Inguvu zo kugarukana amahoro muri Kivu y’ ubumanuko ya Republilika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Vyavuzwe na Bernardin SEBAHIRE, Umushakashatsi kwishure ryisumbuye ry’iterambere mu mitumba (ISDR/ Bukavu-RDC).

Imyaka cumi, inyuma yishirwa ry’umukono ku masezerano y’amahoro, umutekano n’ iterambere mu ntara za kivu y’ uburaruko, na kivu y’ubumanuko, (Goma hagati y’ igenekerezo rya 06 na 23 Nzero 2008), ibirwanisho bicira umuriro ntivyahumeka kumvikana mu buseruko bw’ igihugu. Mu bumanuko bwa Kivu, hari huzuye ibikorwa bikomeye vy’abasirikare vyo kugerageza gutuza imirwi y’abitwaje ibirwanisho yari yinyegeje mu ma shamba yahoo. Mu mpera z’umwaka z’Umwaka wa 2016, hamenyekanye kurwira ukundi gushasha kw’imirwi yitwaje ibirwanisho vyatumye intambara ikomera n’ihohoterwa.

Intara ya kivu y”ubumanuko irangwa no kuba hari ibitigiri vyinshi vy’imigwi yabantu bitwaje ibirwanisho hamwe n’ abasirikare mu ntumbero yo guhangana n’iterabwoba ryatewe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Ivyo bihe bigatuma abanyagihugu bama babaho mu kudatekana, bitumwe n’ingorane zidasanzwe zo kudakingirwa.

Abashakashatsi baherutse gukora ku kuvyerekeye imirwi y’abitwaje ibirwanisho muri kivu y’ubumanuko, bavuga ko batoye imirwi y’abitwaje ibirwanisho igera kuri 33 ikorera muriyo ntara. Naho hari abo muri MONISCO (bakukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU), umutekano w’abanyagihugu, ubandanya ari ingorane. Abantu babandanya gupfa no guta izabo. Ihinduka mu kwidegemvya ryazanywe n’ibwirizwa nshingiro rishasha ryatumye haba amatora yambere yo mu mwidegemvyo mu mwaka 2006, yashitsweko bigoranye. Ibisata vya leta nubu biracakora bikurikije icitegererezo c’inyamaswa bititayeho uburenganzira bwabanyagihugu ba Congo.

Imbere y’umwaka wa 2008, ukurondera amahoro vyashimikiye cane cane kuvyavuye mu mwumvikano hagati yabitwaje ibirwanisho n’abarongoye abandi mu ntwaro. Amasezerano ya Goma yo mu mwaka wa 2008 yabaye intango yo gushiramwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique bari babasavye kubaterera ivyiyumviro imbonankubone. Abarongoye amashirahamwe bashika ijana adaharanira ivyicaro vya politique baragiye mu nama kugira bashikirize amakenga yabo ku ngorane zihari n’ uko babona zotorerwa umuti.

Umwaka wose wa 2017, ikibazo c’umutekano muke n’ibibazo vya politike vyarakomeye, bituma habaho kunanirwa gushira mungiro integuro zitandukanye zo kugarukana amahoro gushika nubu, harimwo numurwi w’ igihugu kuri STAREC na ISSSS. Intambara yo muri Kivu y’ubumanuko (RDC), irerekana ko hakenewe gusubiramwo kwiga inzira zo kurondera amahoro, hatanguriwe kumenya neza ibitera intambara nibitera kutumvikana.

N.E