Abarokoka ku gahohotero gafatiye ku gitsina ntibarahera

Bikozwe na Bernardino Sebahire

Umushakashakatsi IS DR/ Bukavu

Kurokoka mu buseruko  bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo vyabaye umugenzo. Vyose ntivyoroshe : Umutekano muke niwo uharangwa, ukudasenyera ku mugozi umwe mu ntwaro bitorohereza ukwiyungunganya ku bakenyezi, ihindagurika ry’ibihe rituma umwimbu ugenda nabi, abakenyezi babirimizi ntibaronka ubufasha bw’abatware bo hasi, kuronka amazi meza kiguma ari ikibazo n’aho Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ifise amazi menshi. Uravye izo ntambamyi zose, inzira y’urukiza yo nyene ni ukwisubiza agatamana mu gukosora ivyo vyose bitagenda neza.

Ku bw’ikigo UNESCO, Kongo ifise abantu batize imiriyoni 18 ku bantu bangana imiriyoni 77. Abatize barenza imyaka 15 muri 2015 bagereranywa n’ibice 77% , muri abo ibice 89% ni abagabo hanyuma abakenyezi nabo ni ibice 66%. Abatari bake mu batize ni abakenyezi, ntibashobora kuvuga igifaransa canke izindi ndimi z’abakoroni.

Muri Kongo, ibice vyababa 52% vy’abakenyezi ni ababa barokotse ku bugizi bwa nabi bwo mu ngo, ibice 39%  vy’abakenyezi baba kongomani baramenyesheje ko batewe ubwoba canke bakomerekejwe. Ibice 27% vy’abakenyezi bo muri Kongo baba barakorewe imigirwa kama yagahohotero. Kwubaka hataragera birarwiriye. Mu mwaka wa 2007, ibice 39% vy’abakenyezi bafise musi y’imyaka 20 baba bubatse canke bafatanye n’abagabo imbere y’imyaka 18.

Reta ya Kongo iragerageza kugabanya igitigiri c’abatize mu gusubiza abayahevye kw’ishure, kwigisha abakuze gusoma no kwandika be no kubigisha imyuga, ariko uburyo ntibuvyorosha.

Inzu yo kwandikiramwo Canke gusohoreramwo ivyanditswe ku bavyipfuza.

Ikigo Panzi c’ibukavu giherekeza abakenyezi bahuye n’impanuka kugira bamenye kwibako. Bahejeje  kubavura no kubumviriza, abahuye n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina barashobora kwigishwa imyuga bipfuza. Esperance na Furaha bahisemwo kwiga ibijanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi. Inyuma y’amezi 6, Espérance yaronkejwe impamyabushobozi. Kuva nyakanga 2021, Espérance akora ibikorwa bijanye no kwandika canke gusohora ivyanditswe n’imashini nyabwonko.

«Inyuma yo kwiga amashure matomato, nta kazi naronse naciye nitura ikigo Panzi mu nyuma ndiyandikisha mu gisata c’ubuhinga ngurukana bumenyi. Nakiriwe neza nca ndatangura inyigisho zamaze amezi 6. Inyuma y’inyigisho nararonkejwe impamyabushobozi hamwe n’ibikoresho bijanye n’ubwo buhinga bigizwe n’imashini nyabwonko, icuma co gusohora ivyanditse, imoteri yo gutanga umuyagankuba». Tugerageje kumubaza igituma yahisemwo umwuga ujanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi, yishuye ko «ubuhinga ngurukana bumenyi ari ntasubirizwa mu buzima bwa kino gihe ko ataho wobuhungira, ko uwutazi gukoresha ubwo buhinga muri kino gihe ameze nk’igicibwa mu kibano, ati ubuhinga ngurukana bumenyi bwaranyugururiye imiryango y’ubuzima ugereranije n’igihe cacu. Kuri ubwo nahisemwo kwugurura inzu yo kwandikiramwo no gusohora ivyanditswe ahaba abantu benshi kandi hegereye ibitaro bikuru. Aba clients banje benshi bagizwe n’abanyeshure n’urwaruka. Ibikorwa dukora novuga: gukora no gusohora ubutumire bw’ubugeni, ivyapa, kwandika ku bitambara. Bitumwe n’ivyo bikorwa ubu nsigaye nitunze, ndigurira ivyo nkeneye. Uwo mwuga nkora uratuma ntasuzugurwa. Ivyo biti hwe, notumirira n’abandi bakobwa kugerageza kwibako, kuko ikiringo co gusega no kubeshwaho n’abandi cararenganye».

Ukwibako mu vy’ubutunzi kw’abakenyezi be n’ukwiyungunganya kwabo.

Kugabanya ukutishobora muvy’ubutunzi kw’abakenyezi birashobora gufasha gukinga uguhohoterwa kw’abakenyezi canke kw’abigeme. Kuri iyo mvo, igisata bita ONU Femme ca Afrika kirafasha mu vyubuhinga Reta ya Kongo kugira ishire mu ngiro imigambi ijanye no kunganisha ibitsina. Igisata ca ONU Femme kirakorana kandi n’ubushikiranganji kugira gifashe abakenyezi bashobore kwitura ibigo bibitaho bongere baronke ubufasha bubagenewe, Ico gisata kirashigikira abakenyezi bo mu mitumba, abadandaza ibidandazwa vyo mu minwe hamwe n’abagore batwara udushirahamwe kugira baronke inyigisho n’ubufasha bujanye n’ivyo bakora.

Vyahinduwe mu Kirundi na E.N.