Kivu y’Uburaruko Intambara y’Umuhari M23 be no kunyenyagura igice c’ubuseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Vyatohojwe na Bernardino SEBAHIRE

Umushakashatsi CERPRU/ ISDR – Bukavu

Igice ca Rutshuru ni urubuga rw’intambara hagati y’igisirikare ca Reta ya Kongo ( FARDC) hamwe n’umuhari witiriwe 23 Ntwarante ( M23) , haraheze amezi atatu Ubu. Umurwi ugwana M23 niwo wigaruriye igisagara ca Bunagana ku rubibe intara ya Kivu y’Uburaruko ihana n’Urwanda na Uganda. Bunagana ni igisagara gikomeye c’ubudandaji, gicamwo ibidandazwa, cegeranirizwamwo ibihumbi vy’amadorari ku ndwi avuye mu ma tagisi n’amakori ku bidandazwa vyinjira. Umurongo w’intambara uri hafi y’ico gisagara, igisirikare ca Kongo gisanzwe gifise ibirindiro ku kiraro ca Rwankuba, ku birometero 25 uva ku rubibe.

Ubuseruko bwa Kongo, busanzwe busangiye urubibe n’igihugu c’Urwanda, hama umutekano muke buri musi, uhungabanywa n’imirwi ishika 10 yitwaje ibirwanisho kugira bigarurire ubutunzi buva mu butare  buri muri ako karere, busanzwe bucukurwa n’isi yose kugira hakorwemwo imodoka zikoresha umuyagankuba, imashini nyabwonko ngendanwa be n’ama terefone ngendanwa. M23 n’umwe mu mirwi y’abitwaje ibirwanisho ikomeye, ukaba waragize ibitero vyinshi cane muri uwo mwaka ugirako ufata igisagara c’ubudandaji gikomeye mu buseruko bwa Kongo.

Ni iyihe moteri ya M23?

Kuvuga ko uwo muhari ukwiye kurabwa neza n’isi yose ntibisigura ko umwizero wo kuronka inyishu wegereje. Mu ntimatima y’iyo ntambara harimwo ingorane zikomoka ku Rwanda, abatware bo hasi be na Reta ya Kinshasa. Kuva 1996, akarere gakikije Goma cane cane mu misozi miremire ya Massi na  Bwito, niho haba abimukira bava mu Rwanda, hagatwarwa n’abarongozi bafitaniye imigenderanire n’umugambwe uri ku butegetsi mu Rwanda. Ako kahise katumye abatware bo hasi be n’uburere batwara bagira urunani ntamenwa mugushira inguvu hamwe zishingiye ku nyungu zumwumwe, gufatana mu nda kw’amoko be no kutizera Reta ya Kinshasa. Ico twomenya, urwo runani ruriko rurasambuka ariko ntacizere kinini ko ruzozimangana gose canke ngo ruhindure ingene rukorana na Kinshasa.

Haraheze imyaka 10 hatanguye umuhari M23, nta nyishu nimwe yukuri iratorerwa ku meza y’ibiganiro. N’ubwo muri Nyakanga 2012, Kinshasa yari yaganiriye mu mpisho n’umuhari M23, abarongozi mu gisirikare ca Kongo bagumye bashigikiye ko bikenewe gutora inyishu iciye ku rubuga rw’intambara. Hambavu y’ibitero vya gisirikare vyabangamiye abasoda ba Reta mu misi iheze, hararungitswe ibihumbi vyabasoda ba Kongo muri Kivu zose kugira bategure iyindi ntambara. Biragaragara ko abafasha mvamakungu batiteguriye gufasha abasoda canke kuduza urugero rw’amafaranga bahora batanga mu gukomeza amahoro muri Kongo. ( MONUSCO yakoresha kugeza ubu umuriyaridi umwe n’imiriyoni amajana ane y’amadorari ku mwaka). Muri uwo mwanya M23 yaciye yihwabira ako gahengwe k’intambara kugira yunge ubumwe bushasha n’iyindi mirwi yongere ihe inyigisho ibihumbi nibihumbi vyabinjiye bashasha.

Inguvu z’ibiganiro vy’akarere bihagaraririwe cane cane n’umuryango CIRGL vyarashitse kw’ishingwa ry’igisirikare ataho cegamiye kijejwe kugira ibitero ku mihari ya M23 na FDLR. Usanga umwitwarariko w’umutekano ugoye gukwirikirana, inyungu z’ubutunzi zica zizimangana. Inyungu z’Urwanda mwicukurwa ry’ubutare muri Kongo mu ntambara zo kuva 1996 – 2003 zaragaragaye, igisata c’ubutare mu Rwanda caciye gitera imbere biboneka muri iyo myaka, mu mwaka wa 2011 carinjiza imiriyoni 164 z’amadorari y’abanyamerika.

Intambara canke ibihe bitoroshe vyatanguye ryari?

Intambara yubu yatanguye muri Munyonyo 2021, aho umurwi wa M23, wari usa n’uwazimanganye, wakubise bwa nkuba ibirindiro vy’igisoda ca Reta ya Kongo mu bigwati vya Chanzu na Runyonyi, mu ntara ya Kivu y’Uburaruko, neza na neza mu burengero bw’imbibe za Uganda n’Urwanda. Ivyo vyabaye mu kwezi kumwe n’aho ingabo z’ubuganda zajanwa muri iyo ntara kugira zikwirikirane umurwi witwaje ibirwanisho ugwanya Reta ya Uganda bita ADF, usanzwe utegurira ibitero muri Kivu y’Uburaruko muri Ituri. Muri Gitugutu na Munyonyo 2021, Uganda yaratewe ibitero vyubwihevyi hakoreshejwe amabombe, ico gitero umukuru w’igihugu ca Uganda yacegetse ku muhari ADF.

Bunagana : Umuhari M23 waremeje Ku mugaragaro ukwigarurira uduce tumwe tumwe.

Uwuvugira umuhari M23, Willy Ngoma yaramenyesheje ari Bunagana ko Umuhari avugira ugiye gusubira kwugurura umupaka hagati y’iyo ntara ya Kongo (Kivu y’Uburaruko) be nintara yitwa Kisoro y’igihugu ca Uganda. Ni inkuru yatangaje igihugu ca Kongo cose yanatumye dutahura kurusha uruhara rubi rwa Uganda mu kwinjira kw’Urwanda k’ubutaka bwa Kongo. Kubera iyo ngingo yo gutegeka Bunagana, umuhari M23 uragaragaje uruhara rw’urwanda na Uganda mu kwigarurira ubuseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo isi irorera be nubumwe bwa Afrika burorera tutibagiye n’uruhara rwa Kenya. Ingaruka mbi ntizizoteba kwibonekeza kubera amasezerano ashiraho urwego rw’igisirikare c’akarere rushasha ashira ku rugero rumwe Kongo na M23, umuhari Reta ya Kinshasa ihamagariwe kuganira nawo.

Ivyo vyose ni mu gihe ivyo bihugu vyose vyavogereye Kongo bizi ko Reta ya Kinshasa inebagura ayo masezerano afise intumbero yo kwinjiza imirwi y’abarwanyi mu gisoda ca Reta. Umutego uri kuri uwo murongo nyene. Kubera ivyo bihe bitoroshe, amashirahamwe amwe amwe adaharanira ivyicaro vya poritike akorera mu ntara za Kivu y’Uburaruko na Kivu y’ubumanuko ntibahengeshanya kwiyumvira inzira zo kuva muri ayo magume. Déo Buuma, arongoye ishirahamwe riharanira amahoro n’ugufatana munda (APC) aratanga impanuro ziwe: « Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo irakeneye kwubaka imigambi n’inani zo gukinga aho gushiraho inani zo kurwanya ivyashitse. Igihe umurwi ugwana uteye igice c’igihugu cawe, mutegerezwa kwigizayo uwo murwi hakoreshejwe inguvu z’umuriro mu nyuma inzira z’ibiganiro zigakurikira. Ntushobora gutangura inzira z’ibiganiro mu gihe hari igice c’igihugu cawe camaze kwihagirwa n’imirwi mvamahanga, vyoba ari ibihushane. Umuhari ugwana utegerezwa gusamburwa n’inguvu za gisirikare imbere yo kwiyumvira inzira z’ibiganiro ».

E.N