Rwanda: Harabonetse ubuhinga bwa none bushobora gufasha mu kwirinda gukwiragiza ikiza c’umugera wa Corona.

Hari umunyarwandakazi azwi ku mazina ya Jeanne Bovine ISHEMARYAYO, aheruka gukora ikarata ishobora gufasha mu kubika umwidondoro w’umuntu ushobora gukoreshwa mu gihe umuntu yinjiye ahantu hahurira abantu benshi.

Muri kino gihe hateye ikiza c’umugera wa Corana kw’isi, mu bihugu vyinshi iyo umuntu yinjiye mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, abanza kwandikwa mu gitabo kugira ngo mu gihe yoba yarahuye n’uwurwaye canke yaranduye ikiza c’umugera wa Corona ariko akaba yaciye mu kibanza gihuriramwo abantu benshi biheze vyorohe kumutora. Iyo karata yakozwe na Jeanne Bovine, mu ntumbero yo gufasha gukemura ivyo bibazo bijanye no gutonda umirongo abantu biyandikisha mu bitabo, iyo bahuriye ahantu hinjirwa n’abantu benshi kugira ngo vyorohe gukurikirana abahuye n’abanduye Covid-19.

Mu gihe mu gihugu c’Urwanda ahahurira abantu benshi basabwa kwandika imyidondoro yabo kugira ngo abajwe amagara y’abantu, bashobore gukurikirana no kurondera abashobora kuba barahuye n’abanduye bishoboke kandi vyorohe kubatora. Jeanne Bovine ISHEMARYAYO afise imyaka 26, arongoye ishirahamwe ryitwa Calm Geek risanzwe ari naryo rikora izo karata, amenyesha ko yakoze iyo software kugira ngo agerageze gutora inyishu yico kibazo. Ni mugihe ISHEMARYAYO asanzwe yarize ‘software engineering’ muri kaminuza y’u Rwanda.

Jeanne Bovine ISHEMARYAYO, twaramuhamagaye kuri telephone yiwe ngendanwa tumusaba gushobora kuganira nawe kubijanye niyo karata yiwe aheruka gukora, ico gihe yatumenyesheje ko ariko arakorera mw’isoko ya Nyabugogo isoko iherereye mu karere ka Nyarugenge ko afatiriwe n’akazi kenshi. Mu kiganiro kigufi twagiranye, yarashoboye kutwiganira ko umuntu afise ikarata yiwe,  iyo ashitse ahantu habera amakoraniro y’abantu benshi baba abasenga, abari mu Manama canke abari mu masoko n’ahandi hahurira abantu benshi, batazosubira kuza bararinda kwandikwa mu bitabo ahubwo bazokoresha iyo karata mu gushobora kwinjira aho hantu.

Yagiriyeko adusigurira ingene iyo karata ikoreshwa ko umunyagihugu afise iyo karata iyo agiye kwinjira ahantu ayerekeza ku mashini ziba zashizwe kubwinjiriro bwaho hantu, maze iyo mashine igaheza igaca ishobora kubona amakuru yose yerekeye uwo muntu, agaheza akaba ahejeje kwiyandikisha ko yinjiye aho hantu, bigaheza bikaba vyokoroha igihe cose bikenewe kumurondera ko bamutora. Yabandanije atwiganira ko n’abarya basanzwe bafasha mu gucungera abinjira n’abasohoka ahantu hahurira abantu benshi (Sity Securite)  bakongera bagapima ubushuhe umuntu afise imbere yo kwinjira ahariho hose, batoba bagikenewe kuko iyo karata ituma imachine kubona ubushuhe umuntu afise.

Uyo asanzwe yarize ubuhinga bujanye na ‘software engineering’ akaba yatubwiye kandi ko iyo karata ishobora gutuma nkingingo zifatwa na Reta zijanye no kugara ibikorwa vyose bituma abantu benshi bahura, kugara amasoko canke amasengero zitorinda gufatwa, kuko biba vyoroshe kubona abantu bariko barinjira ahantu ahariho hose ko bafise ibimenyetso vya covid-19 canke batabifise.

Muri kino gihe abantu bamaze gukoresha iyo karata bakaba baharurwa mu bihumbi birenga 10.000 ivyo bikaba bituma Jeanne Bovine ashimira inzego zibijejwe ko zamuhaye uruhusha rwo gushobora gukoresha ubwo buhinga bwa none biciye muri iyo karata. Akaba amenyesha ko muminsi irimbere agiye gukorera mu masoko yose yo mugihugu c’urwanda. Akizera ko ubwo buhinga bwiwe bushobora kuzokoreshwa n’abantu barenga umuriyoni mu mpera z’uku kwezi kwa gatatu.

Abatari bake rero bakaba bashima ubwo buhinga bwa Jeanne Bovine ISHEMARYAYO, aho bamenyesha ko bwari bukwiye gukoreshwa mu bihugu bitandukanye na cane cane muri Afrika, bakaba bahamagarira abategetsi bibihugu vy’Afrika gushiraho politike yo kwigisha abanyagihugu babo ubuhinga bwa none kuko isi iriko irashika kurugero ibintu vyose bibwirizwa gukoreshwa hifashishijwe ikoranabuhinga.

E.N