Muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Imashini yo gutora, ico vyigishije.

Vyateguwe na Berenaridino Sebahire , Umushakashatsi.

Muri kigarama umwaka w’2018, imiriyoni mirongo ibiri na zibiri z’abatora ba banye Kongo baragiye ku gasandugu k’amatora kugira batore indongozi zabo ku rwego rw’igihugu no ku ntara n’ubwo hariho ukutumvikana bifatiye ku mashini yo gutora. Indwi zibiri imbere yayo matora, umugambwe uri ku butegetsi n’uwutavuga rumwe na Reta ntibari bw’umvikane kuri ubwo buhinga bushasha bwo gutora. Muri ico gihe, umurwi wigenga ujejwe amatora ku rwego rw’igihugu warabandanije wigisha ukungene ubwo buhinga bwo gutora bukora. Aborosha burwo rwego rushigikiye Intwaro Rusangi hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike barahuye kenshi n’abanyeshure, abakenyezi hamwe n’urundi rwaruka kugira bamenye ivyubwo buhinga.

Ikora gute Imashini yo gutora?

Valentino Lesfauries aramenyesha ko :

 «Ku bijanye na Repubulika Iharanira Intwaro  Rusangi ya kongo, Imashini zo gutora zifise ubushobozi bwo kubika amajwi no kuyaharura zararonkejwe uwo murwi w’itora ariko uwurongoye uwo murwi yavuzeko bazozikoresha  mu gusohora ikarata zitora gusa»:

«Amatora turimwo ni amatora akoresha ikarata zitora zikozwe mu mpapuro, iyo mashini izodufasha gusa gusohora ubwo nyene ikarata uwutora yashizemwo mu gasandugu hisunzwe uburyo bwo guharura bwakoreshejwe mu 2006 na 2011 hisunzwe amategeko y’igihugu». Corneille Nangaa, uwutwara umurwi ujejwe amatora ku rwego rw’igihugu niwe yabishikirije.

Umuco w’iyakirwa ry’izo mashini zo gutora

Umuzo w’izo mashini zo gutora wateye kwibaza ku bibazo bibiri ku bijanye no gukorera mu muco wazo kwazo. Ubwa mbere itegeko rigenga amatora ntiryemera ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu matora yimirije mu kigabane caryo ca 237. Iciyongerako, uguhabwa ivyo bikoresho kurimwo ibinyegezwa vyinshi, bituma umuntu yiyumvira ko habaye ukutamenya amategeko mu bijanye n’amasoko ya Reta ya kongo.

Mu mwaka wa 2014, Patiri Porinari Malu Malu, yahoze arongoye umurwi ujejwe amatora muri Kongo ari mu rugendo muri Songdo muri koreya yubumanuko, kugira agendere icicaro c’ishirahamwe ryo kw’isi kijejwe gukwirikirana amatora (A _ WEB) [Boisselet 2018]13. Nk’uwuzi utunenge twaranze amatora aheruka na cane cane ukuntu bayiyamirije, abona ko ubwo buhinga bushasha buzokoreshwa mu matora ari uburyo nyabwo bwo kuyatunganya mw’ituze. Vyamubereye akaryo keza ko guhura na Ken Cho, Umuyobozi w’ihinguriro Miru systems. Uwo muyobozi yaragendeye kenshi Koreya y’ubumanuko muri uwo mwaka wa 2014.

Mu mpera z’umwaka wa 2015, Patiri Porinari Malu Malu, yarashengeye aca asubirirwa na Corneille Nangaa mu kibanza co kurongora umurwi ujejwe amatora. Harongegwamwo n’abandi bashasha: Norbert Basenguzi, umushingamateka wo mu mugambwe PPRD, umugambwe wa Joseph Kabira. Inyuma y’amezi make, umuhungu wiwe Marcellin Mukolo Bansenguzi yaragenywe na Corneille Nangaa «Umuhanuzi ajejwe ubuhinga bushasha» mu murwi ujejwe amatora. Amakenga aca aba menshi afatiye ku migenderanire bafitaniye n’uruganda Miru systems. [Muamba 2018]: Uwo muhanuzi w’ubuhinga bushasha yarize igice c’amashure yiwe muri Koreya y’ubumanuko, abahoze bari mu murwi ujejwe amatora baremeza ko bahora bamubona azananye n’intumwa z’uruganda Miru systems [Boissellet 2018] Marcellin Mukolo Basengezi yaranse gutanga urupapuro rw’umwidondoro wiwe w’ico yamaze (CV).Vyaciye bituma bigorana kumenya ivyiyo nkuru ijanye n’imigenderanire ya be n’uruganda Miru systems. Marcellin Mukolo Basengezi yararungitswe no mu biganiro vyahuza umurwi ujejwe amatora n’uruganda Miru systems vyabaye gushika mu mpera z’umwaka wa 2017. Haragiyemwo aka mwana wa mama mu gutanga isoko nta higanwa ryabayemwo.

Corneille Nangaa yarashimangiye ko twakoresheje ubuhinga budasanzwe, bwisunze amategeko bwongera buremezwa n’umushikiranganji wa mbere mu mpera za nzero 2018 bwongera burashirwa no mwitegeko rigenga amatora. Amasezerano ya nyuma ntarashirwako umukono ariko ntibizosubira inyuma guko dutegerzwa no kwisunga ikirangamisi c’amatora.

Imashini y’itora : Intambwe igana amatora akoresheje ubuhinga bwa none!

Oswald Muhemeri ni umuhinga muvyamatora yavyize muri Afrika yo hagati ( Kinshasa ) mw‘ishure ryigisha ivyamatora. Aradusabikaniriza uburambe bwiwe :

«Muri Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, itegeko ry’amatora rirategekanya amatora mu buryo bubiri: Amatora hakoreshejwe intoke be n’amatora hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Ni vyo impari zabaye inyuma y’ikiringo  ca Joseph Kabira twarabonye ukutumvikana gufatiye ku buryo bwakoreshwa. Mu nyuma umurwi ujejwe gutunganya Amatora uravuga ko hokoreshwa amatora akoresheje ubuhinga bwa none kugira amatora yorohe ku bijanye n’umwanya n’uburyo. N’ubwo umurwi ujejwe gutunganya amatora wahisemwo ubwo buryo, abanyamategeko bico gihe barerekanye amakenga baca batanga icipfuzo ko hokoreshwa ahubwo ubuhinga bwo gutora hakoreshejwe intoke ubwo bundi buryo bwo gutora hakoreshejwe ubuhinga bwa none bukabanza guhagarikwa. Ibiganiro vyarabandanije haragera igihe umurwi ujejwe amatora utanga ivyiyumviro vyawo, mu nyuma baratinda bumvikana ko hokoreshwa i mashini y’itora».

Oswald asigura ko imashini y’itora ari nk’isandugu y’itora y’ubuhinga. Mu mategeko yubufaransa, imashini y’itora bisigura isandugu y’itora y’ubuhinga canke imashini nyabwonko y’itora. Yarabandanije  agira ati: «Muri Kongo itegeko ntiriratomora neza ko ikoreshwa ry’imashini y’itora rizoba rikoresha ubuhinga bwa none, twibazako mu biganiro bizokwirikira ku bijanye n’itegeko rigenga amatora bazobitomora neza.

Nivyo ko mu matora twatoye umurwi w’amatora wakoresheje uburyo bubiri bwo gutora. Yarakoresheje uburyo bwa none mu gutuma umuntu aja gutora wenyene yifyaturira ikarata akoresha mu gutora akoresheje ya mashini y’itora. Iyo karata y’itora asohoye irasiga amakanda y’uwatoye muri ya mashini y’itora tukaba tuzi ko mu gutora ariwe ubanza kwisohorera ikarata imbere yo kuja kuyishira mwisandugu y’itora. Bisigura ko umurwi ujejwe amatora wakoresheje uburyo bubiri mwitora rimwe: Uburyo bukoresheje ubuhinga bwa none n’uburyo bukoresheje amaboko. Ariko twibazako ibiganiro bizokurikira, bizoba vyiza batomoye ko ikoreshwa ry’iyo mashini y’itora rizoba rifatiye ku buhinga bwa none canke bikoreshejwe vyose. Muri rusangi imashini y’itora yarafashije mu bijanye n’ubutunzi n’ibijanye n’umwanya.

Ivyo vyatumye dushika kw’ihangiro kubera twashoboye gutunganiriza rimwe amatora y’umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’ayo mu ntara. Mu gusozera, imashini y’itora yaroroheje ibijanye no guharura amatora be no gutanga ivyavuyemwo nk’ubuhinga bushasha bwose, iyo mashini y’itora ntiyakiriwe neza na bose. Uwariwe wese, aba uwutavuga rumwe na Reta, uwuri muri Reta canke uwuri muri ya mirwi idaharanira ivyicaro vya politike yama atinya impinduka, umuzo wa bishasha, imashini y’itora, igezweho  n’ubuhinga bushasha ntiyari kubura abayiyamiriza.

Ariko ico nibaza mfatiye ku burambe mfise, nk’uwari indorerezi y’amatora, abatoye twavuganye baremeza neza ko imashini y’itora ari igikoresho  ciza mu bijanye n’amatora. Mu matora azokurikira, n’ukuvyigisha neza abantu bakabimenya, bakemera ubwo buhinga mukubugirira icizere mu matora, kuko ubusuma buri mu bisanzwe biri muri kamere ya muntu» Niko Oswald abivuga.

E.N