Ubuhinga bugezweho burengeye ubutandukane bw’abantu.

Bivurwa na Bernardin Sebahire Umushakashatsi.

Urwaruka rwinshi rurava aho rubaye mu mitumba iwabo, rugasiga n’abavyeyi babo kugira ngo ruje gukurikirana ivyirwa vyabo vya kaminuza mu bisagara vya Bukavu na Goma. Benshi muri urwo rwaruka bava mu bice n’uturere bidafise uburyo bwo kwigisha abana bivuye kukutagira inyubakwa zamashure n’amabarabara. Umutekano muke wama uharangwa ntiworohereza abashira imitahe mu gisata  c’inyigisho za kaminuza.

Iki ciyumviro  kiraba cane igice c’ubumanuko bw’intara ya Kivu y’ubumanuko, cane cane uturere twa Fizi na Uvira. Kukaba nkako, ico gice c’intara y’ubumanuko ya Kivu caranzwe mu mezi aheze n’ibikorwa vy’imirwi yitwaje ibirwanisho  bamuka aho nyene cokimwe n’imirwi y’abanyamahanga. Muri kino gihe haharurwa imigwi igera kw’icumi yabitwaje ibirwanisho hagati no mu misozi miremire ya Uvira na Fizi.

Mu makuru yavuzwe, iradiyo Okapi y’abanyamerika ikorera mu gihugu ca Kongo guhera mu mwaka w’ 2002, yaragarutse ku kibazo c’umutekano muri ako karere ikoresheje aya majambo: « Mu mwaka wa 2017, ako gace karahungabanye. Buri muryango wose ukoresha ibirwanisho mukurondera inyishu y’ibibazo vy’ubwoko bwabo, mu gukingira ubutaka bwabo n’amashamba hamwe no mu gutunganya amasoko kama na cane cane nk’amakori (taxes) atozwa mw’isoko ry’inka.  Muri uko kutumvikana, buri muryango wifashisha umugwi wabitwaje ibirwanisho mu gukingira inyungu zawo. Mu bavurwa ko bakaze cane,  twovuga : Biloze Bishambuke, Mulumba, Yakutumba, Gumino, Twirwaneho, n’iyindi itavuzwe, iyo mirwi yose ifise insiguro mu ndimi zabo zaho hantu kandi aba afise ubutumwa bw’amacakubiri. Imwe muriyo mirwi iraja hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho y’abanyamahanga, yo mu Burundi no mu Rwanda nka FNL, FOREBU, CNRD na FDLR “».

Nkuko dushobora kuvvikeka, muri uku guhimiriza ubwicanyi, urwaruka nirwo ruronderwa cane n’abari hejuru yiyo mirwi yitwaje ibirwanisho nkuko bivurwa ngaho muri Kongo (RDC). Ariko bamwe mu rwaruka  barashoboye guhunga ivyo vyiyumviro vy’intambara. Abo n’abashoboye kuva muri ako karere kubera yuko bagiye kwiga muri kaminuza.  Abanyeshuri baharurwa mu majana nibo bashoboye kwiyandikisha mu ma kaminuza ya reta i Bukavu, batandukanywa nibirometero vyinshi n’abavyeyi n’imiryango yabo. Naho hari ikirere kibatandukanya nakarere kiwabo, urwo rwaruka rubandanya ruvugana n’abavyeyi babo  kubera ubuhinga bugezweho hamwe n’iradiyo.

Kugira ngo baronke amafaranga y’ishule, arihwa n’abavyeyi 100%, umunyeshuri akoresha imbuga ngurukanabumenyi (MPSA, Airtel Money, n’izindi).

Ubuhinga bugezweho bubakura mu  kwigunga bukabashira mu kubana mu mahoro.

Alexis, ni umunyeshuri ukiri muto wo mu bwoko bwa Banyamulenge. Afise imyaka igera kuri 25 y’amavuka. Yiga mu mwaka wa gatatu w’amashure ya kaminuza muri kaminuza ya Bukavu. Iwabo ni kubirometero birenga amajana atatu (300) uvuye Bukavu. Naho hari ico kirere cose, Alexis abandanya aganira n’umuryango wiwe akoresheje urubuga ngurukanabumenyi bwa vodacom. Mu mezi aheze, amakuru yavuye iwabo arababaje: umuryango wiwe wimuriwe mw’ikambi icungiwe umutekano nabo mugisata kijejwe umutekano c’ishirahamwe mpuzamakungu ONI   (Monusco).

Ivyo bishitse mugihe kwishure ryabo hariko harategurwa ibibazo vy’igice cambere c’umwaka. Alexis avuga ati :  Ntegerezwa kuriha amafaranga yo gushobora gukora ibibazo kw’ishure. Ndabigenza gute : Abavyeyi banje bategerezwa kundihira  barimuwe mw’ikambi y’impunzi, kandi ibitungwa vyose vyaribwe n’abitwaje ibirwanisho. Ubutunzi bw’umuryango wanje bwari buhagaze ku bworozi mwiyumvire namwe ibikwirikira !

Mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2020, data yatakaje inka 25 n’impene 40, nta handi hantu afise ashobora gukura ubundi buryo. Data n’umworozi, mama nawe n’umurimyi. Muri uyu mwanya ndiko ndababwira, umuryango wanje uri mw’ikambi y’abateshejwe izabo kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka wa 2020. Muri ako kajagari, ubuhinga bugezweho buracari ntagerereranwa.

Kubijanye n’amashure, Alexis yahisemwo kudandaza ama inite akoreshwa muri terefone kugira ngo aronke bimwe muvyo akenera, aragurisha ama karata y’umuhora wa MTN ku banyeshuri bagenzi biwe kuko nkuko abivuga ama megas akoreshwa ku muhora Airtel na Vodacom arazimvye kandi umuhora w’izo mbuga ngurukanabumenyi ntukwiye. Inyungu akura muri urwo rudandazwa rwayo makarata ya MTN ituma Alexis aronka ubushobozi bwo kugura ikarata y’urubuga rwa Vodacome kugirango ashobore kuvugana n’umuryango wiwe kuko muri aka karere urubuga rwa Vodakome nirwo rukora neza.

Guhurirana bishimishije !

Alexis aba mu cumba inomero ijana n’amirongo itandatu (n°160) Trésor nawe akaba mucumba c’ijana n’amirongo itandatu na rimwe (n°161) Bose uko ari babiri biga mw’ishure rimwe bakongera bakava mu karere ka Fizi. Alexis ava mu bwoko bw’Abanyamurenge mugihe Trésor ava mu bwoko bwa Babembe. Trésor yavutse mu mwaka w’1977, avukira mw’ikambi y’impunzi iri mu gihugu ca Tanzaniya. Trésor yasubiye muri Baraka mu mwaka wa 2008. Trésor n’umunyeshure agira gatatu yarose urupapuro rw’umutsindo muri kaminuza ya reta i Bukavu. Kugira ngo ashobore kuvugana n’abavyeyi biwe, Trésor akoresha iterefone ngendanwa. Yishurira rimwe ama unite hanyuma abavyeyi bagaheza bakayamurungikira bakoresheje urubuga bita MPSA.

Biciye  kuri terefone, Trésor yaramenye ko bamwe mubo biganye mu mashure  yisumbuye bagumye i Baraka, bamwe murabo bakaba barubatse ingo zabo mugihe abandi binjiye  mu mugwi witwaje ibirwanisho witwa Yakutumba. Turaganira nabo kuri Facebook. Nisanze mu rwaruka ruke rwabandanije amashure. Biciye mu guhanahana amakuru, bamwe mubo murabo twahoze tw’igana baricuza kuba barahisemwo inzira y’ibirwanisho kandi bakantera intege mu vyirwa yanje.

Ikindi mwomenya nuko Alexis ari amugenzi dusangiye aho tuba hamwe kandi n’ubuzima bw’ishure muri rusangi. Ni umubanyi wanje mu buraro bw’ishuri. Igihe kimwe, naratashe Baraka mu biruhuko. Kuri terefone yanje ngendanwa harimwo ifoto y’umubanyi wanje Alexis. Ku gihamana, data yabonye ifoto ya Alexis. Ako kanya, papa yaciye akanguka ambaza uyu musore uwo ari we. N’amubwiye ko ari mugenzi wanje twigana muri kaminuza akaba n’umubanyi wo mu muryango wa Banyamulenge. Data yaciye  anyereka ko atanejerejwe n’ubwo bucuti bwatwe na Alexis. Data yaciye atangura kumbwira inkuru zinzankano zimaze ibinjana hagati ya Babembe na Banyamulenge.

Imbere y’ayo majambo y’amacakubiri yariko arambwira, narishuye data ko isi itera imbere kandi ko twebwe urwaruka dufise ibindi vyiyumviro vy’ubuzima. Jewe na Alexis turi abagenzi, abavukanyi kandi tugize umuryango umwe. Ni na murumuna wanje, ndabishimangiye!

Muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ibikorwa vy’ubuhinga  ngendwanwa bihuza abantu bagera kubice mirongo itatu na kimwe kw’ijana 31% vy’abanyagihugu kandi birafise  inyungu zikomeye mu mibano n’ubutunzi. Kwinjira kuri terefone ngendanwa no gukoresha cane ibikorwa vy’ubuhinga ngendanwa  biratuma twinjira mu buhinga bugezweho, bigafasha Abanyekongo benshi kunguka guhanahana amakuru mu miryango yabo no mukibano. Ivyo biratuma kandi bashikira umwimbu mwiza, bigashobora kongereza kubana neza no gufashanya, kugira uburenganzira ku nyigisho no kubikorwa vy’igihugu.