Ubuhinga bwa Blockchain n’uburyo ubwo buhinga bukoreshwamwo.

Ubuh

Ubwo buhinga « Blockchain » ni ubuhinga bukiri mu ntango canke bugitangura birashoboka ko benshi muri twebwe  twoba twarumvise ubwo buhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe buvugwa. Ni mwaba muzi amahera y’ibanga ahanahanwa hagati y’abantu ku muhora ngurukanabumenyi « Cryptomonnaies » muri ayo ayazwi cane akaba ari amahera afatirwako mugushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu ahanahanwa hakoreshejwe umuhora ngurukabumenyi « bitcoin ». N’ubwo buhinga « Blockchain »   bwifashishwa kugira ngo ayo mahera ashobore guhanahanwa.

Naho mu ntango ubwo buhinga bwari bwakorewe ibikorwa bijanye no guhanahana amahera birindiwe umutekano canke bicungerewe umutekano  vy’amahera afatirwako mu kugena ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu « Bitcoin » (ahanahanwa hakoreshejwe umuhora ngurukanabumenyi) ubwo buhinga ntibwokwirengagizwa no kubindi bisata kuko bufise ubushobozi bwo kworosha no gucungerera umutekano vyimbitse w’ikoreshwa ry’amakuru. Uyu musi ubwo buhinga burasabwa gukoreshwa mu guteza imbere ibisata bitandukanye : mu ntwaro, mu vy’inguvu, mu muziki, no mu bindi.

Ariko rero, ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe « Blockchain » ni iciyumviro kizwi nabi.

Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ni iki?

Bwatowe mu mwaka 2009 mu gisata c’ubutinzi, ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe (chaîne de bloc mu rurimi rw’Igifaransa) bwasiguwe n’umushakashatsi mu biharuro yitwa Jean Paul Delahaye nk’  « ikaye niniya cane », umuntu uwo ari we wese ashobora gusoma yisanzuye kandi ku buntu, ikaye umuntu wese ashobora kwandikamwo ariko bidashoboka ko ahanagura ivyo yanditse canke ngo ayisambure.

Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ni ikaye canke igitabo, ni ububiko bunini canke bukuru bw’amakuru bufise umwihariko wo gusangirwa n’abakoresha ubwo bubiko bose hamwe icarimwe, kandi bakaba bafise iyo kaye canke igitabo, bakaba kandi bose banafise ubushobozi bwo kuyandikamwo amakuru, hakurikijwe amategeko yihariye atangwa avuye mu bubiko bw’amategeko yose agenga ihanahanwa ry’amakuru bucungerewe canke burinzwe neza hakoreshejwe ubuhinga canke uburyo bw’ibanga.

Mu buryo butomoye ni inyubako yagutse y’ububiko bw’amakuru, idashobora guhindurwa, irinzwe kandi icungerewe umutekano, kandi y’ukuri nta co ihisha kandi itagenzurwa n’urwego na rumwe yaba umuntu ku giti ciwe, banki, Reta, n’inzindi nzego

Ubwo buhinga bushingiye ku mwizero w’ababukoresha, bufasha, nk’akarorero, kurungika amahera mu buryo bw’igitigiri kandi hagati y’umuntu n’uwundi canke y’imashini n’iyindi bitarinze kunyura muri banki. Ni ubuhinga butuma hatabamwo abahuza mu bisata vyinshi bimenyerewe bisanzwe bizwi ko habamwo abahuza :  igisata c’amabanki, ico kw’inezeza, igisata ca Reta n’ibindi vyinshi.

Naho ari ubuhinga  bukiri ku rwego canke urugero rwo gutera imbere hakiri kare, ubwo buhinga buramaze gukoreshwa mu buryo bwo guhanahana amahera bw’ibanga hakoreshejwe umuhora ngurukanabumenyi hagati y’abantu butagenzurwa namabanki canke uwundi muntu « Cryptomonnaies », mu kubika amakuru y’amareta, no mu bindi. Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe « Blockchain » bumenyerewe cane gushika uyu musi ni ubwo guhanahana amahera afatirwako mu gushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu « Bitcoin »: ahanahanwa ku muhora ngurukanabumenyi.

Inkomoko z’ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe « Blockchain »

Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bwavumbuwe canke bwatowe nk’ubuhinga bufasha guhanahana amahera afatirwako mu gushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu « Bitcoin ».

Amahera afatirwako mu gushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu « Bitcoin » ni amahera ari mu bitigiri yakozwe mu mwaka w’ 2008 n’uwitwa Satoshi Nakamoto, ni umuntu atigeze amenyekana canke umugwi w’abantu utigeze umenyekana.

Ni ukumenyekana kugenda kwiyongera kw’amahera afatirwako mu gushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu « Bitcoin » vyatumye havuka iciyumviro c’ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe « Blockchain ».  Ariko ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe burenze kure urwego rw’amahera afatirwako mu gushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu. Hariho ubwoko bwinshi bw’ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe, bumwebumwe bwose bukaba bufise ibiburanga bwiharije. Ariko rero, hariho ibiranga ubwo buhinga bisa ku bwoko bwose bifasha gushira iciyumviro mu mwanya waco.

Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe « Blockchain » bukora gute?

Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bufitanye isano n’ububiko bunini bw’amakuru bwamamaye(buzwi cane) burimwo amakuru yose hamwe yahanahanywe kuva ubwo buhinga bugitangura gukoreshwa(bukibaho).Umwe wese mu bitabira gukoresha ubwo buhinga aba rero afise uburenganzira ku rupapuro rw’ubwo bubiko bw’amakuru no kuri kahise k’amakuru y’ivyahanahanywe vyose hagati y’abakoresha ubwo buhinga kuva bukibaho (bugitangura gukora).

Ng’ibi ibiranga ubwo buhinga bikurubikuru:

  • Gusanisha igice cose gikorwa hakoreshejwe ubuhinga bw’ibanga « Cryptographi ».
  • Ibikorwa vy’ihanahanwa ry’amakuru birungikwa ku muhora canke imashini y’ububiko bw’amakuru w’imashini nyabwonko aho ziri kw’isi hose.
  • Imashini iyo ari yo yose (noeud) yakira ikopi (urupapuro) y’ububiko bw’amakuru aho ivyabaye mu mahanahanwa y’amakuru vyanditse. Impande zose zishobora kugerera icarimwe kuri ubwo bubiko.
  • Uburyo bw’uburinzi bushimikiye ku buryo bw’uguhuzwa kw’imashini zose (noeuds) igihe cose hari inkuru yongewemwo. Amakuru agenzurwa kandi akemezwa ko ari ay’ukuri n’imashini zabigenewe ziri aho amakuru ashikira canke imashini zikoreshwa mu kwemeza ibikorwa  vy’ihanahanwa (mineurs). Ihanahanwa rimaze kwemezwa ryongerwa mu bubiko rimeze nk’umubumbe (umugwi) w’amakuru wagenzuwe (uhabwa inomero) ni umubumbe mu buhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe).
  • Ikwirakwizwa ry’ikoreshwa ry’umutekano ribuza ihindurwa ry’ibikorwa vy’ihanahana ry’amakuru. Umubumbe uwo ari wo wose mushasha wongewe ku buhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe uhuzwa n’uwundi mubumbe w’amakuru wawubanjirije hanyuma ikopi ikarungikwa mu mashini zose zigize umuhora. Ishirwahamwe ry’imibumbe y’amakuru rikurikiza urukurikirane rw’igihe iyo mibumbe yagiye irashikirako, ntirishobora guhanagurwa canke guhindurwa. Inyubako yaryo irangwa no gukwirakwizwa, kubera yuko itakiriwe n’imashini nkuru ifasha gushika ku makuru  imwe gusa ariko iyo nyubako ikora mu buryo bwo guhanahanwa hagati y’imashini n’iyindi, canke uwuyikoresha n’uwundi.

Iyo ibikorwa vy’ihanaha ry’amakuru ryabaye, rica rishirwa ubwo nyene hamwe n’ibindi bikorwa vyabereye mu mwanya umwe na ryo: ivyo bikorwa biraheza bigashirwa mu mubumbe umwe (bloc) Iyo uwo mubumbe wamaze gukorwa, utegerezwa kugenzurwa.

Muri ubwo buryo, ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe, bubika igikorwa ico ari co cose, ibikorwa vy’ihanahana ry’amakuru iryo ari ryo ryose canke icabaye ico ari co cose, kandi ico ni co kivyara igenzurwa canke ikurikiranwa  ry’ibiba kuva ku ntango kugera kw’iherezo ryavyo. Kubera ivyo:

  • Umugwi wose ukoresha ubwo buhinga umenyekanishwa  n’izina ryiritazirano canke n’amakuru agizwe n’ibintu vyinshi atuma bigora canke ntibinashoboke kugera ku makuru y’ikintu canke y’umuntu.
  • Ibikorwa vy’ihanahanwa ryose canke amakuru birungikwa mu muhora w’imashini nyabwonko zikwirakwijwe kw’isi hose.
  • Amateka canke amakuru y’ivyabaye y’ibikorwa vy’ihanahanwa ashikirwa n’abakoresha ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bose.
  • Ihuzwa ry’imashini zose rituma habaho umutekano w’umuhora wose igihe cose hari amakuru yongewemwo. Amakuru ashika ariko umukono n’uwayarungitse hama akemezwa ko ari ay’ukuri.
  • Ibikorwa vy’ihanahanwa ry’amakuru ryose rishirwa mu mubumbe w’amakuru (bloc de données). Iyo umubumbe wuzuye hakorwa uwundi hanyuma ugahuzwa n’uwawubanjirije n’amakuru asigara inyuma  igihe tuba turiko dukoresha umuhora ngurukana bumenyi. Vyongeye habaho ikopi (urupapuro) y’uwo mubumbe ubwo nyene muri uwo mwanya nyene mu muhora wose mu buryo buhoraho. Ivyo ni vyo bituma amakuru aba ibanga ku rubuga yo kubika no guhanahana amakuru « Blockchain ». Ni nk’aho ayo makuru adashobora guhindurwa.

Ubuhinga  bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bufasha mu biki?

Ikoreshwa ry’ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bufise inyungu nyinshi; muri zo hari ho:

  • Irwanya ry’ubusuma bw’amakuru bukorerwa ku muhora ngurukanabumenyi (piratage), nk’akarorero ubw’amareresi, abw’umuziki: hifashishijwe umuhora ngurukanabumenyi, ukwimurira amakuru ahandi mu kindi kibanza (c’imashini canke c’ikindi gikoresho gikoresha umuhora ngurukanabumenyi), kw’ibikorwa vy’ubugenegene vyabaye ivya bose, naho bigengwa n’amategeko. Ubuhinga  bukoresha ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bufasha kurwanya ubwo busuma.
  • Umutekano w’ibikoresho n’uburyo bikoramwo hamwe no kwemeza ibikorwa vy’ubwo buhinga: Isoko ryo kwigana ibikorwa vyakozwe n’abandi ataburengazira uwuvyiganye abifitiye rirateye imbere kandi umuhora ngurukanabumenyi urorosha icuruzwa ritemewe n’amategeko kubera ko ukwemeza ibikorwa vy’ihanahanwa ry’amakuru bikorwa n’umurwi w’abakoresha ubwo buhinga batandukanye, batanazinyanye. Ivyo bituma habaho kwirinda ivyago vy’ubugizi bwa nabi canke ubusuma, kubera imashini zicungera uburyo ibikoresho bikora kandi zikanagenzurana zose hamwe.
  • Ibikwa ry’amakuru n’ihanahanwa ry’amakuru y’ubuvuzi: Amakuru y’ubuvuzi canke y’amagara y’abantu y’umwumwe wese muri twebwe ni amakuru y’ibanga kandi akaba n’inkoramutima akwiriye gukorwa canke kwigwa mw’ibanga, ariko ukumenyekana kw’ayo makuru mu bandi bantu bishobora kwibonekeza ko bikenewe mu gihe ari ivyihutirwa, ari impanuka, agahinda canke gucika intege), canke guta umutwe.
  • Ukwihuta kw’ibikorwa vyo guhanahana amakuru. Kubera ukwemeza amakuru ahanahanwa ko ari ay’ukuri bifata amasegonda make kugera ku minota mike.
  • Inyungu z’umwimbu n’ubushobozi bwo gukora neza: Bivyagwa nuko ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe buha itunganywa ry’ihanahanwa ry’amakuru ibikoresho  bigenzura iryo hanahanwa ry’amakuru canke imashini nyabwonko n’ibindi vyabigenewe bifise ubushobozi bwo gukora ico gikorwa hakoreshejwe umuhora ngurukanabumenyi, ibi bigabanya mu buryo bw’ubuhinga ibiciro vy’ibikorwa vy’ihanahanwa ry’amakuru canke vy’ugushira hamwe uburyo busanzwe bukoreshwa mu buryo bwa kera (amahera yo gukoresha, amahera akoreshwa mu kugenzura ibikorwa, canke y’icemezo c’ibikorwa, kwifashisha abafasha bihemba ku bikorwa baba bakoze; gukoresha imashini zikoresha mu gihe c’ibikorwa bimwebimwe, n’ibindi).

Aho ubwo b’ubuhinga bwo kubika  no guhanahana amakuru  butagenzurwa n’urwego na rumwe bugarukira.

Naho butanga ayo masezerano yose, ubuhinga bwo gukoresha ubuhinga bwo kubika no guhanaha amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe burafise aho bugarukira:

  • Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ntibusubirira burundu abahuza. Akarorero, ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ntibushobora kwemeza bwo nyene gusa ko urupapuro rw’umutsindo (Diplôme) ari iy’ukuri: bushobora kwemeza ko ari iy’ukuri vy’igihe kirekire mu buryo bwisubiriza igihe hari ikigo kiyishize ku muhora ngurukanabumenyi. Isezerano ry’ubushobozi bwo kutagenzurwa n’urwego na rumwe ntiryipfuzwa mu bihe vyose. Ku rundi ruhande, uwukoresha uburyo bwo kubika no guhanahana amakuru akomeza kugengwa n’ibikoresho vyose biba biriko bikoreshwa mu kubika no mu guhanahana amakuru  bitanga ihuriro hagati y’ibikoresho vyo gutumatumanako n’umuntu ariko arabikoresha muri ubwo buhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe.
  • Imigambi yihetse canke izungurutse ubuhinga bwo guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ntibuze amakosa. Ibikorwa bikorwa n’imashini zikoresha vyashizwe mu buhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ni icabona canke icemezo c’umutekano no gukorera mu kuri canke mu muco.
  • Ariko rero, ikoreshwa ry’inzira idakingiwe y’imashini nyabwonko mu kwiba amakuru no mu guhungabanya uburyo zikora bikorwa n’abasuma ku muhora ngurukanabumenyi (pirates) ni icago gitegerezwa gutegekanywa igihe cose. Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe, bumwe bumwe bukoresha umuriro mwinshi iyo buriko bukoreshwa. Uburyo bwo kwemeza amakuru ko ari ay’ukuri hakoreshejwe kurungika umubumbe w’amakuru (bloc) w’ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe (hakoreshejwe ubunyarutsi bw’imashini nyabwonko) bukoreshwa n’ubuhinga bwinshi bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe (nk’amahera ahanahanwa ku muhora ngurukanabumenyi: « Bitcoin » butanga umutekano w’ikaye canke igitabo vy’amakuru bikoresha umuriro w’umuyagankuba mwinshi cane rwose.
  • Ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe ntibwama burinda ibitero vy’abasuma b’amakuru kuko bushobora guterwa. Gushobora guhungabanya canke guta mu makosa ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bikomeza gutera amakenga ku rwego rwo hejuru. Inyubako y’umuhora ntituma ibitero vy’abasuma b’amakuru ku muhora ngurukanabumenyi bizimba bikanagora cane gusa, ahubwo binagabanya ubwoko bw’ubusuma bukorerwa ku muhora ngurukanabumenyi bushoboka.
  • Ariko rero, igitero citwa ic’ibice mirongo itanu na rimwe kw’ijana (l’attaque des 51%) kidakunze kuba gikorwa bashaka gukoresha incuro zibiri amahera y’ibanga ahanahanwa ku muhora ngurukanabumenyi « Cryptomonnaie ». Citwa kandi igitero ca Gold Finger ni igitero kigendereye kwegeranya ibice birenga mirongo itanu kw’ijana  vy’ubunyarutsi bw’imashini nyabwonko hagendewe kubikorwa ishobora gukora mw’isegonda rimwe « puissance de calcul » bw’ibikorwa vyose vy’umuhora ngurukanabumenyi, hisunzwe ibiharuro vy’ivyirwa bikorwa, vyerekana ko bishoboka ko kiba; caramaze kwigwa vyimbitse ko gishoboka. Igikorwa caco kigarukira  kukutemezwa kw’ibikorwa vy’ihanahana ry’amakuru canke gukoresha ubugira kabiri amahera yamaze gukoreshwa.Kwegeranya (gushira hamwe igice kirenga c’ubunyarutse bw’imashini nyabwonko hisunzwe ibikorwa zishobora gukora mu gihe c’isegonda rimwe canke ubushobozi, canke amahera afatirwako mu gushinga ibiciro vy’ayandi mahera canke vy’ibintu birabuza birakumira ivyari bigomba gukorwa. Igitero nk’ico gikenera gukoresha uburyo amahera bwinshi cane kugira uronke ubushobozi bw’igitigiri gikenewe kandi biba bigoye kuwagize igitero ko atamenyekana.Vyongeye,  ubusuma buramenyekana vyihuse: ni gake bishoboka ko abakoresha ubuhinga bwo kubika no guhanahana amakuru butagenzurwa n’urwego na rumwe bahitamwo kubandanya bakoresha umurongo wagizweko ubusuma bukorerwa ku muhora ngurukanabumenyi.

Bihinduwe mu Kirundi na E.N