Ni gute , ni hehe twosanga « Bitcoin »?

Twarabonye mu kigabane giheruka yuko « Bitcoin » ari igitabo kinini c’ama konte, cerekana, canditswemwo uwarishe, ayo yarishwe n’igihe yarihiwe. Si igitabo c’impapuro ahubwo ni icegeranyo bita « Blocs » ( uruhome).

Izo « blocs » zisanzwe zifitaniye isano hagati yazo zirahuzwa na rwa rubuga twise « Blockchain ». Si amahera ari mu mpapuro canke mu bingorongoro ni amahera adafadika. Twarabonye kandi ko ama banki ashiraho amahera kugira atange ingurane.

Ishingiro rya « Bitcoin » ni ugushiraho urwego rw’amahera irya n’ino. Si ngombwa ngo harinde kubaho i mashini nyabwonko ijejwe kubihanahana . Vyose bikora vyisunze ihanahana umuntu ku muntu atahandi biciye nk’uko umurwi wivyegeranyo bita « Torrents » ufasha mu gusabikanya amakuru hagati ya za mudasobwa. Mudasobwa ziba zashizwe ku muhora ngurukanabumenyi. Imwe yose yitwa ipfundo ry’uwo muhora kubera ifise inkuru zisa niziri ku rubuga « Blockchain ». Ivyo vyose bifise ihangiro ryo kwima ikibanza ama banki muri ico gikorwa no kuyaka ububasha bwo gushiraho amahera yingurane. Muravyibuka mu kigabane giheruka , twanditse ko ukuyakoresha vyisunga uko ingurane zikoreshwa hanyuma ama banki agashiraho amahera afatiye kungurane.

Umuntu uwariwe wese arashobora kuja ku muhora ngurukanabumenyi akoresheje mudasobwa yiwe. Bisaba ko atanguza muri iyo mashini yiwe intunganyo bita « Bitcoin core », ikindi nukumenya iyo mudasobwa yashizwe ku rubuga ica ironka ibiri kuri rwa rubuga « Blockchain » ibikuye ku zindi mudasobwa ziri ku muhora ivyo birasaba umwanya n’uko i mashini yawe iba ifise ikibanza muri yo gikwiye co kubikako « Bitcoin » ikura inguvu mu ndinganizo yayo itoroshe yigizayo uwo muntu wese w’umutware yovyivangamwo arico gituma, yaciye iha uruhusha nyabwonko zose bikorana gushobora guhanahana inkuru ata handi biciye.

Nyabwonko ziri ku muhora zirakurikirana ku mwanya inkuru zijanye na « Bitcoin » zifashijwe n’igikoresho bita « Hash ». Zirashobora kumenya neza inzira yose icamwo ivyarishwe, igatomora itihenze Yuko igenekerezo rya 8/6/2010, Thierry yarishe amahera angana 2000 vy’amadorari Calixte isaha umunani n’iminota 25. Ku bisanzwe izo mashini zose zirakora igikorwa nkici gi polisi ku nyungu za « Bitcoin ».

Twaratahuye ko « Bitcoin » ari amahera ari irya nino, ata mutware w’igihugu runaka atanga amategeko yavyo. Turazi kandi ko uwariwe wese ashobora kuja ku muhora akoresheje nyabwonko yiwe ku rubuga rwa « Bitcoin » biciye ku ndinganizo bita « Bitcoin core » hanyuma nyabwonko yose ikaronka inkuru ziri mu zindi nyabwonko. Izo nyabwonko zifatanijwe n’agakoresho bita « Hash » ntibirekurira umuntu n’umwe wundi ku vyinjiramwo mu ntumbero yo gukingira « Bitcoin ». Ikibazo twokwibaza ubu ni ukuntu twomenya gushiraho izindi mpome nshasha zo kubika « Blocs ».

Abacukuzi b’inzahabu

Inkuru y’amahera canke kahise kayo karafatanye n’inzahabu. Abacukuzi b’inzahabu babayeho ni abatoye inzahabu babanje kwimba mu kuzimu. Nta cahindutse no kuri « Bitcoin ». Ukwihutira ivyinzahabu ni igitero cagiriwe ubutaka n’ibisigabwenge. Muri ibi vyiwacu, abacukuzi ni za mudasobwa, igikorwa co gucukura mu kuronka ama « Bitcoin » mashasha vyashinzwe za mudasobwa. Kugira turonke « Bitcoin » nshasha, dukoresha tudahumeka mudasobwa. Ayo « mastakanov » adafadika ategerezwa kuba inyishu kugira ushobore gushiraho uruhome rushasha rwo kubikako « Bloc » kuri rwa rubuga « Blockchain » no kuronka kandi ama « Bitcoin » mashasha. Umuntu yovuga ko ari nkihiganwa ridahagarara, bisaba kubanguka, uwishuye ubwa mbere niwe aronka umusaruro ubwa mbere gutyo gutyo.

Ku bisanzwe za nyabwonko « Gacukuzi » nk’uko bazita zirondera gutorera umuti ingorane zifatiye ku biharuro, izo nyabwonko zigerageza gutora igiharuro  , gishizwe muri ca gikoresho bita « Hash », gitanga ikindi giharuro gitangurwa n’ ubusa bwinshi bidakunze uca usubiramwo gutyo gutyo.

Bisaba ko za nyabwonko zose ziba ziri ku kivi kugira zitore inyishu mu minota 10, mwabitahuye, vyose biva ku gitigiri ca mudasobwa ziriko zirabikora ziciye kuri bwa buhinga bita « Hash ». N’ukuvuga ko mudasobwa zose zitegerezwa kuba ziriko zirakora kandi mu mwanya umwe  zikaba ziriko zikorera kuri bwa buhinga bwa « Hash » Kugira amahirwe abe menshi yo gushobora gushiraho rwa ruhome rwo kubikako « Bloc » Kugira ushimirwe na « Bitcoin ».

NI ukubimenya utsinda nka kurya ko mu kamari. Ubikora wizeye ko utsinda ukaguma usubiramwo. Inzahabu abacukuzi ntibapfa kuyitora ahariho hose barimba kenshi, mu kuzimu kwa kure kugira baronke n’ utu garama (Gramme). Nico kimwe n’aba bacukuzi bo kuri urwo rubuga. Kenshi na kenshi biragoye kurondera « Bitcoin » ni ukuvuga gucukura ubushimwe n’abwo bukagabanuka. Baravuga kandi ko mu mwaka wa 2140 ama « Bitcoin » azoba yaheze yose. Ubu, umucukuzi atsinze aronka agashimwe kangana 6.25 BTC « Bitcoin ».

Dusanzwe tuzi yuko ata noti canke ibingorongoro umuntu ashobora gukorako muri « Bitcoin », ikibazo gica kivuka ni ukumenya ukuntu uvana ivyakozwe, ivyahanahanywe kuri « Bitcoin » ukabivana kwi konte ubijana ku yindi? Birazwi neza kuva « Bitcoin » ivuka ibika ry’ivyakozwe canke vyahanahanywe mu gitabo kinini c’i konte kizwi kw’ izina rya « Blockchain », ni uko ivyakozwe vyose kuri urwo rubuga kuva rugitangura bigashobora kubonwa n’uwariwe wese. Urupfunguruzo ni umuco .

Muribuka Calixte? Twese turazi ko afise Ama dorari 2000, yahawe na Thierry, iryo si ibanga ku bantu bahurikiye mu muhora umwe. Inkuru za « Blockchain » ntizugururiwe Bose, zibitse neza hagati ya za mudasobwa gacukuzi ziri ku muhora. Mu gihe Thierry yariha ama dorari 2000 Calixte, Calixte ategerezwa gusinya ko yayaronse. Izindi mudasobwa zikabimenya hanyuma zikemeza ico gikorwa. Ishimikiro rya « Bitcoin » ni ugukwirikirana ayo mahera. Ama banki yari kuja hagati ntaba akigiyemwo. Ihangiro ni ukugumiza ukuboko canke ikiganza kw’ishingwa ry’ayo mahera ya « Bitcoin », ihanahanwa ry’ayo hamwe n’agaciro kayo. Satoshi Nakamoto, uwashizeho « Bitcoin » yashatse gukora ubushobozi bwa ma banki kuvyaza amahera ingurane. Nobibutsa ko Satoshi Nakamoto Ari iritazirano atawuzi izina ryiwe ry’ukuri.

E.N