciza c’ubwo bwenge hamwe n’ibikoresho vy’umuvuduko munini bigezweho ari ugusobanura vyihuta ico bagomba kugema.

Kenshi babufata nk’ihinguriro rikora ivyo bagomba kugema, kwonona, ubwo buhinga  bukoresha ubuhinga  ndengabuntu bita kandi «Habsora» bwoba kandi bwakoreshejwe mu ntumbero yo guhuza ivyateguwe n’imashini hamwe n’ivyakozwe n’umuntu nkuko amakuru ava mu gisoda ca Isirayeri abivuga.

Aviv Koshavi yahora atwara igisoda ca Isirayeri mu kiganiro yagiranye na Y Net News yaravuze ubuhinga bw’ikoreshwa  bw’ubwenge ndengerabuntu  mu kurobanura ivyo bagomba kutera. Umushingantahe Koshavi yavuze ko mu ngwano iheruka yabahuje na Hamas muri 2021 ubwo buhinga bwatuma haba ibitero 100 ku musi muri Gaza kuri 50 vyaba muri kahise.

Muri kano kanya nta nkuru zikwiye dufise zemeza ivyakozwe n’ubwo buhinga ariko nkuko Gardian kibivuga, abahinga bamwe bavuga ko urwo rubuga rwoba rwaratohoje ibitari bike nk’«amasanamu yafashwe n’utudege dutoduto aritwo dorone, ibiyago bashoboye kwabura, amakuru avuga  ingene biyunguruza hamwe n’inyifato y’umwumwe canke bari mu migwi minini». 

Mu kiganiro yahaye Magazine+972,  uwahora akora muri ico gikorwa ca ciblage kera yaravuze ko ubwo buhinga bukoreshwa.Yavuze ati dukora twihuta nta mwanya turonka wo gusuzuma cane ivyo twatumwe. Igikomeye ni uko baturabira ku gitiri twakoze mu vyo twategerezwa gukora.

Ikinyamakuru Gardian co kivuga ko «Ubuhinga EVANGILE» buraba canecane «ubwinshi» aho kurabe ko «vyagenze neza». Ntagitangaje ko ibibombe  abasoda ba Isirayeri batera bidasiga n’abanyagihugu basanzwe bo muri Gaza. Nta muntu n’umwe atatunguwe n’ubwoba ubwo buhinga bwateye aho Isirayeri ikoreshereje ubwenge ndengabuntu mu gutera ibisasu canecane wibanze amategeko mpuzamakungu muvy’agateka ka zina muntu.

Ubwenge ndengabuntu bufise ingorane nyinshi ku bihugu muri kazoza kubw’ umwigisha mu vya politike Denise Gracia. Mu gitabo ciwe  yanditse mu congereza  citwa The Al Milirary Race:Common Good Governance in the age of artificial intelligence. Avuga ko uburongozi bugiyeguhura n’intambamyi nyinshi.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.