Ryari inkuru zegeranije hamwe zizokoreshwa mu buzi bwa Reta?

Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) yarashoboye gukoresha amatora arimwo ubwigenge kandi atuje mu mwaka wa 2018. Bikaba vyaciye bituma haba politike yerekeza iterambere  ry’ubutunzi. Ni kuri iryo tuze muri politique, kubisikanya kubutegetsi, Aho abarongozi b ‘ igihugu buguruza ibikorwa bitari bike muvyo: ubutunzi, imibano, Ubuhinga bugezweho, ibidukikije n’inyubakwa rusangi.

Abarongozi b’igihugu barakura akarusho Kandi kubijanye n’irwirirana ry’abantu (3,30% ry’irwirirana ry’abantu ku mwaka) hamwe n’intwaro ibereye, kugira habe iterambere rusangi Kandi rirama. Mu mwaka wa 2015, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ( RDC)  yarashizeho umugambi w’igihugu w’iterambere wabaye nk’icirore c’ihangiro ry’igihugu bikaba vyaciye bifasha mu guhangana n’ intambamyi z’iterambere. Icipfuzo c’uwo mugambi w’iterambere ni ugushikana Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) Ku rugero rw’ibihugu biri hagati na hagati muvyo ubutunzi muri 2021, Ku rugero rw’ibihugu biteye imbere muri 2030 no ku rugero rw’ibihugu biteye imbere cane muri 2050.

Ico cipfuzo gifatiye mu kwegereza ubutegetsi abanyagihugu reta yatanguye kuva 2017, ariyo ngendo yerekana uko ubutegetsi bugabuye n’intwaro n’ubwigenge bw’intara. Kuva muri 2017, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) ifise intara 26 zifise ubushobozi butandukanye, arico intwaro ifatirako muguteza imbere igihugu. Igihugu kiragerageza gufatira kuvyo intara yose yisangije kugira zinjire neza mw’ihangiro ry’ igihugu.

Ishirwaho ry’iyo migambi n’ingendo yo kwamizako mu gushira mungiro ivyumvikanyweko mukuduza ubutunzi no mu kugabanya ubukene umugambi wa mbere (1) n’uwa kabiri (2) , Congo (RDC) yarashizeho kuva 2010 politike ifatiye ku bisata. Ico cegeranyo gifise ihangiro ryo kuraba ivyihutirwa vyoherwako mu bisata bitandukanye no kuraba ibishusha vyokorerwako hamwe vyisunze intumbero y’igihugu  y’iterambere muri rusangi mu gihe kigereranye canke kinini.

N’ubwo biruko , igisata c’ubuhinga bwugezweho no gutumatumanako amakuru nticahawe ikibanza kinini canke ngo kinagurwe muri ico cegeranyo c’uwo mugambi washizweho muri 2009. Mu gisata c’ubuhinga ngurukanabumenyi, ntitworengana tutavuze ko igihugu gifise igihengeri muri ico gisata bica bituma habaho ubudasa mu bisagara, hagati y’igisagara n’ikindi, mu mitumba no mu ntara.

Ku rwego rwa karere canke rw’isi, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) itegerezwa gukwirikirana ibijanye n’irwirirana ry’abantu n’iyinjira muri ubwo buhinga bwo gutumatumanako amakuru. Kuri izo mvo zose, abatora amategeko bo muri ico gihugu bagerageza bagatora n’ayajanye n’ubwo bushasha bujanye no gutumatumanako amakuru.

Urwaruka rwishingiye amashirahamwe  yo kwiteza imbere barakoresha wa murwi w’inkuru zegeranye.

Uwitwa Christian Bisimwa n’umuhinga mu gutumatumanako amakuru. Ni n’umuhinga mukugwiza Ama programme y’ubuhinga bwa none i Bukavu. Christian yarakoze icirwa co kurangiza amashure ya kaminuza ku bijanye n’ishirwaho ry’urwego rusabikanijwe ku nzego zose kubijanye no gutanga impapuro z’amatongo bifatiye kuri wa murwi w’inkuru ziri hamwe. Christian arazi ko uwo murwi w’inkuru ari ikintu gihambaye cane mu bijanye n’ Ubuhinga bwa none.

Ico cirwa ciwe cashiraho uburyo, urwego bifatiye kuri uwo murwi w’inkuru mu kuzokorera mu bisata bitandukanye harimwo n’igisata c’amatongo. Kuri urwo ruhande, nyene kwandika ico gitabo arerekana aho ubwo buhinga bugeze muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) akoresheje aya majambo:” N’ubuhinga butaremerwa neza kandi biratahuritse kuko iyo ubuhinga bushasha bushitse, biragorana kugira bwemerwe n’abantu nico kimwe n’igihe enterenete (internet) yashika. Igihe ubuhinga ngurukanabumenyi (internet) bwashika, abanyamahinguriro bari bafise ubwoba kuko bibaza ko umuzo w’ubwo buhinga ngurukanabumenyi  uzotuma abakozi benshi batakaza ubuzi, ariko ikoreshwa ryayo ryahavuye riba ntasubirizwa, bamaze gusanga kubaho bigoye udakoresha ubwo buhinga.

Nico kimwe rero nivyo vyo gukoresha uwo murwi w’inkuru ziri hamwe. Turacari ku rugero rw’intango ubwo buhinga buhura n’intambamyi nyinshi ariko ku bwanje ndemera ko ari ubuhinga bwa kazoza dutegerezwa gukoresha buzotuma ibitari bike vyoroha. Ubwo buhinga bufise ihangiro ryo kumara amakenga abantu kugira babwizere. Nk’akarorero, hariho umuntu A n’uwundi muntu B bashaka kurungikiranira amahera, bategerezwa kurondera uwundi  mwizigirwa babicishako nawe si uwundi ni Banki Kuko niyo izwi n’amategeko y’igihugu. Dukoresheje ubwo buhinga, ibanki ntizoba igikenewe, aba bantu barashobora guhana Ayo mahera na reta itabimenye. Ivyo vyahavuye bitera ubwoba na reta Kuko itazoba ikimenya uko ihanahanwa ry’ibintu n’amafaranga n’agaciro kavyo.

Inyishu kuco abaguzi bubwo buhinga barindiriye.

I bukavu, ihanahanwa ry’ibintu canke kukuzanira impapuro ndangatongo vyarimwo intambamyi nyinshi. Ubwa mbere kwari ugutanga nk’urupapuro ndangatongo mu gihe itongo riguzwe ubugira kabiri (2) n’ubwo uwubijejwe yaba araho.

Icirwa ca Christian caje gushiraho urwego ruzogaragaza abahora babikora bafumbatishijwe canke bashizemwo nkunzi. Hamwe ubwo buhinga bwoja mu ngiro, buzogirirwa icizere kurusha bamwe bahora bafumbatishwa bagatuma bikorwa nabi. Kuri ubwo buhinga , abantu bazohabwa ububasha bwo gukura inkuru mw’isoko ryazo rizoba rirekuriwe buri muntu wese, aheze abone amatongo agomba kugurwa, hagize iryo ashima ace aheza nawe akabimenyesha kuri urwo rubuga nyene bigaca bishikira nyeneryo akabona amahera umuguzi yatanze akayemera canke akayahakana.

Mu gihe bumvikanye, barashobora guhana amasezerano y’ubuguzi kuri urwo rubuga nyene.Vyose bitunganye amahera azova kuri konte y’umuguzi aje kuri konte y’uwugurishije hongere hajeko n’igice ca reta Bose babe batunganirijwe.

E.N