Ukuri kwariyongereye.

Ukuri kwagutse turumva kuvugwa cane tubishaka canke tutabishaka tugusanga mu materefone ngendanwa yacu , imashini nyabwonko zacu, imboneshakura zacu no mu bindi bikoresho nk’ibi. Ariko none mu buryo bwimbitse ukuri kwagutse canke ukuri kwiyongereye ni iki?

Insiguro y’ukuri kwagutse canke kwiyongereye.

Indangurakintu Ukuri kwagutse canke RA (Augmented reality mu rurimi rwi congereza) ni Ubuhinga bubangutse kandi bwiza bwo kwerekana butuma twinjiza ibintu mu mwanya muto no mugihe ciza gishoboka. Icipfuzo kwari ugushira hamwe ibintu bitagaragara neza hamwe n’ibigaragara no gutanga icipfuzo co kuvyinjiza neza c’uwubikoresha.

Mu yandi majambo, ni Ubuhinga bwo kwinjiza ibintu bitagaragara mu gihe co kandi mu mwanya wo ubereye kugira bashobore gukurikirana neza uko uwugukoresha yigenza.

Ico kwitonderwa n’uko uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse bukunze gusanishwa canke kwitiranywa n’uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kugaragara (réalité virtuelle) mu ntumbero yo gutwara ababikoresha ahandi, mu kindi kibanza mu gihe ukoresheje RA; ababikoresha baguma bumvikana n’isi turiko twisunze Ubuhinga bukoresha ibintu bigaragara bigwijwe n’ibintu bitaboneka neza.

Dushobora kuvuga mu ncamake ko insiguro ya RA nk’icishimikizo ku  kintu kigaragara mu kwongerako ibintu bitagaragara kugira ivyo bitagaragara bize kwiyongera mu gihe ciza Kandi kibereye. Akarorero, mu gihe ikibanza ca ba mukerarugendo kigizwe nibimenyetso kugira abashitse bashobore kumenya uko ikibanza  cari kimeze mu gihe ca kera cane.

Amakuru yose yegeranijwe akagerekwa ku kuri ku mwanya wo kandi kugira ashobore gufasha uwubibona (uwubiraba) kubona neza ibiriko biraba imbere yiwe kuburyo baguma babazanya hagati yabo.

Ukuri kwariyongereye Inkuru yabaye.

Uburyo bwo gukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse bwatowe ubwa mbere na ” Horton Heilg”, niwe mu 1962 yatanguje ” Sensorama”. Ni inkofero irimwo ibintu bituma uhindura canke unyegeza urukino rwo gusiganwa n’ama pikipiki muri New York nk’akarorero. N’aho icipfuzo cegereye neza RV, n’ukuvuga uburyo bwotuma tubona ibintu uko biri,  aca ashirako intango ya RA.

Intambuko ya mbere ya RA yakozwe mu 1968 na “Ivan Sutherland” mu gikorwa c’ubushakashatsi ca MIT muri kaminuza ya Boston.Yabaye inkofero yo kubonekesha umutwe hejuru yerekana mu buryo buboneka uko umutwe uriko urigenza.

Mu 1980, uwitwa Steve Man yiyumviriye icitwa “Eye Tap”, inkofero ituma haboneka inkuru zitagaragara imbere y’amaso n’imbere y’uwugikoresha. N’igikoresho ca mbere gikomeye ( gihanitse mu buhinga) gikoreshejwe muri RA. Ico gikoresho cagumye gitezwimbere gushika gihwahuke ( kibanguke gutwara) nk’amarori twambara.

Uko uburyo bwo gukoresha ubuhinga bukoresha ukuri kwagutse bukora:

Uburyo bwo gukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse bukoreshwa mu gushira amashusho y’incamake y’ivyafashwe hakoreshejwe ubuhinga bw’ibikoresho vyabigenewe (terefone”smartphone”, amarore yabigenewe, inkofero zabigenewe…) bikoreshwa mu gufata amashusho n’amajwi y’ukuri (atari ibikozwe mu buhinga ngurukanabumenyi) hanyuma bakongeramwo ivyafashwe hakoreshejwe uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kugaragara  (inyandiko, amajwi, amashusho) uwubikora agakoresha ibikoresho vy’ubuhinga vyabigenewe mu kwerekana amashusho.

Iyo uwukoresha terefone canke inkofero canke imashini nyabwonko ayuguruye; aca atangura kubona amakuru y’ivyo ashaka ku mashusho yafashwe. Ingorane nyamukuru mu gukoresha ubu buryo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse mu kwerekana ibintu ni iyo kwemeza bidasubirwamwo isano ryimbitse hagati y’ibintu vyukuri n’ibintu vyafashwe amashusho. Turashora kuvuga ko dufise amashusho y’ukuri mu gihe hakoreshejwe ubuhinga bwo kumurika hanyuma ishusho ikaza inyuma hakoreshejwe umuco (nka rugagamisha n’ibindi).

Ariko iyo dukoreshe icirore kitabonerana tubona amashusho atari ay’ukuri (objets virtuels). Aya rero aza kwiyongera kuri ayo y’ukuri mu buryo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse. Mu guhuza ibintu vy’ukuri (atari ivyo ku mbuga ngurukanabumenyi)

Uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse bukenera ibikoresho vyerekana ahantu hukuri hakikije uwubikoresha kandi bimufasha gushira mu rutonde rwiza ivyo ariko akora n’uburyo agenda abikoramwo:

  • Ubuhinga bumufasha kumenya aho ibintu biri (géolocalisation)
  • Ibikoresho bimufasha kuraba neza ivyo ashaka gufata canke gufotora (kamera, rugagamisha, ibipima umuvuduko (nk’uw’imodoka), ibipima ibintu bikanye canke ubushuhe, n’ibindi
  • Ibimufasha gusigura (guhuza) amashusho yafashe mu buryo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kugaragara (imashini nyabwonko, terefone zikora nk’imashini nyabwonko (smartphone), n’ibindi.
  • Ikiyo (écran) gifasha kugaragaza (kwerekana) amashusho, canke imikino canke kwandika uruvange rwivyakozwe vyose (amfoto, amasanamu inyandiko amajwi,…).
  • Ibikoresho vy’ubuhinga bisima amakuru bikayahindura  mu vyo twipfuza kumenya (capteurs) ivyo bikoresho kandi biramenya aho ibifata amashusho (kamera) biri, aho uwubikoresha ahagaze. Ayo makuru afasha kumenya igihe n’uburyo ibintu vy’ibihimbano (élements virtuels) vyongerwamwo.

Uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse(réalité augmentée bukoreshwa mu bisata bitandukanye .

Insiguro nyamukuru iza yihuta iyo tuvuze gukoresha uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse ni uguhinyanyura uburambe bw’uwubikoresha.

  • Mu burezi :abahinga n’abigisha babukoresha mu gushimangira ivyo bigisha abanyeshure. Karorero: Guhuza umutima n’imitsi yawo n’umubiri vy’umuntu kugira ngo basigure ingene umutima ukora (bakavyerekana bakoresheje ibikoresho vyerekna amashusho(projecteurs).
  • Mu gisata c’imicokama :ingezi zigendera ahabikwa ibintu vya kera canke vyerekana imico y’ahantu mu gihe kinaka canke ivyakorwa muri ico gihe bakabireba bakanabibona mu kwerekeza terefone ngendanwa zabo zifotora canke zifata amashusho aho ivyo bintu biri.
  • Mu rudandazwa rukorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi :aho berekana imero y’ibidandazwa ,aho uwubiraba ashobora kubihindura akongera akabihindukiza mu mpande zose.
  • Igerageza rikoresheje uburyo  bukoresha ubuhinga bw’ukuri kugaragara  rishobora gukoreshwa mu kwigera impuzu ,ibitako(bijoux) n’ibindi vyambarwa.

umuntu arifotora canke akifata ireresi akoresheje terefone canke imashini nyabwonko hanyuma akambika izo mpuzu iyo foto canke akarungikira ifoto bene kuzicuruza akaba aribo bayambika impuzu hanyuma akaraba ko zimukwiriye canke zimubereye. Ashobora no kubirabira ku bipupe biteye nka we.

Turetse muri ivyo bisata ,ahandi ubwo buhingabwo gukoresha  uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse ni aha:

  • Mu mazu bakoreramwo amareresi y’inkino
  • Mu macapiro y’ibitabo bikorwako ibiganiro
  • Mu gikoni :bashaka kumenya intambwe zikurikizwa mu guteka imfungurwa runaka.
  • Mu giporisi :mu bihugu bimwebimwe aho abaporisi bakoresha ibikoresho ngendanwa bibafasha kumenya amasura yabo bariko bararondera. Intambamyi dusanga mu gukotesha uburyo bukoresha ubuhinga bw’ukuri kwagutse.
  • Hanze y’inyubako haba hari izuba n’ubushuhe bishobara gutuma ibikoresho bifashisha muri ubu buhinga bidakora neza babirabiramwo bigatuma igikorwa kitagenda neza.
  • Ubu buryo bushobora gutera impanuka. Nk’akarorero uwugendera kw’igare rifise amarori akoreshwa muri ubu buhinga ashobora guhungabanywa n’amakuru aho ivyo ariko afata bibonekera (écran) hanyuma bigateza umutekano muke wo mw’ibarabara.
  • Iyindi ngorane ni iyo kugira ibanga. Amarore akoreshwa muri ubu buhinga aba afise ubuhinga bwo gufotora (kamera) ? iyi kamera ishobora gufasha gufata amashusho y’abantu batabizi canke gufata ivyabaye biraba umuntu ku guti ciwe bidakenewe ko bimenywa n’abandi bantu. Igihe bigiye hanze bishobora guteza ingorane. Aha rero uwukoresha ubu buhinga ni we abazwa ayo makosa ariko si ubuhinga ubwabwo buyagirizwa.

E.N