Urubuga Blockchain rurafasha mu guhanahana ibidandazwa muri Afrika

Umugabane wa Afrika urahura muri ino misi n’ingorane z’ubuhinga hamwe n’izifatiye ku muzo w’ibintu bishasha. Muri iyo nzira yo gukoresha ubwo buhinga bwo guhanahana amakuru (TIC) burafise uruhara ntangere mu gukura Afrika muri izo ntambamyi zifatiye ku buhinga bwa none. Imwe mu mpinduka zidaseswa ni urubuga Blockchain, ubuhinga bufasha abantu guhanahana ibidandazwa ata kindi gisata vyiriwe biracamwo. Iterambere mu bisata bitandukanye muri Afrika bishingiye ku rubuga Blockchain.

Mu bihugu vyinshi vya Afrika haribonekeza uguhurumbira cane ubwo buhinga mu ntumbero yo gusezerera intambamyi zimwezimwe muvy’ubutunzi be no mu vya politike zikunda kwibonekeza muri no misi kuri uwo mugabane.

Igisata c’ubudandaji muri Afrika kirashobora gukoresha ubuhinga bushasha nka Blockchain. Ubwo buhinga busa n’ubuje bwiganje bwafashwe nk’ubuzanye akunguko gashasha kandi bushobora guhungabanya uko ibintu vyari bimeze, nkako Blockchain irahindura uko ivyo kudandaza vyari bitunganijwe, bigatunganywa neza mu buryo bwizewe kandi bukingiye.

Blockchain, ni igisata gikingiye gishobora kubika amakuru ajanye n’ihanahana ry’amahera canke ibidandazwa kuko intunganyo y’urwo rubuga ari nziza, yugururiwe bose, ishobora no kugaragaza urudandazwa rwa magendo, ni nk’intambwe nshasha ishobora gutuma amazu c’ubudandaji muri Afrika yisununura bikaba vyatumye ubwo buhinga buhurumbirwa cane n’ibihugu vya Afrika kugira bishikire iterambere mu vy’ubutunzi.

N’ubwo ubwo buhinga butoroshe gukoresha, Blockchain irafise ivyiza bidaseswa kw’isi ya none mu kworohereza igisata co guhanahana ibidandazwa.

Ng’ubu uburyo Blockchain ishobora gufasha mu bijanye n’urudandazwa ku masoko yo muri Afrika:

Umwidondoro w’ibintu

Ubushobozi bwo gukwirikirana ata kwihenda ibidandazwa njabukambibe ni ikintu gikomeye cane mu kumenya ko bikurikije amategeko kandi bifise impusha zisabwa, atawobigirako amakenga kandi bigaheza bigashika iyo bija kare.

N’ubwo hari hasanzweho amabwirizwa afasha mu gusuzuma akanovera k’ibidandazwa hamwe n’uko bikwije amategeko, uburyo bwo kubidondora burimwo amakemwa atari make, usanga ibidandazwa bidakwirikiza amategeko mpuzamakungu ugasanga hari ivyitiranijwe bidasa, ivyinjiye kuri magendo n’ibundi. Blockchain ivyo vyose irabikosora kuva mu ntango gushika iyo ibidandazwa bigiye. Ubwo buhinga busa n’inyishu izotuma vyose bikorerwa ku mugaragaro maze za ntambamyi zose zigahera.

Hambavu y’urudandazwa, ubwo buhinga buzotuma ama Reta yo muri Afrika ashobora kurwanya ibiturire akegeranya n’amakori vyoroshe. Ivyo bizoshoboka kubera ubwo buhinga bubika amakuru ku buryo uwuriko aragira amatohoza abona neza uko ibintu biriko biragenda agaheza agafata ingingo ibereye.

Kurihira ibidandazwa amakori mu kuvyinjiza

Ibivuko birafise uburyo bikora bituma hasabwa umurundo w’impapuro nkenerwa, guhana amakuru afatiye ku ruja n’uruza rw’ibidandazwa. Ivyo rero bikoranye ni intambamyi ikomeye ku mashirahamwe matomato.

Izo mbuga zitwa Blockchain zirorosha ibikorwa zikoresheje ubuhinga bwa none bigatuma umuntu akwirikirana ibidandazwa canke ibintu vyiwe vyoroshe, inzego yari kwitura ngo zibimukorere zikagabanuka kubera vyinshi  bikorwa na rwa rubuga ivyo bigatuma haboneka akunguko ku mwanya no ku mafaranga ndetse bigatuma n’ubutunzi bwiyongera mu rudandazwa ku mirwi itari mike kuko badandaza vyinshi bakinjiza menshi.

Inyungu mu vy’ubutunzi zifatiye kw’ikoreshwa rya ya mahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi.

Ubuhinga bwa Blockchain biratanga icizere ko mu gihe urungitse amahera atumbera mu bubiko bw’uwo uyarungikiye mu minota mike cane. Bisigura ko bimwe vyo gucereza ibintu kubera imisi ya karuhuko, kubera uwari kubikora arushe, kubera intambara yadutse ahantu canke ibiza vy’ingwara canke ugasanga i banki iri kure yaho uherereye.

Kuriha amahera ucishije ku mbuga ngurukana bumenyi be no gushira umutahe mu rudandazwa.

Urubuga Blockchain rurorosha ibijanye no guhanahana amahera mu bihugu bitandukanye, hagati y’ibigo bitandukanye, mu buryo buzimbutse kubera ata bindi bisata acamwo. Mw’ihanahana ry’ibidandazwa kanaka, abinjiza ibintu canke ababishora be nama banki ibintu vyaho biciye mwizo nzira birikwegura ku bijanye no kurungika amahera, ubwishingizi be n’impapuro zisabwa, iyo ndinganizo ifatiye ku mpapuro iratuma ibidandazwa biteba mu nzira ndetse no kuriha ibikenewe vyose bigatwara igihe kinini. Ubuhinga bwa Blockchain buratanga intumbero irashe ifasha abajejwe gusuzuma ivyo bintu bokoresha kugira bamenye ko biciye mu mategeko canke bitayakurikije,  ivyo bigakorwa mu mwanya muto kandi bigakoresha n’uburyo buke.

Mukurangiza, ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika birafise vyinshi vyokwunguka mu gukoresha ubwo buhinga kugira ibikorwa bihakorerwa bitange umusaruro mwiza. Biragaragara ko ubuhinga bushasha nka Blockchain bunyegeje akunguko kanini ku bijanye n’iterambere ry’utunzi muri Afrika.

Blockchain twovuga ko ikiri ku rugero rw ‘amavuko, ariko bigaragara ko ifise intererano ikomeye ku butunzi, ibikorwa vy’ibanze hamwe no gushira Afrika ku murongo. Ubwo buhinga burashobora gufasha abanyafrika gusuzuma ubutunzi bwabo.

Blockchain yategerezwa gufatwa nk’urupfunguruzo rwo kwugurura agasandugu kose karimwo ibikoresho nkenerwa bifasha mwihanwahanwa ry’ibintu. Kugira ubwo buhinga buhurumbirwe na benshi, harakenewe kwigisha abakenera ico gisata bose, ukwo bangana kwose, bakamenya ivyiza biri muri ubwo buhinga canecane ukuntu ubwo buhinga buzimbutse.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N