Kwandika mu buhinga bwa none impapuro ndangamavuka z’abana muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo: igikorwa kitoroshe na bukebuke.

Vyatohojwe na Bernardino SEBAHIRE, Umushakashatsi. ISDR/ Bukavu

Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ni kimwe mu bihugu bike vyo kw’isi kidashobora gutanga ibitigiri kanuni vy’abanyagihugu baco. Ibitigiri bitangwa n’intwaro biri hagati y’imiriyoni 80 ni 100 y’abantu, ariko ni ibitigiri ngereranyo.

Turazi ko aho vyari bishinguwe mu bisata bijejwe gukwirikirana igwirirana ry’abantu vyononywe  n’intambara zo muri kahise kico gihugu kuva kicikukira muri 1960. Ikindi kandi kubera abantu batigishijwe ibijanye no kwandikisha abana, ibitigiri vy’abana bavuka ntibandikwe biguma vyiyongera. Mu ntara zimwe zimwe ibitigiri vy’abana bafise imyaka iri musi ya cumi (10) batanditse mu bitabo ndangamavuko birashika 90%.

Iyandikwa ku buhinga bwa none ry’ivyanditswe mu gisata kijejwe ivyigwirirana ry’abantu be no gutororokanya ibitigiri nyezina: Ishigwaho ry’ibikoresho vy’ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru mu ntumbero yo kwandika ku buhinga ngurukana bumenyi ibikorerwa mu gisata c’irwirirana ry’abantu muri Afrika.

Ubuhinga bwo gutumatumanako Amakuru burafise ubushobozi bwo guhindura no guteza imbere igisata c’iyandikwa ry’ibikorwa bijanye n’irwirirana ry’abantu hamwe no kuronka ibitigiri kanuni vy’ico gisata bigaca biheza bigakorwa igihugu cose, bigakorwa kumwe mu ntumbero yo guteza imbere ico gisata, kwegeranya amakuru y’ico gisata yavuye irya n’ino , kuyabika  neza akingiwe kandi bigatwara n’uburyo buke. Ayo makuru iyo akoreshejwe neza, arafasha kumenya ibijanye n’irwirirana ry’abantu kw’isi, gushiraho ibijanye n’amakarata karanga muntu, ibisata bijanye, ibisata bijanye n’irwirirana ry’abantu hamwe n’ivyo abantu bakenera muri ivyo bisata, kumenya ibitigiri vy’abantu nyakuri, biri ku gihe bivuye mu bikorwa vy’ibisata vy’igwirirana ry’abantu.

N’ubwo ibihugu vyinshi biriko biratera imbere muri ico gisata,  Kongo iracakwega amaguru. Babandanya bandika abantu mu makaye. Mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, i Bukavu muri komine ya kadutu, umupfasoni atwara igisata kijejwe ivyigwirirana ry’abantu yatubwiye ibi bikurikira: Ku bana cumi bavutse, umunani nibo bandikwa ku gihe, ni ukuvuga imbere y’imisi 90, ivyo vyatumwe n’inyigisho zitangwa na komine ku ngo n’imiryango. Ariko ico gisata kijejwe igwirirana ry’abantu nta bikoresho gifise vyo kwandika abo bana ku buhinga ngurukana bumenyi. Komine ya kadutu, imwe muzibamwo abantu benshi mu gisagara ca Bukavu, irimwo abantu ibihumbi 450 muribo ibihumbi 285 ni urwaruka. Uwo atwara ico gisata c’irwirirana ry’abantu avuga ko haheze imyaka nka 20 akarihirijwe ubwenge mu bijanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi abifashijwemwo n’ishirahamwe ry’abigenga riharanira agateka ka zina muntu . Ku musi ibiro vy’ico gisata kijejwe igwirirana ry’abantu kirandika abana 10.

Kwandika abavuka hakoreshejwe ubuhinga ngurukana bumenyi bisa n’ibiriko birahurumbirwa mu bihugu bitari bike. Muri Namibiya, aho iyandikwa ry’abavuka ryababa ibice 80%, ivyo kubandika hakoreshejwe ubuhinga ngurukana bumenyi birateye imbere cane. Eka na Mozambique yarateye intambwe mu gukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi muvyo kwandika abantu mu bisata vyo ku rugero rutandukanye.

N’ubwo biri uko, Afrika irafise ikibazo kidasanzwe co gukoresha ubwo buhinga ngurukana bumenyi, ni abantu bake bashobora gukoresha ubwo buhinga cane mu bakorera mu gisata co kwandika abantu. Mu bihugu vyinshi, benshi bakoresha ivyo kwandika mu bitabo be no ku buhinga ngurukana bumenyi icarimwe muntumbero yuko bizokwandikwa hakoreshejwe ubwo buhinga. Mugukuraho izo ntambamyi zijanye no gukoresha ubwo buhinga, Ubumwe bwa Afrika bwaratanguye mu mwaka wa 2020 umugambi wahariwe ubwo buhinga ngurukana bumenyi 2020-2030, uwo mugambj urashira ahabona uruhara rw’ubwo buhinga mu kwiyumvira imigambi mishasha ijanye n’ihangiro 2063 ry’ubumwe bwa Afrika be n’umugambi urama w’ibihugu vyose vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONI.

« Dutegerezwa guhindura uko twakora ibintu kandi dutegerezwa guhindura kubandanya dutera intambwe tugana inyishu zo kandi zishikira  bose zivuye kuri ubwo buhinga ngurukana bumenyi. Mu kwandika ku buhinga ngurukana bumenyi ivyari bisanzwe vyanditswe muri vya bisata bijejwe igwirirana ry’abantu no mu kubikwiragiza irya n’ino nk’inkuru zukuri, bizodufasha gutunganya neza ubuzi, ico naco ni ikintu gikomeye cane cane ku bana baba mu burere bwa kure, canke uburere burimwo intambara canke uburere bwahuye n’ibiza bigatuma bahunga nk’uko tubibwirwa n’umwigisha wa kaminuza Harrison Victor, asanzwe ajejwe n’ivyubutunzi mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Gutanguza isekeza ryiswe izina ryanje nta numwe vyarateye imbere ibikorwa vyerekeranye n’ubutungane bw’abana, hisunzwe ca kibazo nkoramutima co kwandika abana bavuka na canecane ko ibikorwa be nivyo bibitse ku bisata vyo ku buhinga ngurukana bumenyi . Ni igikorwa c’urunani gitanga inyungu ku mpande zose ».

N’ubwo iryo terambere ry’ubwo buhinga ritanga icizere, Maria – Petero Poicier, umuyobozi wa karere muri UNICEF ku mugabane w’Afrika y’uburengero no hagati, asigura ko ingingo zikomeye zitegerezwa gufatwa kugira ngo ubwo buhinga bukwire hose mu mwaka wa 2030. Twarabonye ubushobozi bwigaragaza iyo twatatanije ico gisata co kwandika abana n’igisata c’ubuvuzi ariko birashobora no gutera imbere kurusha.

Muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ibice bishika 80% vy’abavuka bavukira ku mavuriro bigatuma ibice 38% baca bandikwa bakivuka.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N