Iruka rya Goma: Ubuhinga bugezweho no kuburira hakiri kare.

Ikibazo cy’umutekano cahungabanije ubuseruko bwa Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo mu myaka irenga mirongo ibiri vyatumye abajejwe ivyo gukinga biyumvira ubuhinga bokoresha mu gukingira no kugabanya imibabaro y’abanyagihugu baba mu karere k’intara zugarijwe. Niko vyagenze ku mashirahamwe akorera kubijanye n’ihohoterwa rishingiye ku gitsina n’umutekano muvyo gufungura.


Kugira ngo ivyo bigerweho, ibikoresho vyo kumenyesha amakuru (radiyo HF) n’imiyoboro ya terefone ngendanwa vyarakoreshejwe mu kworosha ikwirakwizwa ry’amakuru mu banyagihugu. Abantu baba mukarere kamwe barashobora rero kuvugana hagati yabo bakoresheje igikoresho c’itumatumanako catanzwe n’abakorera aho hantu.
Mu mwaka w’2002, igihe haheruka iturika ry’ikirunga muri Goma, Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo (DRC) hamwe no mu buseruko bw’ico gihugu bwari bufise amashirahamwe y’imparwa muvyo guhanahana amakuru. Ico gisata cagiye kugira inguvu cane mu mwaka wa 2003 inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati yaba kongomani baba mu gisagara ca Sun City. Iyuma y’amasezerano, amashirahamwe nka Vodacom na Airtel yaciye aja gukorera mu bisagara vya Goma na Bukavu. Imiryango yatandukanijwe n’intambara yongera guhura ikoresheje ibikoresho vyubuhinga bugezweho.


Mubakoresheje ubwambere ibi bikoresho vyo guhanahana amakuru harimwo urwaruka. Kw’igenekerezo rya 22 Rusama 2021, igihe ikindi kirunga caturika, ingo nyinshi zari zifise terefone ngendanwa zarafashije mukuvugana n’incuti n’abagenzi mugihugu aho abantu batashobora kubonana kubera amabarabara yari yarononekaye.
Igihombo muvyo gutumatumanako.


Naho biri uko iterambere ubuhinga ngendanwa bw’ifashishwa mu guhanahana amakuru, gucunga ibibazo vyatewe no guturika kw’ikirunga ca Nyiragongo vyahuye n’ibibazo vyinshi; akarorero, kubura imfashanyo ku urwego rushinzwe gukurikirana hafi ivy’Ibirunga na za nyamugigima muntara ya Goma. Ukugereranya kwagaragaye mugihe c’ibimenyetso vyambere n’uguturika vyerekanye ubushobozi buke buboneka mururwo rwego. Uku kugira ubumenyi buke kwarabandanije kugaragara kugeza indwi irahera ico kirunga gituritse. Ivyashikirijwe mu binyamakuru vyaho muri Kongo hamwe no kumbuga ngurukanabumenyi, vyaje bishimangira ivyagaragaye mu makuba yakurikiye.

«Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo (DRC): Isesa ry’ikirunga ca kabiri kiri hafi ya Nyiragongo cari ikinyoma. Umuvugizi wa reta ya Kongo yamenyesheje ko irindi sesa ry’ikirunga kiri hafi ya Nyiragongo, cahitanye abantu 34 i Goma. Ibi ntikwari ukuri nagato». Ikinyamakuru AFP yoku wa 29 Rusama 2021 isaha indwi n’iminota 09 13h09 kikaba arico cari camenyesheje ayo makuru.


Icitwa Actu 30.cd naco camenyesheje ko umugwi w’abahinga mu vy’ibirunga bagiye kwisonga ry’umusozi bagarutse ku kigo c’ibirunga ca Goma, uwo mugwi warahumurije kandi uriyemeza ko uzokora neza ibikorwa vyawo. Honoré Ciraba yararongoye uwo mugwi, yaduhaye amakuru meza ku bikorwa vya Nyiragongo bitagaragaza akaga ko gusubira guturika mu mumpande zose.


Ukugabisha kwububeshi kuri Nyamulagira. Indege imaze guhaguruka hejuru yikibanza cose c’uruhande rwiki kirunga. Nta kirunga cigeze kihagaragara. Ahubwo, cari igikorwa c’uguturira amakara akomeye, aho umwotsi waboneka ko ari uwib’ibirunga.

Ikinyamakuru Libregrandlac.com/article mu makuru yaco yo ku ya 29 Rusama 2021 Umutwe waco: «ivyemejwe n’umukuru w’intara w’igisirikare ya Kivu yo muburaruko n’umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa reta ya Kongo, ikirunga ca Nyamulagira nticigeze giturika». Murayo makuru nyene, ikinyamakuru mashariki.net caranditse giti: Goma / umutekano: «Ikirunga gishasha canke kitari ikirunga ca Nyamulagira: Patrick Muyaya Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa reta ya Kongo aravyemeza kandi akabibeshuza».


Ku kindi gice, radiookapi.net iratangaza: «ico mbaza; ni uko, naho habaye gushavura bibabaje, naho habaye ingorane, tugomba kumenya gusa ko atamuntu n’umwe yari yiteguye kandi ko ubu turiko dutunganya ibikorwa vyose kugira ngo abakozi ba Monusco n’ababashinzwe babeho neza», na Bintou Keita, umuserukizi adasanzwe w’Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo (DRC).

Iherezo ry’abataye izabo.
Bagereranya ko abantu barenga ibihumbi amajana ane 400.000 bateshejwe izabo bivuye kw’iturika ry’ikirunga ca Nyiragongo. Igisagara ca Bukavu kugeza ubu carakiriye abantu bagera ku bihumbi cumi 10.000 vy’abantu bateshejwe izabo. Ihuriro ry’abaguzi n’abagurisha no gukora mu ngo hagamijwe isuku n’iterambere ry’intango, AVARMADI (ryararungitse umugwi w’abakozi baryo ku kivuko ca Bukavu kwakira impunzi zivuye I Goma. Iryo shirahamwe ridaharanira inyungu za politique rifise ubuhinga kwigisha urwaruka ryaciye ritangura kwandika ingo hamwe n’abana batanye n’imiryango. Mugukomeza gukurikirana abo bataye izabo, iryo shirahamwe Avarmadi ryandika na nimero ya terefone y’abagize ibibazo.


Abo bataye izabo bahuriye kukivuko, barazi neza akamaro izo mbuga ngurukanabumenyi zagize mu makuba yashikiye abanye Goma. Ubuhinga butandukanye ngendanwa bwarashoboye kworosha itumatumanako amakuru hagati y’imiryango yatandukanye. Imbere y’amakuru y’ibihuha, twategerezwa kwitonda no kubigenzura. Ariko, ikintu kibabaje co kumenya, n’ihagarikwa ry’ihererekana ryamafaranga muri terefone ngendanwa no kudashobora gukurako amafaranga kuri terefone.


Justin Bonjo, yamaze gushika i Goma n’ubwato. N’umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu, yazananye n’umuryango wiwe wose. Justin aremeza ko imirongo y’ugutumatumanako yamufashije kumenya abo mu muryango wiwe aho bari no kwemeza amakuru y’ukuri. Mu gihe c’ibibazo vyatewe n’ikirunga, Justin yafasheko ubuhinga bugezweho ari “uburyo budasanzwe bwo gukingira”.
Urwaruka rurahimirizwa.


Uwo mugwi w’abanyagihugu ntiwareze amaboko kubijanye n’amakuba kuvyago vyashikiye ababa mu gisagara ca Goma. I Bukavu, inama y’urwaruka yo mu ntara yashizeho uburyo bwo kw’iga ingene bashobora kwakira abateshejwe izabo. Urwaruka rw’abakorerabushake bakiri bato bakoresha imbuga ngurukanabumenyi kugira ngo bahimirize abanyagihugu baho kandi bamenyeshe abataye izabo ibijanye n’ivyo bakorerwa mu kubafasha.
Nk’uko vyamenyeshejwe na Joëlle Sambo, umuyobozi w’inama y’urwaruka, ngo abasore 97 barungitswe ahitwa Ndendere (Bukavu) mukibanza co kurindiriramwo kugira ngo bakire abataye izabo. Amakuru yose acishwa ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp rwashiriweho urwo rwaruka rw’abakorerabushake.

Kuva kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2021, amwe mu maradiyo yo ngaho muri Kongo, aratangaza amakuru y’«ikirunga umubanyi». Ico kiganiro c’iminota cumi n’itanu kimenyesha abanyagihugu intambwe ikirunga kigezeko no kumibereho y’abataye izabo. Ico kiganiro c’iyumviriwe n’urwaruka rw’abamenyeshamakuru babifashijwemwo n’ishirahamwe ritegamiye reta Internews Grands Lac. Imigwi y’abanditsi b’amakuru baraje bava mu bisagara vya Goma, Bukavu, Kigali-Rwanda, Bujumbura-Burundi na Kampala-Uganda.

E.N