UNISWAP : Icegeranyo c’ingingo ngenderwako

Icegeranyo c’ingingo ngenderwako mu guhanahana ibintu mu vy’ubutunzi, UNISWAP ni kimwe mu bisata vyagize ico bishikako muri bino bihe kw’isi hari umuzo w’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi.

Ikibazo nyamukuru kituraje ishinga ni ukumenya icarico UNISWAP be no gutahura ingene ikora. Ikibazo twacumvise, none UNISWAP n’iki? kugira dutahure neza UNISWAP reka duce ku rubuga Blockchain Ethereum. Ubwo buhinga bukorera kuri urwo rubuga. UNISWAP nindinganizo ihurikiwemwo n’umurwi w’indinganizo ku buhinga ngurukana bumenyi zikorera ku rubuga Blockchain Euthereum. Nk’uko mubizi neza ni nk’icegeranyo c’ingingo zigenga ihanahana ry’amakuru, twotanga akarorero ka Bitcoin, idufasha kubika no gutanga amakuru muburyo bukingiwe ata n’uwundi biciyeko ata rindi suzumwa ribaye. UNISWAP irashobora guhanahana ivyo twita tokens ata rwego na rumwe rw’ama Banki yegamiye. Iyo ndinganizo ikoreshwa ubuhinga twita Bicornes kugira guhindura ya ma tokens bishoboke.

Gutahura UNISWAP, bisaba ko umenya uko ikora. none ikora gîte? nk’uko twabivuze hejuru, UNISWAP ni indinganizo igabuye ku bisata kandi ishika henshi, yigenga mu gukora, ata rwego rw’ama banki ruyisuzuma. Ni neza na neza indinganizo inyaruka, vyinshi vyikora. Ni ukuvuga ko ata twa dukaye dukenewe k’umunywanyi, uwukoresha ubwo buhinga bwa UNISWAP arashobora gukora ibikorwa vyiwe vyo kurungika canke guhanahana ibintu ata wundi canke ata rundi rwego biciyeko ngo ruvyemeze. Ico rero ni ikintu gikomeye kiranga ubwo buhinga gisanzwe kiranga kw’isi nzima ibijanye n’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Ubwigenge mu bijanye n’amategeko araba ivy’ama banki: nta muntu nta Reta, nta shirahamwe canke banki isuzuma canke ngo ikwirikirane ibikorwa vyo kuri urwo rubuga. Abakoresha Blockchain bakorera mu runani rw’umuhora rufise amategeko arugenga . Ni intunganyo vy’ukuri ikorera vy’ukuri mu muhora ufise amategeko azwi n’abakoresha uwo muhora.

Kugira ukore igikorwa kuri uwo muhora nko guhanahana amahera, utegerezwa kuba uri ku muhora, ukwirikiza n’amategeko yawo. Ivyo bikorwa iyo bikozwe kuri uwo muhora ntibiba bigihindurwa canke ngo bikurwe k’urubuga.

Uwukoresha ubwo buhinga wese arashobora kuja mu bisata bitandukanye vy’urubuga afashijwe na bimwe twita token. Iciza kindi gishimwa n’abadandaza bakoresha indinganizo ya UNISWAP ni ubushobozi bwo gushinga ayandi masoko be no gutanga amahera kugira ukorere kuri UNISWAP, bisaba ko uba uyafise, kugira uyaronke n’aho uba wayaguze. Nk’uko twari twabivuze, UNISWAP ishingiye ku rubuga Blockchain Euthereum. Kugira ugure ikintu kuri UNISWAP, utegerezwa kuba ufise ayandi matungo inyuma afise ubushobozi bwo gukorana na Blockchain Euthereum. Nk’uko biri ubu ntibikunda kugura ama UNISWAP (UNI) ukoresheje amahera y’abanyaburaya (euro), mu kubikora bisaba ko ubanza guca ku rubuga rwo kuvunja rwemera aya ma euros hanyuma ugaca ugura ama Éthers ( ETH), mu nyuma igica gikorwa ni ukuvunja ama Éthers kuri rwa rubuga, rugaca ruguha uburyo urihamwo mu murwi ugizwe na ETH / UNI.

Birakenewe kwuguruza ububiko kuri UNISWAP kugira ushobore gukora neza kuri urwo rubuga rw’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi. Hariho umutungo udasanzwe kuri UNISWAP. Umutungo uzwi cane kandi ukoreshwa ni uwitwa meta mask. Ku muhora ngurukana bumenyi ivyo ushatse urabipakurura ukabironka. Meta mask nayo nyene urayironka uciye ku muhora wa UNISWAP kandi iyo ndinganizo ikora nk’uko ari iyagurwa rya UNISWAP. Ico gikorwa kirashobora gusa n’ikigoye ariko vyose vyarateguwe kugira igikorwa corohe. Iyo uhejeje kuronka MetaMask, n’ukuvuga wuguruye bwa bubiko, haba hakenewe ko uyishireko ama ETH canke Tokens ERC-20, iyo ukoresheje urundi rubuga kugira urungike amahera canke ugure ama Ethers, ububiko bwawe mu kuvyakira bisaba ko buba bwugururiwe kuri wa muhora wa UNISWAP, biciye kuri MetaMask.

Nk’uko twandika ETH dushaka kuvuga Ethereum, turandika UNI dushaka kuvuga UNISWAP, bisigura ko UNI Ari token ya UNISWAP. ariko n’ubwo biri uko ntitwohava tubibona ukutariko ngo tuvuge ko UNISWAP ariyo muzi ariyo ntango ya yandinganizo yo kuvunja. Birashoboka ko dushiraho agasandugu k’amahera aho uwariwe wese ashaka ama UNI aterera. Ni nka kurya umuntu ashira amahera muri banki akazoyakoresha umugambi. Ivyo bimaze kuba abasize amahera muri ka gasandugu baca baronka ama UNI nk’uko bakoze. Twaragerageje gutahuzanya icarico UNISWAP n’ukuntu ikora. Ico twofata rero nuko ari indinganizo yo guhanahana amahera, kuvunja biciye kuri rwa rubuga Blockchain Euthereum kugira ivyo bikorwa bikunde. Ikindi twomenya n’uko UNISWAP iri mu rutonde rw’imbuga zikora mu bwigenge mu bikorwa vyose bijanye n’aya mahera yo ku bushinga ngurukana bumenyi. UNISWAP rero yaje ishimangira iciyumviro co gukumira ukwivanga kw’ama banki canke inzego za Reta muri iryo hanahana ry’amahera yo ku buhinga ngurukana bumenyi.

Vyahinduwe mu kirundi na E.N